IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD : Umugwi CVR niwo urekuriwe igikorwa co kurondera ibinogo (...)

CNDD FDD : Umugwi CVR niwo urekuriwe igikorwa co kurondera ibinogo rusangi

mercredi 17 Ruhuhuma 2016, par egide

Umugambwe CNDD FDD usigura ko abashaka ibiganiro bibera hanze y’Uburundi ari abashaka guhisha ukuri kuriko kuraronderwa kuri kahise k’Uburundi, bakarondera ukugabangana ibibanza mu nzego za Reta biciye muri Reta y’imfatakibanza. Uwo mugambwe umenyesha ko umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ukurekuriranira ariwo wonyene uzotanga umuco ku binogo rusangi bivugwa mu Burundi.

Uwo mugambwe CNDD FDD uvuga ko ariwo wonyene hamwe na Reta yawo, uhagarariye gukingira amasezerano ya Arusha.

Ikinyamakuru IGIHE gishimye kubashikiriza iryo jambo ryose rya CNDD FDD

ITANGAZO NO 003/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 17 RUHUHUMA 2016

Ababandanya bihambirira ku vyiyumviro vy’ihonyabwoko n’ibinogo bihambwemwo abantu benshi ni abo nyene batemera ibiganiro hagati y’Abarundi na wa Mugwi ujejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi (CVR)

1. Mu mwaka w’1959, bamaze kunanirwa gutembagaza ubutegetsi bwariho mu Rwanda, hari abanyarwanda bamwe baciye bisukira mu Burundi gusaba ubuhungiro. Uguhunga nta kibi kirimwo kuko ivyo bishikira abantu bose bo mw’Isi. Bashitse i Burundi barakiranywe urweze, ariko rero ingorane ni uko bahejeje guhabwa ubuhungiro n’ivya nkenerwa mu buzima, izo mpunzi zaciye zitangura gukoresha amarementanya n’ububeshi ngo ubwoko bw’inkehwa bwo mu Burundi bushobora gushikirwa n’ihonyabwoko nk’abavukanyi babo bo mu Rwanda. Buhoro buhoro, abategetsi bo mu Burundi b’ico gihe be no mu myaka yakurikiye baciye bategura ingene bazokora ihonyabwoko kugira ngo bitange ubundi bwoko nk’uko babihanuwe n’impunzi z’Abanyarwanda. Ayo marementanya y’ububeshi bw’abo bashitsi yashikanye kw’igandagurwa ry’Umuganwa Rudoviko Rwagasore mu 1961, ku bwicanyi bwahitanye Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe n’ubundi bwicanyi bwahitanye abantu benshi mu 1965 be n’ihonyabwoko ryo mu 1972-73. Ubundi bwicanyi bwinshi buzwi mu Burundi inyuma y’imyaka ya mirongo indwi gushika ubu, bwagumye bufise isano n’amarementanya mabi y’abakuru b’impunzi z’Abanyarwanda ;

2. Abiyizi muri ubwo bwicanyi n’ihonyabwoko mu Burundi, baba Abarundi canke Abanyamahanga (bafatiwe hamwe) basanga bategerezwa gufatana mu mugongo kugira ngo binyegeze ibihe vyose kugira bahunge ubutungane. Ni co kintu twama twita akagwi k’abanyepolitike b’inkorabara bama bashaka gusenyura inzego z’igihugu zitorewe n’Abenegihugu biciye muri demokarasi, ugusesa amaraso no kugandagura abantu kugira bahume amaso Abarundi n’Amakungu, gurtyo ngo abakoze ubwo bwicanyi, ihonyabwoko n’amabi yose akorwa mu gihugu ntibamenyekane. Ni nabo nyene badahengeshanya kuguma barementanya ibi na biriya, bategura ingene bo kwikurako ivyaha vy’ihonyabwoko bakoze bibaremereye mu mitima yabo, bakiyumvira na ntaryo ingene bobisuka ku mugambwe CNDD-FDD na Reta yawo. Umugambwe CNDD-FDD uributsa ubwicanyi bwinshi n’ihonyobwoko vyakozwe na Michel Micombero (ihonyabwoko ry’Abantu, Génocide physique), Jean Baptiste Bagaza (Ihonyabwoko ry’ivy’Ubwenge, Génocide intellectuel), Petero Buyoya (Ihonyabwoko rya demokarasi, Génocide démocratique) ; muri ivyo bihe vyose vy’amagorwa mu vya poritike y’Uburundi, Abanyarwanda bamwe bamwe mu bahawe ubuhungiro mu gihugu bari inyuma yavyo, mu gushira mu ngiro iyo migambi ya shetani ku mugaragaro canke binyegeje. Abo bantu rero ntibashaka kwumva vyaba ibiganiro bihuza Abarundi canke wa Mugwi ujejwe ukuri no Kunywanisha Abarundi CVR kuko bazi ko bitebe bitebuke bazomenyekana ;

