IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz ntiyajanywe na kamwe mu giteramo co mu Rwanda (Amafoto)

Fariouz ntiyajanywe na kamwe mu giteramo co mu Rwanda (Amafoto)

lundi 20 Gitugutu 2014

Mu giteramo "Explosion Concert" cabereye mu gihugu c’Urwanda, Fariouz yahahuriye n’abandi baririmvyi bakomeye bo mu Rwanda n’Ubuganda. Fariouz yaranahahuriye n’uwo bivugwa ko bavyaranye.

Igenekerezo rya 19 Gitugutu, Muyoboke Alex yateguye igiteramo ntumbero yo guhuguza abaririmvyi yahoze afata mu mugongo ari bo: Urban Boyz, Dream Boyz, na Tom Close, kuri abo hiyongereyeko Big Fariouz na Jackie Chandiru wo mu Bugande. Fariouz yari yatumiwe nk’umuririmvyi yahoze atumirwa mu biteramo biteguwe n’uwo Muyoboke Alex, amakuru turonka avuga ko yaronse akanya ko kuririmba zimwe mu ndirimbo ziwe zakunzwe cane narirya uwo muririmvyi asanzwe akundwa cane muri ico gihugu.

Amwe mu makuru yemeza ko igiteramo citabwe n’abantu benshi naho hari bamwe mu bari mu giteramo bavuga ko kitibawe ikirenga. Hari n’ayandi makuru amwe ava mu kinyamakuru indundi.com avuga ko Fariouz yoba yahahuriye n’umukobwa bivugwa ko bakundanye kandi boba baranavyaranye n’umwana.

Amafoto yaranze igiteramo

Umurwi Super Brothers
Charly na Nina
Tom Close

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.