Accueil > Amakuru > Poritike > Général Evariste NDAYISHIMIYE yatowe kuba umukuru w’umugambwe CNDD (...)
Général Evariste NDAYISHIMIYE yatowe kuba umukuru w’umugambwe CNDD FDD
samedi 20 Myandagaro 2016, par
Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD FDD ryo kuri uwu wa gatandatu ryashize Général Evariste NDAYISHIMIYE mu kibanza c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, ariko mu ndinganizo nshasha z’uwo mugambwe, akaba yitwa umunyamabanga mukuru w’umugambwe. Icegera ciwe ni Joseph NTAKARUTIMANA.
Muri iryo koraniro ridasanzwe, uwahora ari umuvugizi w’uwo mugambwe, Daniel Gélase NDABIRABE yagizwe uwujejwe ubuzima bw’umugambwe CNDD FDD. Zénon NDARUVUKANYE nawe akaba yahawe ikigega c’uwo mugambwe. Umunyamabanga nshingwabikorwa ajejwe kumenyesha amakuru muri CNDD FDD ni Nancy Ninette MUTONI.
Géneral Evariste NDAYISHIMIYE yahawe ikibanza cahoramwo Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka. Uwo agiye kuramutswa umugambwe uri ku butegetsi akaba yari amaze iminsi yanditse ikete ry’ugutanga imihoho mu gisirikare c’Uburundi, ivyo yemerewe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, nk’uko tubikura mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/157 ryo kuwa 18 Mukakaro 2016.
Pascal NYABENDA umukuru w’umugambwe CNDD FDD asubirijwe mu gihe atari bwaheze ikiringo ciwe, kuko coheze kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2017.





IGIHE
Messages
20 Myandagaro 2016, 15:38, par Aloys Njebarikanuye
Ego Nivyiza Kuba Boba Bitoreye Undi Mukuru Wumugambwe Ariko Ico Twomusaba Nuko Yoraba Agahindura Ingendo Zabamwebamwe Bibazako Kuba Umugambe Waratsinzamatora Bidasigurako Urumunywanyi Uburengeye Ubutegetsi!Akabahanura Bakirinda Gutoteza Abo Batavuga Rumwe!
20 Myandagaro 2016, 15:46, par DESOSE
UWOMUJENERARI NIWAZOBARAMUTSIGIHUGU KUYINDI MANDA
20 Myandagaro 2016, 15:56, par .Com
Nibyiza Yuko Yotwara Ataneguye Ivy’abandi Bakoze.
20 Myandagaro 2016, 17:04, par jean claude RUKERANDANGA
ntibitangaje ntiyatowe kwabaye kumuterekaho.agakino barimwo bitebe bitebuke,bizosambuka.imana ntishobora kwemera ko uburundi buba ikirimbiro gyinyamaswa.
20 Myandagaro 2016, 17:17, par gilbert
ndabakeje cane kubona musizeho uwahoze ari umusirikare, turinyuma yanyu batama bacu, mukomere kurugamba gokugwanya abansi bigihugu atakindi bashaka atari kutwamiza muntambara, imana mushobora vyose ibajimbere mumabanga yanyu tubipfurize amahoro nukwikurako uwowese yoshaka kudusubiza mwishamba.imana ibahezagire
20 Myandagaro 2016, 17:35, par rutahintare.
nivyiza cane ariko ivyobibanza baravyitwaremwo neza ntibazobe bampema yuzuye. kandibikwegerako. kandi naho bahawe ayomabanga ntibazoshigikire mandant yakane.eee !! nzobandora.>
20 Myandagaro 2016, 17:38, par Munezerotatien
Murabaamakarantimuburubeya
20 Myandagaro 2016, 17:47, par Nyabenda
None Nkubu Hoba Intambara Ntiyofata Inkoho?
20 Myandagaro 2016, 17:55, par Marc Bébé Kelly
Hatavutse Intama Hazovuka Impene!
20 Myandagaro 2016, 18:14, par emmanuel
nivyiza cane !ndaryohewe kuba hatashitse umusivile!nagume!