3. Ntibitangaje rero kwumva Paul Kagame, umuhinga w’ivyiyumviro n’imigambi y’ihonyabwoko muri aka Karere nk’uko yabikoze iwe, adahengeshanya kugomba kubigarukana mu mateka y’Uburundi abicishije mu kwigisha no guha ibirwanisho impunzi z’Abarundi kugira ngo baje gusomborotsa no guteza ihonyabwoko mu gihugu cabo c’amavukiro. Ikibabaje ni uko uwo Kagame yibagira ko Abarundi bayamaze bati « aho yabukaranga twari musi y’urujo, canke ngo iyo bumenya umwe bwari ikindi » yibaza ko mu gutanguza imigwi y ‘abicanyi bakoresha iterabwoba mu ntara za Kayanza na Cibitoke mu ntumbero yo guhonya Abenegihugu nk’uko yabigize mu mwaka w’1994, igihe yagomorera FPR-Inkotanyi ku banyagihugu bo muri perefegitura ya Byumba muri ico gihe yabamwo abantu barenga 750.000, intambara ikarangira muri iyo ntara ya Byumba hasigaye abantu batarenga 100.000 nabo nyene bahunze. K’ubw’Ikigongwe c’Imana, ivyo yashaka ntivyabaye i Burundi, n’aho Petero Buyoya na Louis Michel baza imbere mu bipfuza ko iryo honyabwoko riba ;

4. Ihonyabwoko ry’abenegihugu bo muri Perefegitura ya Byumba ntiryahagije kuko Kagame yagize incungu abavukanyi biwe mu gusotora inzego zari zirongoye igihugu c’Urwanda, abicishije mu bwicanyi bwinshi yakoze yiteze ko uruhande yasomborokeje rwivuna, ivyo navyo bikaba vyarashobotse mu Rwanda kuko Abenegihugu bacanyemwo, ariko mu Burundi bikaba vyarananiranye kuko urupfu rwa Prezida Ntaryamira Cyprien ntirwatumye Abarundi bamarana. Ikibabaje cane ni uko ivyo vyabaye igihe Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yari avuye mu nama yabereye i Dar-es- Salaam muri Tanzaniya ku bijanye n’ibiganiro vy’Abanyarwanda vyabera i Arusha. Ivyo rero birerekana neza ko Paul Kagame, Petero Buyoya n’abo bafatanije umugambi ntibakeneye ibiganiro haba mu Rwanda canke mu Burundi. Ivyo bashaka ni ubutegetsi bw’igitugu, bwa gisirikare kandi bushingiye ku moko ;

JPEG - 65.2 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’umugambwe CNDD FDD

5. Mu gihe Abenegihugu b’Abarundi bashingira ku vyiza vy’Ibiganiro Mpuzabarundi bitavangura mu ntumbero y’uko umwenegihugu wese yobijamwo akongera agaterera ivyiyumviro mu bwigenge no ku mugaragaro kugira ngo ukuri kumenyekane hongere hatorwe inyishu, ibihweba vy’ Abarundi biyoboka Kagame biguma birondera ko ibiganiro bibera hanze y’Uburundi kugira ngo bahishe ukuri kuriko kuraronderwa kuri kahise k’Uburundi, kugira noneho habeho ukugabangana ibibanza mu nzego za Reta biciye muri Reta y’imfatakibanza y’amagaburanyama. Abo bikika mu kiza bavuga ngo bashaka kurwanira Ibwirizwa nshingiro n’Amasezerano y’i Arusha ni Abahahamiye gukamisha izo nyandiko kuko bashaka ayandi masezerano asa n’ariya y’i Arusha. Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo ni wo wonyene uhagarariye gukingira amasezerano ya Arusha ;

