IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > FNAAD rigiye gufasha abadandaza bo mw’isoko nkuru ya Bujumbura

FNAAD rigiye gufasha abadandaza bo mw’isoko nkuru ya Bujumbura

dimanche 24 Ruhuhuma 2013

Abaririmvyi n’abanyabuhinga bahurikiye mw’ishirahamwe Forum National des Artistes pour l’Action et le Developpement (FNAAD) baratunganije igiteramo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma muri Hotel Club du Lac Tanganyika,amafaranga azovamwo azofasha ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

JPEG - 33.2 ko

Umupfasoni Rose Ndayiragije arongoye iryo huriro yamenyesheje ko ugusha kw’isoko kwababaje bose,abanyabuhinga badasigaye inyuma.

Ati:«Twagize iki giteramo kugirango amafaranga avuyemwo aronswe abahoze badandariza mw’isoko.» Ariko yavuze ko ayo mafaranga agenewe cane cane abagize ivyago gusumba abandi nk’abapfakazi n’abapfakare bahora batunzwe n’uwo mwuga bakaba batagishobora kubeshaho imiryango.

JPEG - 30.9 ko

Uwaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama yavuze ko Leta ibicishije muri ubwo bushikiranganji ishima cane ico gikorwa c’abanyabuhinga,amenyesha kandi ko Leta izokwama ibafata mu mugongo.

JPEG - 31.2 ko

Ico giteramo cari catewe iteka n’uwuserukira igihugu c’u Bushinwa mu Burundi,intumwa y’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama,uwahoze arongoye ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama Jean Jacques Nyenimigabo.

JPEG - 28.6 ko

Mwomenya ko muri iyo ntumbero nyene, ikindi giteramo gitegekanijwe kuba kuri uyu w’Imana mu kigo ndangakaranga c’I Bujumbura.


Marie Claire Ingabire

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.