Général Athanase KARARUZA yagandaguwe hamwe n’umugore wiwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 25 avril 2016 saa 09:09
Yasomwe : 301077
0 0

Général Athanase KARARUZA yagandaguwe n’abantu bataramenyekana mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, mu gihe yari muhira agiye ku kazi n’umupfasoni wiwe, ari kumwe kandi n’umwana wiwe w’umukobwa. Bose uko ari babiri bitavye Imana, umwana nawe akaba yakomeretse cane.
Igitero cahitanye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi hamwe n’umugore n’umwana cakozwe muri zone ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, amasasu menshi akaba yumvikanye, nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo.
Général Athanase KARARUZA yahoze (...)

Général Athanase KARARUZA yagandaguwe n’abantu bataramenyekana mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, mu gihe yari muhira agiye ku kazi n’umupfasoni wiwe, ari kumwe kandi n’umwana wiwe w’umukobwa. Bose uko ari babiri bitavye Imana, umwana nawe akaba yakomeretse cane.

JPEG - 42.3 ko
Général Athanase KARARUZA, yari umuhanuzi mwishikira ajejwe ibibazo vy’ukwivuna abansi hamwe n’umutekano mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Igitero cahitanye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi hamwe n’umugore n’umwana cakozwe muri zone ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, amasasu menshi akaba yumvikanye, nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo.

Général Athanase KARARUZA yahoze ariwe atwara abasirikare b’Abarundi muri Centrafrique, akaba n’icegera c’uwutwara ingabo zose zarungitswe kugarukana amahoro muri ico gihugu ca Centrafrique. Kuva agarutse mu Burundi, gushika kuri uwu wa mbere agandaguwe, yari umuhanuzi mwishikira ajejwe ibibazo vy’ukwivuna abansi hamwe n’umutekano mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aho yakora bakaba bahojeje igisirikare c’Uburundi cabuze iyo ntwazangabo, hamwe n’Abarundi bose muri rusangi.

Général Athanase KARARUZA abaye intwazangabo y’igisirikare c’Uburundi igira gatanu igandaguwe mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa.

Imodoka yari yunguruje General Athanase KARARUZA

Kumenyekanisha

1
NTIKAZOHERA 1er-05-2016 à 06:50

UBUBWICANYI BWOHAGARARA KUKO BIRATEYE UBWOBA CANE KANDI KUBAGIRIVYO BITEGE UKUZOCIRIGWA URUBANZA RUDASANZWE GWIMANA KUKO NAHO BOMENYEKANA CANKE NTIBAMENYEKANE HARIHO UWUTAZOBABURA IGIHE KIGEZE UYO NAWE NUWAREMYE IJURU NISI. KOKO VYENIVYO NAHOWOBIKORA NTIBIHERA . BACICA .NYAKWIGENDERA NSHIMIRIMANA ADOROF WAMENGA UMUTI URABONETZE ?( GEZAHO)

2
NIYONKURU BOSCO 29-04-2016 à 08:05

UBURUNDI BWIKEBUKE KUKO BWANYOMOJE.

3
MBOMBOKA 28-04-2016 à 23:04

BIRABAJE

4
sabasaba 28-04-2016 à 21:01

Nigihe gito byose bikaba amateka

5
nduwimana pierreclaver 28-04-2016 à 19:35

jewe aho ngeze ubu ndiko ndaraba canke numva ibiriko biraba mu burundi, ntaco natrinkivuga. abahutu, bavuga ngo abatutsi barabanize.ubu bahaye umuhutu wabo ngo natware, nibarabe aho umuhutu mwene wabo abagejeje.barabe aho igihugu kigeze, hanyuma ntibazosubire kuvuga ngo umututsi niwe yabagize uko bari.nibamenye yuko kubana nmeza tutiyumviriyer ico umuntu ari, twiyumvire iterambere numutekano kuri boseubutungane kuri bose hanyuma bikuremwo ubuhutu canke ubututsi tumenye yuko twarwmwe nimana nzima mwishusho ryayo

6
X/x Est Un Home Burundaise. 28-04-2016 à 11:56

Ndabaramukij Nonger Mponz Umuryang Wabuz.Non Kombon Igihug Kigez Ahatemb Bizoherer He ?Abarund Turakwiy Kwikebuk Tukabon Kotur Ben Mugabumw.Kand Gusesa Amaras Atariw Mut Wibibaz Bihanz Igihug.Murakoz.

7
samenwa gabriel 28-04-2016 à 11:49

turahovy itwari kurugamba yari umugabo wijunza nijambo.nabanyagihugu turahomvye

8
Elias Emeruseng 28-04-2016 à 06:03

Iman Nimwakiran Itek Mubwam Bway. Arik Hafatw Inging Ruhash Uburund Burek Kubur Imtwar Nkiz

9
Hamisi 27-04-2016 à 21:42

Birababaje Ntakundi Nuko Twedusigay Twokwihana

10
Niyonzima.Eric 27-04-2016 à 21:15

2016274

11
Gerard 27-04-2016 à 19:41

Iryo Niterabwoba Igihugu Kiratekanye Ntantambara Izogaruka Mugihugu C’UBURUNDI Ariko Injavyi Zamaho Umutama Wacu Agume Kwivyora Ntatinye Turinyuma Yiwe !!

12
Bizimana christophe 27-04-2016 à 19:12

Turababaye cane ariko tuzihangana twebwe ntakundi dusaba yuko ubwicanyi bwohera

13
Kabango 27-04-2016 à 12:53

IBIMENYETSO KO GENERAL KARARUZA YISHWE N’UBUTEGETSI.