6. Inyuma yo gutsindwa ku rubuga rwa poritike no mu bimenyeshamakuru ku ciyumviro co kuzana inteko mvamakungu MAPROBU, inyuma yo kubona ko Abarundi banse ivyiyumviro vy’ihonyabwoko basutswemwo n’abansi b’Igihugu, basanze bari mu mayira abiri ku buryo badashobora kwemera ibiganiro hagati y’Abarundi kuko ivyo bakoze vyohava bibatekurukana muri kwa kurondera ukuri, abansi b’amahoro n’umutekano w’Igihugu, bafashijwe n’urwaruka rwabo rwigishijwe iterabwoba mu nyigisho baronkeye mu Rwanda, bararwije amarementanya gushika aho bahenda Amakungu ngo hari « ibinogo bihambwemwo abantu benshi » bishasha mu Burundi, ko rero Ishirahamwe Mpuzamakungu ryorungika mu Burundi umugwi wo gukora amatohoza. Ivyo vyose bifise intumbero yo gusambura Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo kugira bishoboke ko hashingwa Reta y’imfatakibanza;

7. Nk’uko Umugambwe CNDD-FDD waheruka kubishikiriza mw’itangazo ryawo No 002 ryo ku wa 02 Ruhuhuma 2016, Uburundi ni Igihugu cikukiye kandi gifise Ubwigenge. Abenegihugu b’Abarundi barashimiye kandi Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kuko, mu Ngingo yaryo No 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015 ryategetse ko Uburundi bwubahirizwa mu Kwikukira, Ubwigenge,Imbibe n’Ubumwe bw’Abarundi.Umugambwe CNDD-FDD urasavye iryo Shirahamwe Mpuzamakungu ONU kwemera ko Umugwi ujejwe ukurondera Ukuri no kunywanisha Abarundi ariwo urekuriwe igikorwa co kurondera ibinogo bihambwemwo abantu benshi bikwiragiye mu mihingo y’Igihugu kuva Uburundi bwikukira gushika n’ubu.Rero ,ugushaka kurungika umugwi nk’uwo wogukora amatohoza mu gihugu bidaciye muri CVR biranyegeje,imbere y’amaso y’Abarundi umugambi wo guishira mu ngiro amarementanya yagiye arategurwa kanatsinda ntihigeze haba imigwi y’amatohoza ku bijanye n’ibinogo bihambwemwo abantu benshi kuva Uburundi bwikukira. Eka n’uruhafu ruhambwemwo Umwami Ntare V, Karori Ndizeye ntiruramenyekana aho ruri, kandi Abenegihugu badahema kurondera aho ruri, ariko iryo Shirahamwe Mpuzamakungu ONU rikaba ataco ryigeze rikora kugira urwo ruhafu ruboneke, n’abo ba Buyoya, ba Bagaza na bagenzi babo bakaba banka kuvuga aho bamuhamvye. Mu gihe Umukoroni Louis Michel na bagenzi bama bavuga ko bazi neza kahise k’Uburundi, mbere n’Ububirigi bukaba aribwo bwica bugakiza mu gihe c’igikoroni mu Burundi kubera iki banka kwerekana ahashinguwe Umupfasoni wa Rudoviko Rwagasore, Incungu yo kwikukira kw’Uburundi ;

