Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ibiciro vy’ibitiro vyasubiye kugabanywa
Burundi : Ibiciro vy’ibitiro vyasubiye kugabanywa
mercredi 11 Ntwarante 2015, par
Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi bwafashe ingingo yo kugabanya igiciro c’igitoro, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Ntwarante uno mwaka.

Muri iryo gabanywa ry’ibiciro vy’amazutu na Peterori, Iritiro ya essence yagumijwe ku mafaranga igihugu n’amajana umunani na mirongo umunani(1880F). Amazutu yavuye ku mafaranga igihumbi n’amajana icenda na cumi aja ku mafaranga igihumbi n’amajana umunani na mirongo umunani ku ritiro(1910 à 1880 Fbu le litre), ni kuvuga ko cagabanuwe amafaranga mirongo itatu gusa. Peterori yavuye ku mafaranga igihugumbi na majana atandatu na miringo ibiri, ija ku gihumbi na majana atanu na mirongo umunani,(1620F a 1580 FBU) ni kuvuga ko bagabanijeko amafaranga mirongo ine gusa.
Muri iryo tangazo basohoye bakaba bavuga ko bagabanije ivyo biciro kuko no kw’isoko mpuzamakungu vyagabanutse. Reta y’ Uburundi ikaba igabanije ico giciro c’igitoro inyuma yaho abo mu mashirahamwe n’amasendika ahurikiye muri rwa runani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye,aguma asaba Reta ko yogabanya ibiciro gushika ku mafaranga 1700 kw’iritiro kuko no kw’isoko mpuzamakungu vyagabanutse. Ariko rero muri ayo mashirahamwe ntibashimye na gato, kubwabo Reta irakwiye kugabanya kandi, kanatsinda iguma inunuza abanyagihugu kuko ikurako amafaranga 700 indwi yose kw’iritiro.
Floxella Karire
Messages
11 Ntwarante 2015, 12:14, par GAHINZI
Uko n’ukabanya canke ni ikina mico ! none ko igikoro ko cagabanijwe niyo ntica ntikize, akanyungu kuwinguruza afashe bus nakahe? Ubundi iryo gabanywa ry’igitoro hungutse nde ? Leta n’igerageze utwareko ama taxes make kugira umunyagihugu ashikirwe n’iryo gabanuka ry’igitoro.
11 Ntwarante 2015, 12:26, par NDAVUGASIMVURA
bariko bararondera amajwi muraba mwumva, rindira mubatore muzobibona ndavugasimvura.