IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Indwi yahariwe Ububirigi iriko ihimbazwa gushika kuwa 30 (...)

Burundi : Indwi yahariwe Ububirigi iriko ihimbazwa gushika kuwa 30 Ntwarante

mardi 25 Ntwarante 2014

Guhera ku munsi wa mbere, mu Burundi hariko harahimbazwa indwi yahariwe Ububirigi, indwi yama ihimbazwa uko umwaka utashe, guhera mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’2010. Mw’ihimbazwa ry’iyo ndwi ibikorwa bitari bike bikaba bitegekanijwe.

Ku munsi w’ejo niho hugururwa icese indwi yahariwe Ububirigi. Kubw’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Annonciate Sendazirasa yuguruye ivyo bikorwa ku munsi w’ejo, Ububirigi busanzwe bukorana cane n’Uburundi mu gisata c’ubutunzi ku buryo ibiharuro bigera kuri 13 kw’ijana vy’ibidandazwa bishorwa muri ico gihugu biva mu Burundi, aho ibice bitanu vy’ibidandazwa navyo arivyo biva mu bubirigi biza mu Burundi.
Umushikiranganji Sendazirasa yahamagariye abagwizatunga b’ababirigi kuzana imitahe yabo mu Burundi, aho avuga ko Uburundi bwagwijije uturusho ku bagwizatunga b’abanyamahanga.

Kuri uno munsi wa kabiri naho, ibirori vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi, Marie Rose Nizigiyimana. Uwo mushikiranganji yibukije ibitari bike biri muri vya bitabo ngenderwako vyo kurwanya ubukene arivyo vision 2025 na CSLP2, aho ahanini ivyashizwe imbere ari uguteza imbere uburimyi n’ubworozi, ubutare n’agataka, umuyagankuba, inyubakwa, hamwe n’igisata c’ingenzi n’igisata c’abikorera utwabo. Iyo nama rero yabaye kuri uwu wa kabiri, ni akaryo ko guhanahana ivyiyumviro kuvyokorwa kugira Uburundi butere imbere bubifashijwemwo n’abasanzwe babufasha, na cane cane ububirigi. Umushikiranganji Marie Rose Nizigiyimana yashimishijwe no kubona ibiza kwigwa muri iyo nama ari ibisanzwe biri muri iyo migambi, abagwizatunga b’ababirigi bakaza kwibonera uturusho duhari mu Burundi.

Tubamenyeshe ko iyo ndwi yahariwe Ububirigi yatanguye kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante 2014, ikazorangira kuwa 30 Ntwarante. Ibikorwa bitari bike nk’amahayanishwa, anamana yo guhanahana ivyiyumviro, bikaba vyarategekanijwe mu ntumbero yo kwigina iyo ndwi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.