20 Myandagaro 2016, 18:28, par Kubahonimana James
Ako Ko Kajagari Mukora Akari Nyuma Karahinda Mumenye Yuko Isi Izunguruka Ntamusoda Ata Gukina Politique Iyo Ni Muceze Wandani
20 Myandagaro 2016, 18:40, par Fom One
Ukonuguta Umutwe Ivyabo Bigiye Kujahabona.
20 Myandagaro 2016, 18:44, par Jake
Nisawa Azobonekure Nka Nkurunziza Mumwaka2020 Tuzomutora
20 Myandagaro 2016, 18:45, par Jake
Nisawa Azobonekure Nka Nkurunziza Mumwaka2020 Tuzomutora
20 Myandagaro 2016, 19:02, par Hutsi
Komera turagukeje maze uzohagarare rugabo nkuwo ukoreye mugata, kuko hanzaho haramafranganga meshi ibihugu vyaburaya canecane ububilingi bwateguriye guha abantunkamwe mugihe mubemereye guteza akavuyo mu Burundi bwanyu, uritunga maze uzoryeduke wiryamirekare mwana wamama ntuzodutetereze nka Niyombare, na Gaciyubwenge nabandi.
Hariho nabandi bemeye baryaduke wiryamirekare nkuwari umukuruwamatora yemerewe amaherameshi ngomaze abivemwo acahunga arabarahira,
Uwari umushikiranganji witwaro yohagati mugihugu Edward Nduwimana yemerewe amaherameshi ngwacahunga arabarahira ko atagiye kwambika ibara igihugu ciwe, abari abashinzwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ryuburundi barabashitseko ngobabahe akayabu kamahera ngobahungire icarimwe barayareka kuyatora ariko umwe biramunanira kuyahumugongo arayatora maze aromuka ajagutangura kuvuga ayamuhe, ntahobahaye umugongo burya numukuru wigihugu baramwihererekeranije ngwabemerere atangaze koyitandukaniye nabarundi kubikanye nokubabera umukuru wigihugu ngoniyemera akitandukanya nabarundi ngobacabamuha Isiyose ayiyonore mubijanye nivya sport (football) nawe yaraye guhemukira bene Burundi, hariho nuyundi musirikare bicanke numugore wiwe nabana baramugezeko arabarahira , hariho nabandi ntavuze kandibarondewe cane nka Agathon Rwasa na Barukara (umuhuza nabarundi)
Nimwumvandababwiyeko ururukamba rwarwanwe nabahutu nabatutsi nabatwa ntimuzobifate ngo nuko navyawe nabavyeyi bafise ubwokobudasa muzobifate kwarukuri. Ivyorero nivyobigiye kuzotuma ibihugu vyose bibonako uburundi bukwiye kurungika abantu boguhanura ahobizobavyagoranye kw’Isi yose, ariko abamaze kubimenya bacabihatira gushaka ko abarundi bacanamwo mbere bakacabadukatitira kutwita ko twakoreraniye genucide kunguvu ntakindi numuzuno kubera babonyeko twababanye bantahangarwa ariko baribesha tuzokomeza kubemeza.
Kugezanaho tuzobategeka biciye mwazanzego mpuzamakungu, rekambonereho kubwira amoko yose yabarundi abe aritegurira kuzoja munibaza bikomakomeye vyamashirahamwe mpuz’amakungu kuko kugera uyumusi uburundi buramenyekanye bikwiye kandi benebwo babigizemwo uruhara babicishije mukwifata runtu.
Imigambweyose ikunda igihugu cabo yusumba guhabwa amafranga yokugisamnura komeraaaaa
Abahutu rambaaaaaa,
Abatutsi rambaaaaaa,
Abatwa rambaaaaaa,
Ramba komera numukuru wigihugu cacu Marshari Petero Nkurunziza
20 Myandagaro 2016, 19:07, par jean
Ni Zenon Ndaruvukanye; ntabwo ari Ndabaneze
20 Myandagaro 2016, 19:20, par Inkona yaratsinze
ABIPFUZA KURYA IVYO BATABIRIYE AKUYA NIBATESHWE BATE. IGIHUGU CARAGWANIWE KANDI CAGWANIWE UBWA MBERE NUBWANYUMA. NTA NTAMBARA IZOSUBIRA KUBA MU BURUNDI. MUJERI NIZISHAKE ZISHIRE IBIGWANISHO HASI. KIRAZIRA KUREKURA. ATARI AMATORA NTAYINDI NZIRA HOSE HARUGAYE. SANGWA AMABANGA MASHASHA NYAKWUBAHWA.