8. Nk’uko twari twabivuze mu ntango y’iri tangazo, abafise ivyo biyagiriza canke biyizi mu bwicanyi bwakozwe mu Burundi basya batazambaye ngo ukuri ntikumenyekane, ari naco gituma baguma bakora amarementanya yo kudurumbanya Igihugu, kugira ngo ntibahe akanya na gatoya Abenegihugu ko gushobora kurondera ukwo kuri biciye mu biganiro bitavangura. Kuba barakoze amarorerwa muri kahise k’Uburundi gushika n’aho Kagame atwicira Umukuru w’Igihugu cacu NTARYAMIRA Cyprien, ntibashire agati mu ryinyo kuko abakoze iryo bara bategerezwa kubibazwa ! Ukuri kurashobora kuburabuzwa ku munsi canke ukwezi, ariko kurateba kukaja ahabona. Si ugushaka kuburabuza canke kunigira mu menshi ibiganiro bihuza Abarundi, si ugushaka gutembagaza intwaro biciye mu biganiro vy’amagaburanyama vyozana Reta mfatakibanza bizotuma ukuri ku vyabaye kutamenyekana. Iyo nzira ntishika. Bamenye ko ikintu cose kifise intango n’iherezo ;

9. Umugambwe CNDD-FDD urangije iri tangazo usaba Abenegihugu kuguma batekanye kandi bafatanye mu nda, bongere baje mu biganiro mpuzabarundi kanatsinda ukuri kuzana urukiza. Umugambwe CNDD-FDD urasavye Amakungu kubandanya ashigikira ivyo biganiro bihuza Abarundi, yongere afashe mu kuronsa uburyo wa murwi CNDI kugirango ushobore no kuja kwumviriza Abarundi bari hanze, gurtyo icegeranyo uzosohora kizobe kirimwo ivyiyumviro vy’Abarundi bose.


IGIHE

Messages

  • Reka kuba muta amajambo,kagame kare ko mutamuvuga,ubu mwumvise iki,

  • EWE NYABENDA UGUTUKANA SIWO MUTI W’IBIBAZO BIRI MUBURUNDI MUGIHE COSE MUZOGUMA MUHUNGA IBIBAZO AHO KUBITORERA INYISHU MUZOTUKANA NAMATE AKAME IBIBAZO NAVYO BITERE VYIYONGERA,MBEGA WAVUZE VYINSHI UBONA KO IYO MUVA MWAMEZE AKARIMI KAREKARE ,KO UTATUBWIYE UWISHE IMPUNZI Z’IBUGENDANA CANKE KO UTATUBWIYE UWATEGUYE AGASHIRA MUBIKORWA IHONYABWOKO RY’ABATUTSI RYO 1993 ,KO UTATUBWIYE UWISHE ABANYESHURE B’I BUTA KO MUTATUBWIYE ABISHE ABANTU ITEZA KO UTAVUZE UWAGENDA ARACA AMATWI ABANTU NGO NTIBUMVA KO UTAVUZE UWISHE MUSENYERI RUHUNA KO ATAVUZE UWICA ABA FNL ABATA MUNZUZI KO UTAVUZE UWACA IMITWE ABA MSD ,AMACAKUBIRI NTAWUNDI AGOMBA KUYATUGARUKANAMWO ATARI CNDD FDD IYOMVUGO YANYU NTAHO ITANIYE NIYAVUGWA KURI HAVYARIMANA KOMEZA IVYO BITUTSI VYANYU MUTAMA KAGAME NAWE YIKOMEREZE ITERAMBERE, MUGABO NTIBITANGAJE NTAKINDI MUSHOBOYE ATARI UGUTUKANA NO KWICA NO KWIBA NO GUFATA KUNGUVU

  • Ivyo Muburundi Biragoye Muvyitondere Kuko Biragoye!!

  • Kubera Iki Reta Na Cvr?? Nimureke Bose Bahashike Bihinyurize.Birateye Amakenga

  • Kubera Iki Reta Na Cvr?? Nimureke Bose Bahashike Bihinyurize.Birateye Amakenga

  • KOMERA MUTAMA TURINYUMA YAWE TUREKE BABANDI BIYITA BA SINDUMUJA BAPFUYE BANGARA TWEBWE ABAGUMYABANGA TURAHANGAMYE NAKARE TURONGOWE NINTWARI NKA NKURUNZIZA NAWE NABANDI BAGUMYABANGA BUMUTIMA KANDI MUZOBABWIRE KO CAFASHWE BIDASUBIGWAMWO

  • igihe iyo nsomye amakuru muduha nsanga namwe musa naho mushaka kuyobya abaturajye bibi bihugu mubacamo ibice mwebwe nkunda gusoma amakuru mutujyezaho ariko nsanga mubogama nkayo makuru mwanditse nikihe kirego kirimo cyamgwa niyihe nyigisho irimo nikuki mushyushya mumitwe abasomyi banyu bijya gucika mu Rwanda nuko byatangiye mumbabarire igitekerezo cyanjye gitambuke.

