IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Denis Sasso N’Guesso yatanguye urugendo rw’iminsi itatu mu Burundi

Denis Sasso N’Guesso yatanguye urugendo rw’iminsi itatu mu Burundi

vendredi 26 Mukakaro 2013

Umukuru w’igihugu ca Brazaville, Denis Sasso N’Guesso yari yitezwe mu Burundi kuri uno munsi yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura ku muhingamo, mu rugendo rw’iminsi itatu azomara ariko agendera igihugu c’Uburundi.

Agishika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, Denis Sasso N’Guesso yakiriwe na mugenzi Petero Nkurunziza, ari kumwe n’abandi banyecubahiro benshi, yaba abashikiranganji n’abandi bategetsi batandukanye. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu ca Brazaville yamenyesheje ko aje gusubiriza mu ndumane mugenzi Petero Nkurunziza yaheruka kugendera igihugu ca Brazaville, bompi bakazoganira mu migenderanire y’ibihugu vyabo, baganire no ku ngorane bahura nazo, na cane cane ko akahise kadatandukanye. Denis Sasso N’Guesso yamenyesheje kandi ko ibiganiro ku gufashanya hagati y’Uburundi na Congo Brazavile arivyo bizoshimikirwako. Mwomenya ko hategekanijwe gusubiramwo amasezerano yo gufashanya yari asanzwe amaze imyaka hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Mu gihe Denis Sasso N’Guesso asanzwe ari umuhuza mu gihugu ca Centrafrika, bikaba bivurwa ko yoba aje mu biganiro vyo kurungika ingabo z’abarundi muri ico gihugu, umukuru w’igihugu ca Brazaville, Denis Sasso N’Guesso yasiguye ko iyo abakuru b’igihugu bo muri Afrika bahuye hatabura ikiyago ku bibazo biba biri mu bihugu vyabo canke muri Afrika, ariko atariyo ntumbero ahanini imuzanye.

Ku kibuga c’indege ca Bujumbura, Denis Sasso N’Guesso yakiriwe kandi n’imvukira zo muri Congo Brazaville ziba mu Burundi. Umurisho, intambo n’utugenegene bikaba arivyo vyarangwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura.


Egide Nduwimana

Messages

  • je abarundi nabarundikazi barantwenza nukuri!!nne nkabo bakobwa ivyo bambaye nabarundikazi cnke nabacongobrazaville?na chinoises cnke?uwo siwo muco wabarundikazi kwambara gutyo!!abarundi umuco wacu nukwambara imvutano twikwije cane!kndi mukwiye kuza mwiyubaha mukubahisha nigihugu catwibarutse

  • je abarundi nabarundikazi barantwenza nukuri!!nne nkabo bakobwa ivyo bambaye nabarundikazi cnke nabacongobrazaville?na chinoises cnke?uwo siwo muco wabarundikazi kwambara gutyo!!abarundi umuco wacu nukwambara imvutano twikwije cane!kndi mukwiye kuza mwiyubaha mukubahisha nigihugu catwibarutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.