Accueil > Amakuru > Poritike > Gaston Sindimwo : Abahungishijwe babonye ko ibisaka vy’imbwa (...)
Gaston Sindimwo : Abahungishijwe babonye ko ibisaka vy’imbwa vyahiye
mardi 8 Ndamukiza 2014
Gaston Sindimwo aherutse kwagirizwa kwikika inyuma y’igitero yagizweko mu ntumbero yo gushaka gupfungisha bamwe mu bashingamateka ba UPRONA, atangazwa n’ukubona abamwagiriza ivyo barahungishijwe, mu gihe batagiye kubivugira imbere y’abariko baragira amatohoza.

Gaston Sindimwo rero ntahakana ko azinanye na Felix Niyonkuru, umwe mu ba JRR aherutse kwemeza ko yavuganye na Sindimwo, umugambi wo kwagiriza Bernard Busokoza yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu na bamwe mu bashingamateka ba UPRONA, kuba baragize inama yo kumwica , ariko akaba yamirira kure ivy’uyo musore yashikirije abamenyeshamakuru, mu biyago bagiranye, mu ntumbero yo kwegeka igitero camugizweko ku bashingamateka bamwe bamwe bo muri uyo mugambwe wa Rwagasore.
Avuga ko Felix Niyonkuru ariwe yaje kuraba Gaston Sindimwo, aje kumumenyesha ko hari igitero kiri mukumugirwako, kandi ko we na Thierry Bigirindavyi bari muri uyo mugambi. Sindimwo aremeza ko ayo makuru ariko arayamuha, hari n’abavyumva, kandi bashobora kuzomubera isura, hamwe vyokenerwa. Gaston Sindimwo rero akaba atangazwa n’ingene iyo misore ibiri yaciye ihungishirizwa hanze y’igihugu, mu ntumbero yo kubakingira, kuko babona ko ibisaka vy’imbwa vyahiye, amashamba yashushe, eka ndetse n’uruhigi rwahindukiye.

Avuga ko mu banyacubahiro bakomoka mu mugambwe wa Rwagasore baherutse kuvugwa ko bari mubo Gaston Sindimwo yikeka kuba barashatse kumugandagura atari vyo, abo badasigana avuga ko abubaha, kandi atokwipfuza kubambika iceyi. Avuga ko nka bose bakoranye, ariko we ico yipfuza ari uko abamuteye, bofatwa bagahanwa, nayo abahungishijwe, bakagaruka, kugira ivyo bashikirije, babivugire imbere y’ubutungane, mu ntumbero yo gutanga umuco.
Nayo abavuga ko ariwe yigizeko igitero, Gaston Sindimwo avuga ko bafise ico biyotsa, ahubwo nabo nyene bakwiye kubazwa. Tukabamenyesha ko bamwe mu basanzwe bapfunzwe bagirwa kuba bari mubamuteye, bivugwa ko bazorenguka ku munsi w’ejo, igenekerezo rya 9 Ndamukiza uyu mwaka. Abo nabo akaba ari abasore batatu, umwe akaba asanzwe ari umukuru wa JRR muri komine ya Kanyosha, Lionel Ninteretse.
Aristide Nizigire