IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chameleone > Inkuru > Chameleone n’umugore wiwe Daniellah ,Imyaka itanu iraheze

Chameleone n’umugore wiwe Daniellah ,Imyaka itanu iraheze

vendredi 7 Ruheshi 2013

Haheze imyaka itanu Chameleone n’umugore wiwe Daniellah bambikanye impeta . Uno munsi, igenekerezo ry’i 7 Ruheshi 2013 akaba ariho bahimbaje imyaka itanu irangiye babanye.Bakaba banezerejwe kukungene iyo myaka itanu irangiye babanye mu mahoro n’umwumvikano udasanzwe.

Kw’ igenekerezo rya 7/ Ruheshi /2008, niho Dr Jose Chameleone yinjiye mw’ishengero ya Bbina Church asezerana n’umwigeme witwa Daniellah imbere y’Imana ko bagiye kubana akaramata kugeza igihe bazotandukanywa n’urupfu canke Kristo agarutse.

Nk’uko Chameleone ubu ari muri Amerika yabisiguye biciye kuri facebook, avugako muri iki kiringo c’imyaka itanu amaranye n’umugore wiwe Daniellah, babanye mu mahoro ntangere eka no mumarushwa bacamwo, bafatikaniriza hamwe kurondera umuti nk’uko bari babisezeranye ku munsi bambikana impeta.

Daniella, umugore wa Chameleone
Ati, “umunsi nk’uyu mu myaka itanu irangiye, twakoze urubanza rwo gushingirwa , twagiranye amasezerano tunabishirako umukono ko tugomba kuzobana mu vyiza no mu bibi “mu bihe vyiza canke ibibi”. Nivyo, twasangiye ibihe vyiza mu gihe tumaranye kandi twanasangiye ibibi ndetse tuzobandanya muri iyi nzira kugeza dutandukanijwe n’urupfu .”

Chameleone na Daniella babanye mu vyiza no mu bibi
Uyu muririmvyi, yashimiye bikwiye umugore wiwe Daniella, ubwitange agaragaza mu kurondera inyungu z’urugo rwabo, kumurerera ibibondo neza, amushimira mbere vy’umwihariko k’urukundo yamuhaye.

Chameleone ubu akaba ari umwe mu baririmvyi bafise amafaranga menshi muri Afurika
Chameleoene abandanya avuga ati, “Daniella, urenze kuba nokwita umugore wanje, uri incuti yanje y’ikirenga, ni wewe muhanuzi wanje mukuru, uri ubuzima bwanje. Warakoze kunkunda, warakoze kumbabarira aho nakosheje, warakoze kumbera umugore yitanga kandi underera abana neza nk’uko navyipfuza ,ndanagushimira kuba umpora impande .”

Chameleone yongeye kandi gusezeranya Daniella kuzomukunda kugeza gupfa
Naho bagenda bagera mu zabukuru n’imyaka yabo igahinduka, Chameleone yasezeranyije umugore we kutazamuhemukira canke ngo atezuke mu rukundo.

Chameleone ati, “Reka turyohererwe iyi myaka 5irangiye tumaranye. Ndagukumbuye, n’abana bacu ndabakumbuye cane cane…N’ubwo tuzogera mu zabukuru n’imyaka yacu ikaduhindura, hari ikintu kimwe kitazigera gihinduka…nzobandanya ndugukunda…”

Chameleone ubu ari muri Amerika ahakorera ibiteramo yise Badilisha Tour, kuri uyu wa gatanu w’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2013 araririmbira muri Maine, mu mugisagara ca Washington DC akazoharirimbira ejo ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ruheshi 2013.

Abakunzi b’uyu muririmvyi muri Phonix AR azobateramira kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2013 , aho azobandaniriza muri Kansas kw’igenekerezo rya 21/Ruheshi /2013, asozereze mugisagara ca Chicago ahitwa Illinois,kw’igenekerezo rya 22/ Ruheshi /2013.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.