IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Croix Rouge y’ubu Chinwa yemeye gufasha abahombeye mw’isoko nkuru ya (...)

Croix Rouge y’ubu Chinwa yemeye gufasha abahombeye mw’isoko nkuru ya Bujumbura

samedi 9 Ruhuhuma 2013

Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2013, mw’ihimbazwa ry’umwaka mushasha w’aba chinwa, uwuserukira ubu Chinwa mu Burundi Ambassadeur Yu Xuzhong yaratangaje ko umuryango utabara imbabare wo mu bu Chinwa wemeye gutanga imiliyoni 30 z’ama dorari yab’abanyamerika mugushigikira umugambi wo gufata mu mugongo abadandaza bo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Muri ivyo birori vyabereye munyubakwa y’uwuserukira igihugu c’ubu Chinwa mu Burundi, yaratangaje kandi ko ishirahamwe ry’abandandaji b’aba chinwa hamwe n’aba chinwa baba mu Burundi batororokanije amafaranga arenga imiliyoni 20 z’amafaranga y’amarundi kugira bafashe abacikiye amaboko muri iyo soko.

Yu Xuzhong yaravuze kandi ko abategetsi babinonosoye mu gihugu ciwe bariko bariga ivyo abategetsi bab’abarundi basavye. Ivyo navyo bikaba ari ibikoresho vyo gukinga impanuka nkaza kizimyamuriro n’ibindi.

Hagati mu kwezi kwa Ruhuhuma, umurwi w’abachinwa urongowe n’intumwa idasanzwe yanonosoye ibibazo vya Afrika uzogendera u Burundi mu ntumbero yo kubonana n’abategetsi b’u Burundi kugira barabire hamwe ingene boshigikira Reta n’abanyagihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.