IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Cankuzo : Abaganga bipfuza kuba hafi y’umwana yavukanye amaguru 3 n’amaboko (...)

Cankuzo : Abaganga bipfuza kuba hafi y’umwana yavukanye amaguru 3 n’amaboko 4

mercredi 8 Ndamukiza 2015

Umwana aherutse kuvuka mu ntara ya Cankuzo afise amaguru atatu hamwe n’amaboko ane, bamwe mu babanyi bamubona nk’uwuteye ubwoba mu gihe abavyeyi biwe bo bamwakiranye igishika.

Uwo mwana yavutse kuri uyu wa 31 ushira uwa 1 Ndamukiza uwu mwaka, avyarwa n’umukenyezi yitwa Gloriose Miburo, wo muri komine ya Mishiha intara ya Cankuzo. Uwo mwana nk’uko abaganga babibwiye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru ABP yavutse neza, avukira ku bitaro vyo mu Kibimba, muri iyo komine nyene ya Mishiha. Uwo mwana nk’uko abaganga babivuga, amagara yiwe ameze neza, ndetse uretse ayo maguru yiwe atatu hamwe n’amaboko ane; ntayindi ngorane afise.

Aamaboko y’uwo mwana w’umuhungu uko ari ane arafatanye, abiri abiri akaba atandukanywa n’igikiriza, mu gihe amaguru yiwe atatu nayo, afataniye inyuma, amaja hepfo, mu bwicariro. Uretse iyo ngorane yavukanye y’ivyo bihimba birengako bitari bimenyerewe, imikino uwo mwana agira, ni imikino y’abandi bana bose bagira bakivuka, yerekana ko amagara yiwe yifashe neza.

Tukabamenyesha ko abaganga bo ku bitaro vy’i Murore bari mu bafashije mw’ivuka ry’uwo mwana, bamenyesha ko abavyeyi b’uwo mwana, aribo Gloriose Miburo na Piyo Ndayiragije, bakwiye abantu bobaguma hafi, mu ntumbero yo kubaremesha, no kubaha impanuro, uko borera uwo mwana, muri iyi minsi ya mbere, narirya ari ubwa mbere havutse umwana aremye ukwo, muri iyo ntara. Uwo muryango ukaba wari usanzwe ufise abana babiri.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.