  • Ewe wa gahungu wiyise izina mudakwiranye ngo IRIBUKA IYO NYENE witirira niyo yabonye ivyo vyose wadondagije uwabikoze kandi niyo nyene izo bimuhora yavuz’iti urabikora nk’inumira ukibaza ko mpwanye nawe imana ibona hose kandi niyo kuri.apana ubwo bijambo bwanyu mwirirwa muradondagiza uko mushatse iyizohinyuza irahari

  • MURAKOZENUKUTANGAIZOMPANURO,NKENEMWEBWEMURAGAHORAHO,NINTAMBARAAHOYADUSHIKANYE,MURABANDANYAMUKORAAYOMATOHOZA.

  • Ewe wa gahungu wiyise izina mudakwiranye ngo IRIBUKA IYO NYENE witirira niyo yabonye ivyo vyose wadondagije uwabikoze kandi niyo nyene izo bimuhora yavuz’iti urabikora nk’inumira ukibaza ko mpwanye nawe imana ibona hose kandi niyo kuri.apana ubwo bijambo bwanyu mwirirwa muradondagiza uko mushatse iyizohinyuza irahari

  • umw ws ng bamwiciy abiw uwund uko,nn mugomb mwihorana?sha uguhora nukwImana,ibagir ivyabay muhindukirir Imana

  • Ibyo mushaka urabizi.
    france irinyuma yanyu.
    Iratuzi bihagije.1994 yaratsinzwe nubu izatsindwa.izo nterahamwe zizobakwegera.Muzoraba.Komeza mushushe imitwe y’abagihugu bazohona mwigaramiye

  • Nta gasoni,Banza mwiyumvire ukuntu mwovana abanyagihugu mu bukene kwanza mureke guta umwana muvuga kagame n’ugwanda.Mwibukeko u Burundi arico gihugu gikenye kuruta ibindi kwisi.murahuniye basha nta ndongozi mufise.

  • wowe wiyita ntagoheka ubwenge bwawe burutwa nubwimpene

  • Ukuri guca muziko ntigusha, TURIZEYE ko Imana igire itwereke ivyari binyegezwe n’abantu ngaha kw’isi. Hallelua

  • Subiri We, urasubira kuziko baguhe indero ,jewe sindi agahungu nd’umuhungu w’imyaka 25 mfise ico maze nico nimariye ,kandi siniyita IRIBUKA,iryo niryozina abavyeyi nabuze ntanse banyise naho ibinwamaraso vyene wanyu bitankundiye ko nkura ndababona ,aho bagandaguwe mwihonyabwoko ry’abatutsi 1993 ryateguwe ryongera rishirwa mungiro nivyo binwamaraso vyirirwa birishongora,ivy’IMANA navyo nibaza ko nawe wobanza kuvyiyigisha canke ukarondera uwobikwigisha ivy’uvuga vyerekana ko iy’IMANA ubifisemwo ubumenyi buke

  • Mana tabara Uburundi! Emwe barenga ayabo bakavuga ayabandi kweri!! kahise ki gihugu cu Burundi karazwi ni muhore nuko mubona hari abatavuga? ivyo tubireke ubu sivyo turimwo tuvuga ibiriko biraba nimureke gusamaza abantu, naho mwovuga iki ivyo mukora ntibizokwibagirana mu Burundi no Kwisi yose! shaka mureke ahubwo ni musabe ikigongwe mwi hane amaraso araboreza!!!

