IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gen Leonard Ngendakumana yemeza ko bari inyuma y’ibitero vya grenade i (...)

Gen Leonard Ngendakumana yemeza ko bari inyuma y’ibitero vya grenade i Bujumbura

mardi 7 Mukakaro 2015

General Leonard Ngendakumana yahoze ari icegera ca General Godefroid Niyombare amenyesha ko aribo bari inyuma y’ibitero vya Grenade biriko biba mu gisagara ca Bujumbura.Yemeza kandi ko bagiye kurwiza inguvu kugira umukuru w’igihugu amenye ko ategerezwa kurekura ubutegetsi.

Mu kiganiro yahaye imboneshakure yo mu gihugu ca Kenya KTN,Genaral Leonard Ngendakumana ari mu bagomvye gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama,yavuze ko kuba baragerageje gutembagaza ubutegetsi bikanaka ari uko umushikiranganji wo kwivuna abansi n’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto babahemukiye.

General Leonard avuga ko umugambi wo gufata ubutegetsi bakiwufise kandi ko bagikurikiza amategeko bahabwa na General Godefroid Niyombare,ariwe yatangaje ko afashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama.

General Leonard amenyesha ko General Niyombare ari mu gihugu kandi afise ingabo arongoye.


Van Naris Mugisha

Messages

  • komera Leonard.turinyuma yaw

  • Abahutu niho bavuga ko mutagira ubwenge, ayo magrenade Leonard yihaya arayazane ndabe ko atamuturikira ko agahera atarashika kuco yipfuza. Abarundi ubu turakanura sha. Arayajana iwabo i Marangara.

  • Murabisha Ndazi Urugamba Rwishamba Muri Aba Généraux Bangan Uko Igihugu Kikabananira Mumisi Muzotangura Gucan Imitw Mwebw Nyen

  • Jewe ico nosaba kwica abantu ntabwo ari vyiza kuko iyo uteye gernade ihitana abantu bari bakeneye ko babaho ahobwo bopfata izindi ntumbero bakareka kwica abantu ataco bazira jewe nkumurundi nsinshigikiye ubwo bwicanyi

  • Ntantambwe Muzoduterana Reka Kubeshera Ingabo Zigihugu Ntanumwe Niyombare Ategeka Kugeza Ubu Hama Mureke Kubeshera Umukuru W Ingabo Nuwahoze Ari Ministre Nimwipfane.

  • Mb Basha Harico Bizohava Bitanga Nk’amahoro Mu Burundi!Wait And See.

  • twebwe abanyagihug muduhr ik?

  • NONE INTAMBARA NIYO ISHOBORA KUGARUKANA AMAHORO MU BURUNDI?IMANA IDUFASHE

  • GUSA MURABE ABANYAGIHUGU NTITUHASIG UBUZIMA .IBISIGAY TUZOBISHIMA MUGIFASHE.

  • Bigiyegukomera i burundi ntibizoroha MANA tabara!

  • Turabashigikiye gukuraho ubwo butegetsi bubi mugabo rero ayo ma grenade nuze muraraba abo muyatera apana abanyagihugu batizi nakimwe cane cane izo mbonerakure abaribo muhamya hama tatwe tubari inyuma dufashanye kwikukira ubwakabiri kuko bitabaye kunguvu bazotumara twebwe abene gihugu rero ntayindinzira ihari. Komera,Ramba turinyuma yanyu!

  • nibarabe bagarukire igihugu nabene gihugu kubera ikiringo cagatatu kirateye isibe mugihugu citwako kiri muri demokrasi

  • UWOMU General ntagira icoyubaha yahazenone ngwakure president kunguvu ntageza ahubwoyabuze ico akora inzego z’umutekano zirimaso

  • Aho Ikibazo Kiri Sahandi; Nuko Abapfa Bishw Nayo Ma Grenad Usanga Ataco Bazira,twebw Bato Mudukingir Hama Mwebw Munganya Amatako Muhez Mwoger Hamw Cank Mwumvikan Pacifiquement.

  • iyo mwabivugiye mwarananiwe, ahubwo munanigwe muhore, kwama Eeemama, itarikiyi hanyumiyi. mwebwe muri bantakigenda nugutabarundi murubi gusa nta cdd-dd ntamwebwe muricokimwe harabuzuwukurikabazo munzira kuramajambo mwerekanibikogwa, twebwe twitezugutabagwa kuvuye ku Mana gusa nayomweho mwotumuntu, asara

  • scott we mwenuwo mu general mufise ivyiyumviro bipfuye pe!murakwiye kubihambanwa,nimugerageze ko na coup d’etat yabananiye nivyo bizobapfako binanahitane abarundi bari maso

  • ivyo wavuze ni théories hasigaye pratiquesv ariko gutera grenade muri ville siko gufata igihugu

  • komera batama mwe turacabemera,nimu gipange neza tubarindiranye igishika,uwuzopfa apfe,naho yoba jewe,nubundi arugupfa turapfuye.