20 Myandagaro 2016, 19:33, par Nukezwe
Turagukeje Mutama Wirambira,ube Umugabo Azirubwoba.
20 Myandagaro 2016, 19:35, par jean
Bagumyabanga ndabashimiye mwatoye abagabo n,abakenyezi bijunja n,ijambo nibaje kwivora badushikane kuntsinzi ya (2020)mwirambire Imana ibaje imbere muvyo mukora muguteza imbere igihugu cacu
20 Myandagaro 2016, 19:47, par jean
Mbaze mwebwe mwandika komwivanga muvya politeque muri abamenyesha,makuru canke abanya politique?ngo NYABENDA ikiringo ciwe nticari bwahere yabagize ubavugizi biwe ryari?mwikebuke mureke kwivanga.KIRIMWABAGABO.uwuvuzininga avuzinanga uwo ni PAPA burundi yabivumereye
20 Myandagaro 2016, 19:47, par jean
Mbaze mwebwe mwandika komwivanga muvya politeque muri abamenyesha,makuru canke abanya politique?ngo NYABENDA ikiringo ciwe nticari bwahere yabagize ubavugizi biwe ryari?mwikebuke mureke kwivanga.KIRIMWABAGABO.uwuvuzininga avuzinanga uwo ni PAPA burundi yabivumereye
20 Myandagaro 2016, 19:49, par clément
birambabaje nimba général Evariste yatanze imihoho mugisirikare ngo agiye muri politike burya kurongora ingabo biraryoshe yari général?
20 Myandagaro 2016, 19:50, par Wassely
ABAGUMYABANGA KOMERA!! ABAKEBA REMA!!
20 Myandagaro 2016, 19:58, par jean
Pascal nyabenda yari yarenze akarimbi.amatangazo yiwe yari dommage
20 Myandagaro 2016, 20:38, par Turanezerewe 444
Nibyiza , Gitega Barateye Intambwe , Byavugwa Ko Bitoshobotse Ko Atotorewe Igitega . Nibige Ibisigaye Bihanze Igihugu
20 Myandagaro 2016, 20:39, par Turanezerewe 444
Nibyiza , Gitega Barateye Intambwe , Byavugwa Ko Bitoshobotse Ko Atotorewe Igitega . Nibige Ibisigaye Bihanze Igihugu
20 Myandagaro 2016, 20:50, par CAMWA
NAJE ZANTUMVA UBUHO ZIGIYE KUMVA .GENERAL AZOZIKURUGUTURA. KOMERA MUTAMA MUMABANGA YANYU MUHEJEJE KURONKA. RAMBA
20 Myandagaro 2016, 21:04, par naderson keyisha
I saaay ndemeye mu Burundi haracari umwizero ko ibintu bishobora guhagarara neza evariste ndamukunda kandi ndijeje igihugu cose ko arumuntu yitonda kandi atishima afise kumviriza uwariwe wese naho aba ari umuntu mutoyi turamuzi muhira ndetse no mu gihugu cose ntaho yigeze anavugwa mu manyanga nkuko abandi babavuga ndamukeje cane imana imujimbere ndibaza ko nawe anzi kuri tandoor restaurant muri rohero je ndi maitre d’hotel ariko narigeze kuba ndumu cuisinier kuri tandoor nkaba MVA kukaniga murutegama nitwa Nader batazira dillax boys evariste bug up and keep its forward we’re with you!
20 Myandagaro 2016, 21:09, par wandizi
turameje Mutama wigitega iwacu
20 Myandagaro 2016, 21:13, par CLOVIS
Emwe Nivyiza Mdakeje Umunyagitega Wiwacu
20 Myandagaro 2016, 21:21, par clovis
ego nivyiza ndakej umunyagitega wiwacu
20 Myandagaro 2016, 21:46, par NDUWAYO
TURAMUKEJE NATURONGORE ADUSHIKANE KUNSTINZI YA 2017
20 Myandagaro 2016, 22:22, par NYAMITWE
NTA MUGAMBWE URONGORWA NABASODA.IVYO VYEREKANA KO TUKIRI MUNTWARO ZA GISIRIKARE.EMWE ABARUNDI TWARAGOWE PE!
