IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2016 : Congo irindiriye kumenya umurwi bazohura mu rukino rwa (...)

CHAN 2016 : Congo irindiriye kumenya umurwi bazohura mu rukino rwa nyuma

jeudi 4 Ruhuhuma 2016, par egide

Umurwi uzohura na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu rukino rwa nyuma umenyekana kuri uwu wa kane mu rukino ruza guhuza Mali na Côte d’Ivoire mu rukino rw’igice kabiri gishira ica nyuma, rubera ku kibuga (Stade) ca Kigali i Nyamirambo, igihe c’isaha icumi z’umuhingamo.

Urukino rwa Côte d’Ivoire na Mali ruza kuba rufise umusifuzi (arbitre) w’umunya-Misiri, Nlourredin Ibrahim, afatanije na Marengula Arsenio wo muri Angola, hamwe na Ahmed Hossam wo mu Misiri.

Umurwi uzokina na Congo mu rukino rwa nyuma kw’igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2016 igihe c’isaha cumi na zibiri n’igice z’umugoroba umenyekana mu mwanya muto w’urukino usigaye. Umurwi utsindwa muri urwo rukino uzoca uhura na Guinea, mu guhiganirwa ikibanza ca gatatu, aho naho akaba nyene azoba ari kw’igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2016, igihe c’isaha icenda, kuri Stade Amahoro i Remera.


IGIHE

Messages

  • Nishimiye bimwe bivuye kumutima ko abakinyi bomugihugu ca Congo igihugu kibanyi cagahugu kanje ku Burundi kezacane nkunda kakampimbara gikomeje kunezereza mwiyimikino.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.