  • Nyakubahw General Grenad Zonyen Zirakwiy Kugirang Mutuz Ubwo Butegets Bubi?Ahubwo Nimwongerz Inguv Abarund Isinz Tubarinyum

  • iyo mwabivugiye mwarananiwe, ahubwo munanigwe muhore, kwama Eeemama, itarikiyi hanyumiyi. mwebwe muri bantakigenda nugutabarundi murubi gusa nta cdd-dd ntamwebwe muricokimwe harabuzuwukurikabazo munzira kuramajambo mwerekanibikogwa, twebwe twitezugutabagwa kuvuye ku Mana gusa nayomweho mwotumuntu, asara

  • REKA KUBA MUKWEGERABANTU,AHUBWO SABIKIGONGWE MUGARUKE KUKO TWARABONYUMUGABO UWARIWE.

  • Ndatangaye cane si narinzi k uburundi bwari bufis aba général bibijuju nka léonard , non ashaka gufat igihugu akoresheje grenade. ? Ahubwo sikijuju gusa yob afis akagwara ko mumutwe, baraza bagacokoza bahejeje bagacabahunga police Nay igasigar iramara abanyagihugu , nibagende bagwanire murukoko niho hagutse

  • Leonard wew uri ikijuju mwananiw ubwamber ubu murafis aho muzomener gus mwebw muribikoresho vyabatutsi ubu abanyagihugu ntankoho tuzofata dukorera mwebw mwize ubu twarabahinyuy ubu muratum abatutsi ubu abahutu aho twapfiriy twararush izo grenad nazo uter ziter naw bazozitera umuryango waw muzopfa mwangara mwiyita ngo mur abageneral nyamba mur aba generar buburofa nabo kwiba

  • Nibareke.Kutubesha..Ahoyagerageza.Gukorainabi twasezereye.Muburundi.Yaciye kwiradiyo.Amezi aheze.Atanakivugwaanganagute?.Ahubwo.Ivyobisigariravyiwe.Nibijahabona.Bitegurire.Amatora.Bareke Kwibutsa.Abarundi. Ibintunkivyo.Abarundi.Turazikwarimuri.Demukarasi

  • Abarundi, Ni Musangire Akabisi Na Gahiye Mureke Kuryana... Ingwano Si Nyishu Y’ibibazo Vyabanyagihugu, Muzotwara Iki Mumaze Kwica Abanyagihugu?

  • Abarwanya peter bose banyotewe no kugandagura abanyagihugu. None abahora babeshyera abapolisi ntibabonye ukuri

  • je nobabwira ikintu kimwe, kandi abazogira amahirwe yo kubibona bazmpinyuze: uwo mugabo jenerali ngensakumana, abamukunda botangura kumusabira imisa yo kumushikna mw’ijuru kuko aharurwa mubapfuye. atishwe n’abo arwanya yicwe n’abo arwanira. muti gute: yabonye arwanye hamwe na fdd barashoka umasezerano aca yobaza ko ariwe lomeye yatsinze. inguvu baravanyeko, nizo arwanya. kabiri naho, atsinda canke atsindwa, ntamurwi uzoshigikirwa na kagame ngo yemere ko uguma urongowe n’umuhutu . azobakoresha kivumbi na yashu, ahengere hageze gushikira igihugu ace abatekera mumufuko, abice, abaturize essance canke abate muri kagera bagaruke i burundi bviye murweru. nibaza ko kurwanya nkurunziza bitari biteye impungenge, ariko bararaba neza ngene bagiye kubikora. guhemukirwa vyovyo ntaka noneho urabona ko bbihereyeko bagitangura nk’uko avyemeza.

  • Murindiriyiki Gusa Mubitero Mugira Mwirinde Guhitanisha Abenegihugu

  • JEW MBONA PITA YOTANGA IMIHOHO KK SIHEZA

  • JEW MBONA PITA YOTANGA IMIHOHO KK SIHEZA

  • Mbe mwebwe ntimwibuka iyo mwaje muva. Mripfuza abandi bajayo
    Umvikana bihere mubane

  • General avuga kw’ari nyuma ya grenade ziterwa muri quartiers, abapolisi n’imbonerakure zigaca zironka urwitwazo rwo kurigita abahaba !Ntawundi yob’ariko arakorera atari iyo leta yamaze abanyagihugu.

  • Abarundi muratwenza kabisa,aho Léonard avuga ngo azofata igihugu, ariko arata umwanya, kuva mugihugu biroroshe, ariko kugisubiramwo bizomugora kandi aba généraux sibo bafata igihugu, mbe afise les hommes et femmes de groupe bangana iki nahore areke kubesha abrundi naho abamwishinga, bakumva ivyavuga bazibonerako.abarundi bakwiye kwirinda abantu bibijuju nka Léonard.