Ntibikiri agasesesheshwarumuri, uwo musirikare w’ipete rya général yishwe n’ubutegetsi bwa nkurunziza.

1. Cdt wa camp muzinda, niwe yasupervisa ico gikorwa kuko wa mushoferi yacika kw’icumu yamaze kuvuga ko yamwiboneye ariko arabarasa ari imbere ya Lycée du Saint Esprit, aranaza kuraba ko bapfuye, aca atanga itegeko ry’uko bagenda. Kubera umutekano wiwe, baciye bamuhungisha ntakiri muri Hopital Militaire de Kamenge.

2. Umwicanyi Désiré Uwamahoro, yari yaduze muri Gihosha Rural gushika kw’ibarabara rica musi yo kwa ntiba, aho amanutse gatoyi yaciye ahitana bamwe mu bari bahejeje gukora iryo bara.

3. Ibarabara rya 28/11, iriduga kuri Saint Esprit, n’ayandi yegereye aho uwo muhisi yaba, yose yari acunnzwe n’abasirikare b’igihugu.

4. Imodoka yazanye abicanyi, yari double cabine yo muri API irazwi kuko yarafashwe amafoto, nkuko ubu bigigwa aho ziciye hose, yazananye 28/11 yiruka cane, biboneka ko yahagurutse hari uwuyibwiye ko agira asohoke avuye iwe.

5. Bus ya Otraco izana abanyeshure bo kuri Saint Esprit, abajejwe umutekano bayisubije inyuma igeze kuri Ecole Internationale imbere ya saa moya, vyerekana neza ko inzego z’umutekano zari zizi ikiza kuba.

6. Réaction rapide ya nkurunziza n’abakozi bo muri présidence birekana ko ibintu vyari bizwi.
Kandi kubona abakoze iryo bara bigira ata nkomanzi mu miduga ya Documentation, kandi bari gufatwa uravye aho ibara ryagwiriye, n’abajejwe umutekano bari mu micungararo.

7. Ata n’akanya gaheze, willy nyamitwe yaciye akwiragiza cv yiwe, amafoto bari kumwe na nkurunziza, yongera yandika ibinyoma kuri tweeter yiwe, nkuko ariwe nyene yakwiragije ko karera umukuru w’imbonerakure ahejeje kuraswa, kugira ngo azimagize abantu.

8. Bijanye n’ibikorwa vyari vyateguwe n’umugambwe cnddfdd muri izi ndwi zibiri. Kugandagura abo babona batagishigikiye 3ème mandat ariko bakaba bakiriko barayiprofita.

9. Kubona BSPI, API, BAE, Camp Muzinda, Camp Muha, bose bari muri uwo mugambi, vyerekana ko imirwi yose nkurunziza akoresha mu kugandagura abo yiketse ko batakimuyoboka yari yakoraniye ico gikorwa vyerekana ko ariwe yari yateguye uyo mugambi.

10. Ingene bariko barategura ibirori vyo kumufuba aho bamwe bamwe babona ko yoshingurwa iruhande ya Darius, abandi bakavyamirira kure, birerekana ko harico ubutegetsi bwiyotsa.

Iyi ndwi turimwo twiteze vyinshi, kuko intagondwa zo muri cnddfdd ntizishaka ibiganiro, bibaye naho bigateba, kandi zigashaka gukoza imbugita mu gisebe c’ababuze ababo mu 1972.
Uwukiri kuri iyi si azobona vyinshi, kandi général kararuza ntazijana, ninavyo bene kumugandagura bashaka.

Imana ikingire uburundi n’abarundi.

14
ERIC 27-04-2016 à 07:42

TWARAYEDUHONYYE UMUSHINGANTAHE AMARIRA MUBURUNDIBWOSE

15
Watu Bwana 26-04-2016 à 21:00

Reta Ivuga Muri Rusangi Umutekano Wifashe Neza None Dusigaqanye Abagenerari Bangahe Ko Baheze

16
niwe 26-04-2016 à 18:45

Mbe aba basoda bazohumuka ryari ?waranse kugwanira igihugu ngo urashaka amahoro wirire utwawe none natwo ntuturiye aho wosanga waragunye umu dd kuduhera wavaniye centrafrique bakabura ayo bakwishura asha abasigaye Imana ibarinde nawe uwagiye yamaze ugwiwe

17
Bacemwo 26-04-2016 à 13:48

Niyigire amahoro mon ngeneral turaziko bamujijije ko yanse kuja mubagomvye gutembagaza ubutegetsi ariko barahumba nabo burakeye bazomesurwa omo zokubamesa ndazi ziruzuye

18
###### 26-04-2016 à 13:45

Turahojeje Umuryango wabuze, kandi turasavye reta namakungu bakore ibishoboka vyose abagomvye gutembagaza ubutegetsi bafatwe bacirigwe urubanza kuko vyose nibo bariko barabigira. kuko bashatse twebwe abanyagihugu tumarane imana irakinga, ubunaho bariko arica umwumwe mubari munzego kugira bacike intege novuga nti : nibareme kuko ntakiba imana itakizi.

19
SWEDI 26-04-2016 à 10:45

IVYOBINTU NUKUBIRABANEZA BIRATEYAGAHINDA

20
Gakura 26-04-2016 à 10:24

Yamucezeyandanimwatuba,riraniyonye,nimusangi,ntangyayumwe,ahandiho,bazobamara,nukomudu,kwegera,tutabatumye,

1 | 2 | 3
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha