Accueil > Amakuru > u Burundi > EAC : Abarundi bijukiye kwiga icongereza ku bwinshi
EAC : Abarundi bijukiye kwiga icongereza ku bwinshi
samedi 17 Rusama 2014
Umurwi wa kane n’uwagatanu, niyo yaronkejwe impapuro z’imitsindo, mu gihe iyo mirwi yose yari imaze igihe yiga ururimi rw’icongereza, mu nyubakwa z’ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe ukwinjira muri Afrika y’Ubuseruko.

Mu nyubakwa z’ihoteri Ego, akaba ariho habereye ibirori vy’izo nyigisho, zari zimaze amezi atandatu zironswa abo banyeshure batandukanye. Muri abo, hakaba harimwo umushikiranganji w’ubutare n’agataka Come Manirakiza, bamwe mu bakora mu bushikiranganji bw’ubutunzi, abamenyeshamakuru, abakora mu mashirahamwe y’abikorera utwabo, abadandaza, abaganga, abihebey’Imana n’abandi.
Abaronkejwe izo nyigisho n’umunezero mw’inshi, bakamenyesha ko izo nyigisho zije hageze, mugihe uko binjiye atariko basohotse. Bavuga ko ubu bashobora nabo kw’injira mu bihugu bigize akarere k’Afrika y’Ubuseruko, bagashobora kuyaga n’abo bahasanze, batibagiwe gushobora gusaba ico bashatse. Izo nyigisho bavuga ko baronkejwe hisunzwe urugero bari bagezeko kuva batanguye amashure yabo, basaba ko zitoherera aha, nyabuna n’abandi bakazozironswa.
Tukabamenyesha ko no mubashikirije amajambo, bagarutse ku kamaro ko kumenya urwo rurimi rw’icongereza mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, aho ruzobafasha kwishikana aho hose bashaka mu karere, batarinze kugenda bitwaje abagenda barabasigurira ibiriko biravugwa, na cane cane guhiganwa mu budandaji, inyigisho, n’ibindi.





Messages
17 Rusama 2014, 15:47, par Neldon
Yeah kimwe gisumba ubusa ariko kuvugako icocongereza haraho cokugeza wapi gusa wokwisabira amazi.Tweturacarinyuma yamajambere.
17 Rusama 2014, 21:58, par mombasa
burya abo bamenyesha makuru bo batari bazi english bize he?wo kwiga lettre ntumenye anglais ukavuga ko wize ibiki?abarundi murasekeje!!
18 Rusama 2014, 10:09, par marie
mombasa ngira ntuzi program y’i Burundi, aho uwobaza umutanzaniya ati vuga Français naho yoba ari nde yovuga, kenya, uganda mbere no mu Rwanda...hari abize Français, economie, droit, kandi ari abamenyeshamakuru abo wibaza ko bita kuri English, wapi kandi ikndi nuko, English igiy gukundwa ubu mu Burundi
18 Rusama 2014, 13:01, par Mahirwe.
Nukuri jewe ndatangazwa nabarundi bamwe bamwe nkumuntu avuga ko icongereza ataho coshikana umuntu nukuri muragowe umuntu avuga ivyo umusi yasohotse hanze gatoyi niho azobimenya
27 Rusama 2014, 19:28, par Nishimwe willy
Icongerez
19 Ndamukiza 2016, 11:01, par TUYIZERE ELIC
JEHOHO KORODONIY SINOBONA UWUKINYIGISHA NGONDAGIHEREJEHOHO KORODONIY SINOBONA UWUKINYIGISHA NGONDAGIHEREZE AGAHANGA
2 Gitugutu 2016, 21:32, par Nibigira
Shaka Icongereza Gisobanuye Mukirundi .
5 Ruhuhuma 2017, 02:13, par steve Rukundp
naje nshaka igisiguy mukirundi
14 Nyakanga 2018, 23:23, par irankunda jean de Dieu
nanjye ndashaka kucyiga