  • Atagerezwa Kurekura Ubutegetsi Ahandiho Ntazoroherwa.Azoba Abaye Rusarurira Munduru.

  • MUKIVUGAKO ARIMWEBWE MWATEYE ARYAMA GRENADE, NDABASE BIRENZE URUKUNDO NICIZERE NARINDAFITIYE, BARUNDI BARUNDIKAZI JEWE NARIMUBAMBERE NAKIFUJEKO TWOKORESHA UBURYOBUSHOBOKABWOSE ARIKO TUGAHAGARIKA INTARO YA NKURUNZIZA NA DD YIWE NONE KWABONARINIZEYE KOBAGIYE KUMUJUBITA BAHEJEJE KWIYEMERERA KO ARIBOBAMAZIMISI BATERA AMA GRENADE BUJUMBURA NDAVYEMEYE KO NAJANYE NYABAHURURA! BINYERETEKO NKURUNZIZA NA DD YIWE BASHOBORAKUBARI BABISURA, ABONABO NARINIZEYE KOBOMUKURA HAKABAHO AKARUSHO NDABISE BABINYA. REKADUHITEMWO KIMWE MURIVYOBIBURI HAGATI YA BISURA NA BINYA DUHITEMWIKI?

  • Uwuzowucana Azowota Ndabarahiy Mwananiw Ubwambere Mugifise Urupfunguruzo Rwibigwanisho Ubuhoho Tuzobamesa Mumenye Ko Twbw Abanyagihugu Twibereye Mumutekano Ntangere.Iterabwoba ryaramy mugabo ndibaza ko amakungu abonye abateye umetekano muke mugihugu mbega bambonimpa ububagiye gushigikira izomburamukizi?Ababashigikiye nabo bazopfana

  • eweburundiwaragowe uwariwewese azavugayiwe nonenkaniyimbare nawewekovyabananiye ivyakudeta rekarero uwubwenge nkurunziza petero abatware

  • eweburundiwaragowe uwariwewese azavugayiwe nonenkaniyimbare nawewekovyabananiye ivyakudeta rekarero uwubwenge nkurunziza petero abatware

  • ahubwo nimushikirize ivyo birwanisho. erega EAC yama ivuga mwebwe mureke kubeshera imbonerakure. none ubu ntimuhinyukany! yooo!! maramar twarabahinyuye.

  • Ivyuburundi biragoye!none ko abo ayo ma grenade ahitana arab mworongoye none tugiye kuba abande?leta iturase,abayigwanya badutere ayo ma grenade.uwuramvye azobona!

  • nukuri jewe uWogabo ndamwera ari ibuye risece ntica isuka bikore tubibone uwufa afe ureke kuguma ugira pibirisite azobananira mubona ufane ishavu gusa.!

  • none.abobajenerarebagumabavugira.ahobicaye.bagombatucetwomokacanke.bavuga.ibuyeriserutsentiryica.isuka.pitankurunziza.ntugire.ubwoba.tuzobamesanibarekekuvugira.ahobicayevyarabananiyenibapfiremubuhungiro.iyobahungiye.bareke.ivyuburundi.vyabananiyekare

  • jew muvyo nterkwa namakuru, avugwa ntanca nivutu namba ut kki, kera kuntwaro yigisoda1 twumva vyinshi bisumba ivyubu har umugwi bavuga ngo perep hutu ngugwana nkibara ngobazofata igihugu nintok ayomajambo yaratinyitse mwicogihe niyindimigwi yarimwishamba yrakoresha iterabwoba risumba non imvugo ko itabaye ingiro? vyose simbona vyavuye mumyumvikano?jew ndavye igisoda caricubwoko1 non ububose barihamwe koko ayomagerenad uwomugabo aribwira ko azoyafatisha igihug nibikoho vyabagwanyi barimwishamba bitagifashe kunguvu? nicogituma ntemeramajambo avugwa numuntu atarashikirubutegetsi kuko abasa nuwurota ibirotoroto kuko umunwa canke ururimi ntanguvu bifis kiretse kwirarira nimiburiburi kuwuganza iyabikoreshej novyumva,kukow ntavuguruzwa ahubwo aravuguruza,kirtse Imana niyimuvugurzan,ywe leonard w nkubaz jew ndumunyaghugu muto umbabarire ayomagerenad, uyatera abomupfa intwaro canke ategwa abo ugomba kuzotwara?

