Accueil > Amagara y’abantu > Cankuzo : Abaganga bipfuza kuba hafi y’umwana yavukanye amaguru 3 n’amaboko (...)
Cankuzo : Abaganga bipfuza kuba hafi y’umwana yavukanye amaguru 3 n’amaboko 4
mercredi 8 Ndamukiza 2015
Umwana aherutse kuvuka mu ntara ya Cankuzo afise amaguru atatu hamwe n’amaboko ane, bamwe mu babanyi bamubona nk’uwuteye ubwoba mu gihe abavyeyi biwe bo bamwakiranye igishika.

Uwo mwana yavutse kuri uyu wa 31 ushira uwa 1 Ndamukiza uwu mwaka, avyarwa n’umukenyezi yitwa Gloriose Miburo, wo muri komine ya Mishiha intara ya Cankuzo. Uwo mwana nk’uko abaganga babibwiye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru ABP yavutse neza, avukira ku bitaro vyo mu Kibimba, muri iyo komine nyene ya Mishiha. Uwo mwana nk’uko abaganga babivuga, amagara yiwe ameze neza, ndetse uretse ayo maguru yiwe atatu hamwe n’amaboko ane; ntayindi ngorane afise.
Aamaboko y’uwo mwana w’umuhungu uko ari ane arafatanye, abiri abiri akaba atandukanywa n’igikiriza, mu gihe amaguru yiwe atatu nayo, afataniye inyuma, amaja hepfo, mu bwicariro. Uretse iyo ngorane yavukanye y’ivyo bihimba birengako bitari bimenyerewe, imikino uwo mwana agira, ni imikino y’abandi bana bose bagira bakivuka, yerekana ko amagara yiwe yifashe neza.
Tukabamenyesha ko abaganga bo ku bitaro vy’i Murore bari mu bafashije mw’ivuka ry’uwo mwana, bamenyesha ko abavyeyi b’uwo mwana, aribo Gloriose Miburo na Piyo Ndayiragije, bakwiye abantu bobaguma hafi, mu ntumbero yo kubaremesha, no kubaha impanuro, uko borera uwo mwana, muri iyi minsi ya mbere, narirya ari ubwa mbere havutse umwana aremye ukwo, muri iyo ntara. Uwo muryango ukaba wari usanzwe ufise abana babiri.
Aristide Nizigire
Messages
8 Ndamukiza 2015, 18:13, par kaka
Mana urigitangaza
8 Ndamukiza 2015, 21:52, par Prosper
Imana Ukwiguhaye Nikwowakira
8 Ndamukiza 2015, 21:56, par CLAUDE
IMANA IMUFASHE
9 Ndamukiza 2015, 10:57, par Bergen Dirk
Dukwiye gusenga kuku ivyoturikoturabona samahoro uwusenga nabandanye asenga
9 Ndamukiza 2015, 12:24, par desy
nagira mpanure abantu bivugisha ngo barababajwe nuko baguma bavyara abahungu gusa canke abakobwa gusa; iminwa bagashibura ngo Imana ntibacangiye abahungu n’abakobwa.....bakwiye gusaba ikigongwe Imana Rurema. mbega kurizwa nokuvyara igitsina kimwe gusa, abavyara abana bamugaye bobo borira gute? ivyo bamwe barirana....abandi barabiririra. Tube hange!!
9 Ndamukiza 2015, 15:15, par Niyonzima Theoneste
Isi Irashaje Yesaraje Uwomuryango Urere Umwananeza
9 Ndamukiza 2015, 21:21, par omar NDIKUMASABO
nibihangane ntakundi.umwana azokura IMANA Iramubona
9 Ndamukiza 2015, 22:04, par Ndayisenga daniel
Vyabay uko kuabwumugambi w’Imana
9 Ndamukiza 2015, 22:39, par HABIMGABWA Didier
Abo Bavyeyi Nibafashwe,baremeshwe Hanyuma Bareke Umugambi W’Imana Uranguke
9 Ndamukiza 2015, 22:50, par Bucumi christophe
Ndaremeshe je abavyeyi buwomwana ko borema kuko arinteguru yi mana? nkukoyamubahaye naninachogituma azobaho imana ishimwechane am
21 Ndamukiza 2015, 19:39, par Nduwayo Fabrice
Umuvyeyi wuwo mwana niyihangane kuko ari integuro y’imana.
7 Gitugutu 2015, 15:36, par Minani Fulgence
Tugerageze Gusengera Uwo Mwana Kugirango Turabe ko Yomera Nkatwe Imana Idufashe
26 Ruheshi 2016, 11:58, par SINZUMUSI JOSEPH
Jewenitwa Sinzumuri Joseph Mbamucendajuru Muntaranyene Yacankuzo Icovuga Kuruwomuryango Borema,bakamenya Kw.Imana.Itabanka Kuko.Imana Yugaye Ntawurura Niyuguruye Ntawugurura Ahubwo Nibiyerez.Imana Cane Kujwivyigomba Nivyovyiza Hama Reta Ibafashe Nimfashanyo Kukubishobora Guhinduka Mubuzima Murakoze
26 Ruheshi 2016, 11:58, par SINZUMUSI JOSEPH
Jewenitwa Sinzumuri Joseph Mbamucendajuru Muntaranyene Yacankuzo Icovuga Kuruwomuryango Borema,bakamenya Kw.Imana.Itabanka Kuko.Imana Yugaye Ntawurura Niyuguruye Ntawugurura Ahubwo Nibiyerez.Imana Cane Kujwivyigomba Nivyovyiza Hama Reta Ibafashe Nimfashanyo Kukubishobora Guhinduka Mubuzima Murakoze
4 Mukakaro 2016, 20:58, par MUGISHA JEAN MUGISHA
BANYAKUBAHWA JEWE NITWA MUGISHA JEAN MURUGARI KOMINE YA MUYINGA.NANJE MDABIPFURIJE UKWIHANGANA KUKO HAGERAGEZWA UW’IMANA IKUNDA NAMWE ISHAKA IRABE INGENE MWIFATA MURIVYO BIGERAGEZO .NANJE NDABAHAYE PORE
26 Munyonyo 2016, 21:14, par David BUTOYI
Nukuri Nanje Nitwa David Butoyi Mba Kumutumbawa BUHURANA,IMUNAGANO Komine N’intara Ya Muyinga.Nukuri Ndaremesheje Gloriose Numushingantah Piyo Nti Shimira Imana Muvugati Ewemana Uri Igitangaza!Nukur Bury Uwuhorah Azozararungik Ibint Kubiremw Kugir Arab Ukwizer Dufis.Nobahanur Kabuvyey Bamukund Gusumbabo2 baribafis Nabury Afis Nizongoran Zayo Magur N’amabok
8 Ntwarante 2017, 22:27, par Donatien
Imana Ifashe Uwomudyango