Accueil > Amakuru > u Burundi > Denis Sasso N’Guesso yatanguye urugendo rw’iminsi itatu mu Burundi
Denis Sasso N’Guesso yatanguye urugendo rw’iminsi itatu mu Burundi
vendredi 26 Mukakaro 2013
Umukuru w’igihugu ca Brazaville, Denis Sasso N’Guesso yari yitezwe mu Burundi kuri uno munsi yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura ku muhingamo, mu rugendo rw’iminsi itatu azomara ariko agendera igihugu c’Uburundi.
Agishika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, Denis Sasso N’Guesso yakiriwe na mugenzi Petero Nkurunziza, ari kumwe n’abandi banyecubahiro benshi, yaba abashikiranganji n’abandi bategetsi batandukanye. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu ca Brazaville yamenyesheje ko aje gusubiriza mu ndumane mugenzi Petero Nkurunziza yaheruka kugendera igihugu ca Brazaville, bompi bakazoganira mu migenderanire y’ibihugu vyabo, baganire no ku ngorane bahura nazo, na cane cane ko akahise kadatandukanye. Denis Sasso N’Guesso yamenyesheje kandi ko ibiganiro ku gufashanya hagati y’Uburundi na Congo Brazavile arivyo bizoshimikirwako. Mwomenya ko hategekanijwe gusubiramwo amasezerano yo gufashanya yari asanzwe amaze imyaka hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Mu gihe Denis Sasso N’Guesso asanzwe ari umuhuza mu gihugu ca Centrafrika, bikaba bivurwa ko yoba aje mu biganiro vyo kurungika ingabo z’abarundi muri ico gihugu, umukuru w’igihugu ca Brazaville, Denis Sasso N’Guesso yasiguye ko iyo abakuru b’igihugu bo muri Afrika bahuye hatabura ikiyago ku bibazo biba biri mu bihugu vyabo canke muri Afrika, ariko atariyo ntumbero ahanini imuzanye.
Ku kibuga c’indege ca Bujumbura, Denis Sasso N’Guesso yakiriwe kandi n’imvukira zo muri Congo Brazaville ziba mu Burundi. Umurisho, intambo n’utugenegene bikaba arivyo vyarangwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura.



Egide Nduwimana
Messages
27 Mukakaro 2013, 06:52, par munyagihugu
je abarundi nabarundikazi barantwenza nukuri!!nne nkabo bakobwa ivyo bambaye nabarundikazi cnke nabacongobrazaville?na chinoises cnke?uwo siwo muco wabarundikazi kwambara gutyo!!abarundi umuco wacu nukwambara imvutano twikwije cane!kndi mukwiye kuza mwiyubaha mukubahisha nigihugu catwibarutse
27 Mukakaro 2013, 06:52, par munyagihugu
je abarundi nabarundikazi barantwenza nukuri!!nne nkabo bakobwa ivyo bambaye nabarundikazi cnke nabacongobrazaville?na chinoises cnke?uwo siwo muco wabarundikazi kwambara gutyo!!abarundi umuco wacu nukwambara imvutano twikwije cane!kndi mukwiye kuza mwiyubaha mukubahisha nigihugu catwibarutse