IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNIDH : Agateka ka zina muntu karubahirijwe muri uyu mwaka

CNIDH : Agateka ka zina muntu karubahirijwe muri uyu mwaka

vendredi 12 Mukakaro 2013

Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, Furera Emmanuel Ntakarutimana, yarerekanye imbere y’inama nshingamateka icegeranyo c’ivyaranguwe muri uno mwaka n’urwego arongoye, hakaba hari ku munsi w’ejo.

Furera Ntakarutimana yamenyesheje ko muri rusangi bateye imbere ugereranije n’umwaka uheze, ariko ko bagifise vyinshi batarashikako.

Abagize urwego rw’umurwi w’igihugu wigenga uraba iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu baragendeye amabohero, baravuga n’ivyokorwa ku bijanye n’ukungene ubuzima bw’ababa murayo mabohero bwogenda neza. Uwo murwi nyene warize imanza zigera ku 431 zivuga cane ivy’ihonyangwa vy’agateka ka zina muntu.

Abashingamateka barakiriye ivyashikirijwe vyose baca baratera intege uwo murwi kugira barushirizeho gutera imbere, mu kwunga ubucuti n’abari mumashirahamwe akorera muri kano karere asanzwe akora ico gikorwa nk’ico.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.