Accueil > Amakuru > Mu makungu > France : Abamenyeshamakuru bari bafashwe mpiri barekuwe
France : Abamenyeshamakuru bari bafashwe mpiri barekuwe
samedi 19 Ndamukiza 2014
Igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko abamenyeshamakuru bane Édouard Elias, Didier François, Nicolas Hénin na Pierre Torres bari bafashwe mpiri mu gihugu ca Siriya barekuwe.

Abo bamenyeshamakuru bari bafashwe kuva mu mwaka w’2013 mu kwezi kwa Ruheshi, bakaba barekuwe kandi ndetse nk’uko ayo makuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa abivuga, abo bamenyeshamakuru bose bameze neza naho batari babaye mu buzima bwiza.
Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande, avuga ko biruhukije kubona abo bagabo bane barekuwe, ndetse kandi baza gushika mu gihugu c’Ubufaransa mu masaha ari imbere. Umukuru w’Ubufaransa akaba yashimiye cane abantu bose bakoze ibishoboka, kugira abo bamenyeshamakuru bashobore kurekurwa ata n’umwe agize ingorane.
Abo bamenyeshamakuru bane bo mu gihugu c’Ubufaransa bakaba batowe ku rubibe rwa Turkiya na Siriya n’abasirikare b’igihugu ca Turkiya bariko barakizura, baca basanga abo bamenyeshamakuru bose uko ari bane baboshe, ndetse amaso yabo apfukishijwe igitambara.

Aristide Nizigire