IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Espagne : Akamaramaza basanze mu nanasi

Espagne : Akamaramaza basanze mu nanasi

jeudi 4 Ruheshi 2015

Mu gihugu ca Espange ku rubibe Algesiras, urwego rw’igendereza rushinzwe kugenzura ibiyovya bwenge ruherutse gutangaza ko haherutse gufatwa itoni 2,5 z’urumogi, banyegeje indani mu nanasi zari ziturutse muri Coasta Rica.

Urwo rumogi ni rwo rwinshi rufatiwe ku mugabane wo mu bihugu by’Umuryango w’Ubumwe bw’Iburayi nk’uko vyandikwa mu kimenyeshamakuru 7sur 7. Bandika ko hari haherutse gufatwa ibindi biro 2515 vy’urumogi, aho naho hakaba hari mu Bumanuko bwa Espagne, mu bwato bwari buturutse muri Costa Rica, Izo toni 2,5 zari zitekeye mu dupande 2.296 twari twashizwe mu nanasi irimwo indani. Abagenzuzi b’urwo rwego rw’igendereza, mu 2012 niho batanguye kugenzurauwo mupaka, inyuma y’uko vyari bimaze gutahurwa ko hari icuruzwa ry’ibiyayuramutwe bihakorerwa, canke biba biturutse muri Amerika y’Epfo mu karere kavamwo ibiyayuramutwe vyinshi bicuruzwa i Buraya.

Abantu batandatu bivugwako bafise ihinguriro mumaja Epfo ya Madrid baciye batwarwa n’ibiro vy’igenderza kuko vyavugwako aribo bene urwo rumogi. Mwomenya ko Espagne yegeranye cane na Maroc naho havugwa ko hakomoka ibiyovyabwenge vyo mu bwoko bwa Haschich, kandi ikaba ifise ivyambu vyinshi vyakira amato aturuka muri Amerika y’Epfo, inaturukamwo urumogi rwinshi, bituma Espagne iba igihugu ca mbere i Buraya kigaragaramwo ivyo biyovyabwenge.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.