20 Myandagaro 2016, 22:59, par james
Umwanditsi yandits’amafuti gusa
20 Myandagaro 2016, 23:53, par Felix Muhire
Birambabaje kubona abansi b’igihugu bishimikiza izina rry’Imana. Nk’uyu mugabo yitwa jean claude Rukerandanga yanditse ngo "imana ntishobora kwemera ko uburundi buba ikirimbiro gyinyamaswa". Womenga niwe ategeka Imana. Reka ndakwibutse uko Imana ivuga: "
Umuntu wese agambukire abategetsi, kuko ari nta butegetsi butava ku Mana, n’abategetsi bariho bashyizweho n’Imana. Ni cyo gituma ugambarariye abategetsi aba yanse itegeko ry’Imana, kandi abaryanka bazotsindwa n’urubanza... kuko ari umukozi w’Imana uguhesha ibyiza. Ni cyo gituma mutanga amakori, kuko abstegetsi ari abakozi b’Imana bitangiye gukora uwo murimo (Abaroma 13: 1, 2, 4, 6). Sinatahuye iyo mana utuzanyemwo iyariyo! Imana y’Uburundi, ntikorera muri opposition, ntaho ryabonetse, ikorana n’abategetsi yishiriyeho. Kandi opposition yemewe n’ubutegetsi turayifise mu Burundi, iyo yanyu si opposition n’inkorabara zo gusesa amaraso gusa. Twebwe twemera Imana y’Uburundi, turazi ko Pierre Nkurunziza n’abategetsi bose ko bashizweho n’Imana. Ariko kwoba ar’ukuvuga ibiterasoni tuvuze ko abashaka intambara bakorana n’Imana. Harambe umukuru w’igihugu cacu, harambe Uburundi n’abarundi!
21 Myandagaro 2016, 00:59, par Nzoyihera B..
Tura mukeje cane na komera kwibanga arushirizeho gukora uwasubiriye abarundi isinzi turinyuma yawe.komera.
21 Myandagaro 2016, 01:04, par n
Yoooo! Uyu general Evariste je l’avais capté qu’il doit être prêt et entraîne politiquement pour remplacer Nkurunziza dans le mandat prochain
21 Myandagaro 2016, 04:18, par Kanyosha
Turabishimiye muzodushikane namwe kuntsinzi mumatora twatanguye kwitegurira yomiri 2020 nkuko Pascal Nyabenda yadushikanye kuntsinzi yomuri 2015 myempi turazi komuri abagabo kandi mushoboye.
21 Myandagaro 2016, 06:02, par MAKAVELI VINCENT PAC
NDABATWENZE,KO MBEGA BARATORA INZEGO NSHASHA KANDI UBUTEGETSI BWABO BUGIRE BUVEHO.
21 Myandagaro 2016, 06:31, par Muyahudi
Ndabonako Umugambw Ugiyegutwagwa Nabasoda Gusa Nizereko Utazosubira Gusambuka Harya Wahugumba Nukowatwagwa Naba Civiles Batarinda Igitsur Cabazungu Nimwirambir Mwantekomw Turabashigikiy Umugambw Muwugumy Waratugoy Kuwushikako Mwibuk Vyinshi Twacamwo
