Accueil > Diaspora > Dubai : Bamwe mu birukanywe bashobora gushikanwa mu Burundi
Dubai : Bamwe mu birukanywe bashobora gushikanwa mu Burundi
mardi 1er Gitugutu 2013
Inyuma yaho abarundi 14 baba i Dubai bafatiwe n’igipolisi mu mukwabu bagapfungwa bagirijwe ko baba muri ico gihugu batagira ibibaranga, bamwe muri abo barundi batanguye kurekurwa ariko bagasabwa guca basubira mu Burundi mu ubutaraririye.
Mu kiganiro Eddy Kévin Gahire arongoye ishirahamwe ry’abarundi baba i Dubai ahejeje guha ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa mbere Gitugutu uy’umwaka, yatubariye ko aba mbere bashobora kurizwa indege uyu munsi canke ejo, abo nabo akaba ari umunani bari i Aboudabi aho i Dubai, mu gihe abandi babiri nabo bakiriko bariga ibibazo vyabo, umwe nawe yahawe igihe c’indwi imwe kugira abe aritegura, ashobore kwegeranya ivyiwe ace ataha kugushaka kwiwe, aze ashobore mu nyuama gusubirayo mu gihe azoba afise impapuro z’ukuba muri ico gihugu.

Gahire rero akaba yatumenyesheje ko ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu hamwe n’ishirahamwe ryabo, bariko barakora ibishoboka kugira bashobore gufasha abo bariko barirukanwa, nk’ukwishingira uwuba arekuwe, co kimwe n’ugufasha uwirukanywe wese gushobora gutekera ivyiwe, ndetse n’ibindi bivanye n’ivy’umwe umwe wese aba ashoboye guterera.
Muri ico gihugu rero hakaba haba abarundi bari hagati y’amajana ane n’amajana atanu, ariko nk’uko Eddy Kévin Gahire yabandanije abivuga, abo barundi bose bakaba babanye mu rukundo rw’ugufashanya mu vyo umwe wese aba adashoboye, na cane cane ko baba bahuriye mu mahanga ya kure aho atayindi ncuti bahasanga, ivyo bigatuma bose baca begerana bakaba umwe.
Tukaba twobamenyesha ko abo barundi birukanywe bagiye bamwe gukora, abandi nabo baja kurondera ubuzi, maze impapuro z’inzira zabo zibahererako ntibashobora kuronka izindi kuko atakazi bari bagifise.
Aristide Nizigire
Messages
1er Gitugutu 2013, 11:11, par Kakanakimana
Yooh! Ntakundi bakomeze kwihanga basubire mugihugi cabibarutse imana irababona kandi ngo akimuhanango kaza invura i hise ther’s no plc like home,