IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Businde : Abayoboke amajana atanu ba Zebiya basubijwe inyuma

Businde : Abayoboke amajana atanu ba Zebiya basubijwe inyuma

mardi 18 Munyonyo 2014

Abayoboke ba wa mwigeme Zebiya Ngendakumana bagera kuri 500 birukanywe n’igiporisi mu gihe bariko baragerageza kuja gusengera i Businde.

Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 18 Munyonyo, abagera kuri 500 bayoboka Zebiya Ngendakumana bakaba baburijwe ku musozi wa GACURU muri komine ya Gahombo muri iyo ntara, mu gihe bariko baragerageza kwegera umusozi wa Businde. Batatu muri abo bayoboke bakaba bafashwe ubu bakaba bariko barabazwa mu giporisi ku mvo z’amatohoza.

Tubibutseko Zebiya Ngendakumana ariko araronderwa mu gihe nawene ari mu bagirijwe gutanga inyigisho zica ivutu abantu, ariko kugeza n’ubu akaba atawuramenya iyo uwo mwigeme yazimanganiriye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Murya Imana yaraturinze ivyitwa gusitanurana nabisi, umwa uko ijambory’Imana rivuga rivugango: Ahomuzogenda bakanka kubakira (kubazimana) murazokunkumura umukungugu womubirenge mazemwigire, bishatsekuvugiki? Abobantu itirira zebiya iyababubaha Imanavyukuri ntibababakomeza kwihatira kuguma basitangurana nabajejwe umutekano ahubwo bababararetse gusubira kuhaza ariko umwumwewese ahari agasengera abobababuza kuba aho Businde kukomuraziko inyishunziza tuyisanga kw’Imana, nayobakomeje ukwo bizodufasha kumenyako bobabayoborwa nawa Yezu abashakashatsi babongereza baherutse kwironderera ngoyatoye umugore akavyara abana 2 sinimukako bavuzeko bavutse aramahasa!?

  • Ivyo bijuju bikurikira uyo munyamareba Zebiya ni bituzwe

  • zebiya nibamureke none ko ariko arafasha kwigisha ijambo ry-Imana jewe ntakibazo mbibonamwo pe. ikibazo azana ntibatavugira hejuru ni concurence kuko nawe yohavuye aronka icicumi.Ibindi vyose ntafatiro bifise. Erega n-amakungu aramwemera kandi bitebe bitebuke baba police bamwicira abanywanyi ubutungane burabata muri yompi aho bukera.Kandi na Edouard cd Gabriel ntibazobavugira eka na Rwembe ntahava.Abama bakora amakosa kugira banezereze abo ba dd impembo yabo buca bayironka iyo nayo siyindi nukubihakana hahahahahhhh buca bishura ivyobakoze pe kdi ntivyoroshe kubakingira ikibaba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.