21 Myandagaro 2016, 07:07, par zozo
Mutama irambire abarund tukurinyu kuko urumugabo wijunja nijamb
21 Myandagaro 2016, 07:13, par Ariko muze mumenya gutanga ivyiyumviro bibaraba mureke gutuka abantu kuko (...)
Joe
21 Myandagaro 2016, 07:34, par eriya
nakmere turamukeje
21 Myandagaro 2016, 08:04, par turaje
Umurundikazi Niyinsaba yabonye umudari. Gusa inyangaburundi nka Pacifique Nininahazwe ntanokuvuga merci kuri twitter. Buriya wasanga ari umuhutu niyo mpamvu byarakaje ba Sindumuja. Urwango ruzatuma zicwa nagahinda izo ntagondwa
21 Myandagaro 2016, 09:49, par Noell
Nivyizakwindongozizobisirana Mumahro Nivyo Uburundi n’abrundi Twipfuza
21 Myandagaro 2016, 10:30, par Mob
Burundi,iyo in leta yinterahamwe ibyo nkurunziza ari gukora ninka habyarimana mu 1994 ubwo butegetsi ninterahamwe zo mu Rwanda zisa nizazutse Burundi bumutima mwihangane ntakitagira iherezo
21 Myandagaro 2016, 10:46, par FNL
Kwaheli kwaheli Pascal na Gélase mugiye kumeswa canke mufate direction directe hakiri kare mwijane muri court pénale internationale (CPI)
21 Myandagaro 2016, 10:56, par EL....ZIGUYE
KOMERA MTAMA KURUBIMBA TURINYUMA YAWE. NAWE UZEUDUFATE MUMUGONGO KOMERA
21 Myandagaro 2016, 16:06, par Wilson
Turamukej Cn Nahangame Kungoma Imana Imuj,imbere Tukaba Turindirany,igishika Communique Yiw Yambere Imana Imuj,imbere
21 Myandagaro 2016, 18:31, par INNOCENT
CARATUVUNYE MUGABO,NTAKUJENJEKA KANDI UBEMEZE.KOMERA KUMUHETO NTAKUGUGUMWA
21 Myandagaro 2016, 19:09, par Iribuka
Ukwo nukwitwenga,nibarize uwiyita muhire ,muko wigisha IMANA UZOBANZE UYIYIGISHE kuko ikunda abakora ivy’ukugororoka bonyene nayo abicanyi,abarementaniriza abandi,ibisuma ,abafata abakenyezi kunguvu,abangaza bene wabo,imana yabo ni shetani, yonyene yaravyivuguye igihe yagerageza Yezu,yuko ubutegetsi yabuhawe kandi abuha uwashaka,none ataruko abarundi twamugajwe nukuvuga imvugo yokwikwegerako umwe wese akaraba inyungu ziwe ,ko wemeje ko ubutegetsi bwose buva ku MANA,ayamuhe n’ibitutsi mwirirwa mutuka H.E KAGAME ,ntimwumva ko mwiruhiriza ubusa iyo mana yanyu imbibe zayo zigarukira mu burundi gusa
21 Myandagaro 2016, 20:04, par Silas
Turashimye Kuvyo Mwagize
22 Myandagaro 2016, 09:10, par turaje
@Mob. Ububwa warabuvukanye niyo mpamvu uvuga amateshwa. Uri Mubwa koko.
22 Myandagaro 2016, 13:07, par nd gahini
bury har gishash bagiy guhindur mumugambw wab cerekey fondamental kwarib bayitanguj
22 Myandagaro 2016, 15:18, par RUREKANA Emmanuel
Mwese numva muvuga Imana nk’abatayizi. Ndabahe l’Histoire uwumva arumva. Igihe aba misiyonari baza kuba ku musozi wa Mugera, kandi wari umusozi w’Imana. Umwambire yuko abatera yabanje kuja kubaza Umupfumu wiwe. Nawe aca amubwira ati:" Urazirikana Mwami w’iburundi. ntuhirahire ngo umene amaraso ku murambi w’imana zacu. Bareke niba baje gukorera Imana tiwobashobora. Ariko niba ari abangushi Imana yacu ntizobemerera ko bahamara na kabiri." Uwumva niyumve jewe ngejeje aho si abari k’ubutegetsi si ababugwanya nimurabe ko harico kibafasha ico ciyumviro canje conze. Imana ibahezagire bavukanyi
24 Myandagaro 2016, 12:39, par J.
Ndakej Inzego Zumugabwe Zose .Uwomutware Wumugabwe Nawe Niyirambire. Nayo Abavuga Bareke Batera Akajagari Babona. Komera Mutama Ubereke Ico Uzi. Imana Ikujimbere.
26 Ntwarante 2017, 12:09, par Niyintije Gervais
Ndakeje Nyakubahwa Umunyamabanga Wumugambwe CNDD -FDD Nyakuba Hwa Evariste Ndayishiye Nti Yirambire.