  • Uwo murwi ugizwe nabantu mwishiriyeho kandi muriwo huzuyemwo abantu aribo birirwa bagandagura abantu banabahamba muri nyabinogo none niboboheza bakagira amatohoza ntawimena ikivyimba kandi Ngo inkende nticira urubanza ishamba kumbe nicogituma mwarimwarase kukora kare mwarimwarindiriye kugira mubanze mwice beshi bokongereza kuko mwabonako wohava ubura akazi murateye isoni

  • None ko reta ya Nkurunziza numva ivuga nka reta ya Habyalimana, Cndd fdd nayo numva ihakana genocide y’i Rwanda igatamba ku mivyimba abajitanywe n’ababuze ababo muri genocide, ubwo Cndd fdd ntaco ipfana n’interahamwe?

  • WE IRISHURA SHA URAZI KWANDIKA WEREKANA UZI KUGAYANA URADONDAGUYE ABANTU BO MUBWOKO BWABATUTSI BAGANDAGUWE MUGABO WIBAGIYE KUBAZA ABISHE NDANDAYE GWAGASORE UMUDAMU WIWE NABANA BIWE BABIRI ABATURIYABANTU MUMAPINE MUNYAKABIGA NO KUMUSAGA NABSHE ABINTEGA NAMARANGARA

  • Hewe Iribuka, uramenya ko Honorable Nyabenda mutangana, turazi y’uko imigambi yanyu kubera yabataye kuwamazi, none musigaye mwivigira ayamuhe. Mwe nimubandanye n’ico gikorwa canyu c’iterabwoba mugutera amagrenade ku nzirakarengane. Mugabo muramenya yuko aka mujeri kose tuzofata ko tuzoca tukamesa.

  • Murapfa ubusa uwicisha inkota niyo azazira kandi amaraso y,umuntu sayi tungo uyamena wese azoyobazwa ku munsi w,amateka. imana nidutabare

  • Hahaha mbe Umugwi CVR ko ariwo uzi urupfu rwabari muvyobo uko gwakozwe nibo bagiye no kwikorera itohoza? Nukwidigadiga bagatwenga? murantwengeje ubwo raporo bagiyeyo bamaze kuyitanga, ikindi bagiye gukora ni iki?

  • Ariko abarundi muzaba abagome mugezehe? Ngo impunzi zabanyarwanda nizo zabaciyemo kabiri? Ahubwose mwigeze mubemera ko mwari mwaratwambuye nuburenganzira bwo kwiga tukiyubakira amashuri tukiga byose ntitwabibasigiye nubwo mwananiwe kubikoresha. Rekeraho kuyobya abarundi izontanya zanyu zishingiye kumoko twe twarazirenze . Yemwe muzumve hari umunyarwanda uvuga amateshwa nkayizombwa zaba DD

  • Sha muratweza gose ivyo mukora canke muvuga biratweza aba DD mwataguye kera konona igihugu gukora amaremetanya President Ndayizeye na vice president Kadege mubagiriza coud’Etat muhejeje mugandagura Manirumva.bukeye muhonya abayoboke ba Rwasa (safisha) ababikira batanga bimyaka Hafi 100ans ivyo vyose mwagomba gutera ubwoba abenegihugu bukeye murugika imbonerakure muri congo gutozwa n’iterahamwe imenyekanya urabagarura icogihe mwijije interamwe ubu vyabagoye kubagera kuko iterahamwe zanyoye amaraso murwanda na congo imana ya ciye ibakurako ibigaza bafise umuvumo mbega Nkurunziza na kagwi kiwe iyo batiba mandat canke baganndagure abantu bari mumwiyerekano ivyo vyose biba vyarashikiye igihugu sha kuyobora igihugu vyarabagoye tamigambi mufise Gutera Avoka nu gusahura igihugu nubwicanyi niyo tuzobibukirako.

  • Nama Navuze Ko Imana Ariyo Ituma Umunt Abaho.Kand Kurya Umurwayi Wa Sida Umurabishje Ijisho Utabnyena Niko Nuwakoze Icaha Utamubonye Utabimeny.Jewe Mvuga Nti Bareke Bagende Bose Nibagera Kuri Yorodani Hazambuka Intwari Gusa.

  • Ntaco novuga Imana niyo izi ukuri uburundi butwawe na bâ debiles

  • heeeee!kagame bndagutwenzwe ubu sha ivyawe vyahinyutse vyakunaniye kuvyibuha kubera amaraso menshi uguma unywa yibiremwa vy’IMANA.kubona abana b’UBURUNDI nabategetsi nisinzi wicishije kwashi na nubu nturahaga amaraso niko nyene wahuye na pasteur iyaba nkanje mba narakunyonzi nawe ukitangako ikimazi wa mbwawe aho wimariyeko abawe mugwanda.sha mwe na buyoya muhigwe ahandi tuzoraba.mbe burya uribagiye aba rundi wiciye congo mu makambi y’impuzi?ivyo vyose twebwe turabizi wambuto mbi.urihenda usubire gupanga imigambi igayitse,vyanditswe nabanse akagaye ka banyagwanda binkotanyi nawewe ubwawe kagame.erega turazi ko pacifiqu,buyoya,vital kwara banyagwanda.

  • mbe iribuka kuvuga ngo:habaye ihonya bwoko 1993 burya iyo wishe inkoko ifise abaswi bamaze imisi itatu barakura?kuba mwarishe abakuru bigihugu babiri na reta yose wunva ubwo bushobozi bwavahe mugihe buyoya,sinduhije,bikomagu nabandi....bariko bica abarundi isinzi natwe twahunze igihugu kubera mwebwe nyene,vyoshoka gute ko twari kwica bene burundi mugihe mwariko muduhiga muhongo,so na nyoko baraguhenze ivyo uzobibaze abishe umukuru w’igihugu,

  • Nukuri kwitangazo twumvise ,rijanye numugani uvuga ut:aho yabukaranga? jewe sokuru yambwiye ko umubanyi aguhisha kwakwanka,nawe ukamuhisha kubizi uburundi bagumye babukorera ikibi cimbitse bibaza ko atawuzobica nikanda bitwaje abo bagize abaja bokugura igihugu cabibarutse arik nibaveko kuk ubu tuzi vyish kukahise nkaba nosab urwaruka rutazi kahise rwumve rureke guhendwa nabo bagize umwuga wokudandaza igihugu cabibarutse muze twubak igihugu cac atawandya wangura atawuducanishijemwo.

  • Nukuri kwitangazo twumvise ,rijanye numugani uvuga ut:aho yabukaranga? jewe sokuru yambwiye ko umubanyi aguhisha kwakwanka,nawe ukamuhisha kubizi uburundi bagumye babukorera ikibi cimbitse bibaza ko atawuzobica nikanda bitwaje abo bagize abaja bokugura igihugu cabibarutse arik nibaveko kuk ubu tuzi vyish kukahise nkaba nosab urwaruka rutazi kahise rwumve rureke guhendwa nabo bagize umwuga wokudandaza igihugu cabibarutse muze twubak igihugu cac atawandya wangura atawuducanishijemwo.

  • Atwibukije Kugira Unani Rwintamenwa Kand Imanga Ntimarira Imana Burya Humva Uwuvyumva Amana Ibahe Kurinda Aho Hakurya Nibaveko Dufatanye Mumda Nakare Turumwe

  • Atwibukije Kugira Unani Rwintamenwa Kand Imanga Ntimarira Imana Burya Humva Uwuvyumva Amana Ibahe Kurinda Aho Hakurya Nibaveko Dufatanye Mumda Nakare Turumwe

  • Venue mwanzo kina mwisho.aba DD mugeze kw’iherezo.munaniwe no kurinda umutekano w’igihugu canyu murumva mushobora kurwana n’u Rwanda?iryo tangazo ryateguwe na FDLR risomwa n’urongoye CNDD

  • nyakubahwa.mukuruwumugambweniwewe.usigarany’igihugugikuremumangamukuwigihuguntamigambi.asigaranye

  • Mbega extremism muri CNDD! Banyibukije CDR na MRNDD muri 93-94 mu Rwanda. Abarwanya genocide twitegure buriya barangije ku kuyitegura cyane ko bari kumwe n’interahamwe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.