  • HAHHHAAAA MUBISHERA NGO NIMBONERAKURE....MURATANGUYE GUHINYUKA.ABO BANTU MURIKO MURICA MU CIBITOKE MUZOBABAZWA.
    KANDI UMENYE KO TWEBWE ABARUNDI HAZOGERA IGIHE YUKABACIRA UMUKENKE.
    MURUBAHUKA MUKAVUGA NGO UMUSHIKIRANGAJI WO KWIVUNA ABANSI YARABAHEMUKIYE!!! MURUNDI YANSE KO AMARASO ASESEKA ARIKO LEONARD BANDANYA UPIMA MUGA UMENYEKO IMPERA NIMPERUKA UZOPFA URAVYE ABANTU MUMAZE IMISI MWICA.
    IZO GRENADE SIZO ZIZOTUMA NKURUNZIZA AHAVA...RINDIRA IMYAKA ITANU TUBANZE TUMUTORE HANYUMA UZOZE UTWARE ARIKO URAKENYEYE USAZIRE MWISHAMBA KWERI!!!!!

  • HAHAHAHHAHAAAAAAA MURAGERAGEZA KUBONA MWARASIZE ABANDI...MBEGA UWOBABAA IYO ABANDI BARI MWOHAVUGA?NDABANEZE,cyrillo,kiroho...BANDANYA MWEMANGA ARIKO MUMENYE KO MURIKO URABAKWEGERA NTIMUMBAZE.

  • none ntimuhinyukanye mukivuga ngo nimbonerakure zifise ibirwanisho. ahubwo nimubisubize hakiri kare nkuko mubisabwa na EAC.

  • None se abaturage barazira iki ko amagrenade ahitana abasivile?

  • Un General ignorant. None muzagata igihugu gute abanyagihugu mugiye kubatsemba na grenades? Nkurunziza akoreshwa n’Imana niyo mpamvu abamurwanya bazashira kuko Imana irinze abarundi. Aho gutera grenades abanyagihugu kuki badatera amakambi ya gisoda. Abo baginga kagame arabashuka kuko niyo yabakoresha azabagandagura amaherezo . Naho kubeshya ngo Niyombare ari mu Burundi kandi abanyarwanda birwa bamubona mu Bugesera ibyo ni ibinyoma byambaye ukuri!!

  • Twebw twararushe. Mbega ko mugitabagura iherezo n’irihe? Ivyo mugira vyose batobato turarushe.

  • POLITIKE Y’ABARUNDI IRASEKEJE KABISA.UMUTERORISTE NK’UYU AKWIYE GUSHYIKIRIZWA INKIKO.

  • emma

    jewe abo bagabo barantangaza, kuberiki uwariwe wese yiyita uwukomeye muburundi? uwo mugabo nareke kumaramaza aba genelale. Ama grenade nayo atera benabarongoye arabeneza tumufashe tuzomurya tumumire abapfa bishwe nama grenade aze arabaharura!!!

  • .imanayo.irazi..ibikenewrekaimana.yitweimana

  • Ako izi njiji zikomeza kuvuga H.E Kagame ngo niwe ushuka abanyamafuti,nkuyu ngo ni mutabazi,mubona president wacu afite time yo kuvugana nabantu bari pauvres mumutwe?! Twahaze speculations zanyu,ntago turi kuri niveau yanyu Kdi HE Kagame nta time afite yo kubataho mwa njiji,muzibe gukomeza gushotora u Rwanda nibigambo byanyu bitameshe,nta mwanya na muto tubafitiye,injiji gusa!!!!rrrrhhhhh

  • MWESE MWUMVISE NABI UYO MU GENERAL AVUGA YUKO ARI AMA GRENADE BATERA ABA POLICE SAMA GRENADE BATERA ABANYAGIHUGU.NIMUZE MURATANDUKANYA IVYO UMUNTU AVUZE BOBO BARIKO BAGWANIRA ABANYAGIHUGU HAMA BACE BABATAMWO AMA GRENADE AHO MWUMVA ARIVYO.

  • Ndumva reta y’uburundi yagombye gishyiraho mandat d’arrets zo gufata aba ba terroristes bataramara abanyagihugu!! Umwanzi w’uburundi yagaragaye. Amabi amaze iminsi akorwa beneyo barabyivugira bivugwa ibigwi hejuru y’amaraso y’abanyagihugu.

  • tuzobafasha kubera abarundi twahonye!%

  • Mbegako muvugango muriko murategura guhirika ubutegetsi nimureke,kwitwenga,ubwambere vyarabananiy muri mugihugu ubumuri hanz yaconiho muzobishobora?ukwo bakwita kumaramara,ubu muratanguy mwemerak muter amagrenade,mbeg muyatey,ahitana,abansi banyu gusa?mbe abansi,banyu,niband?Narinziko mwize igisod kumbure carabarotse.muritonda uburund bwubu sibumwe bwa 72 vyishi murabiz muraza neza rero.

  • @ Kumazi, ntasoni nindeyagutumye kubagabanyiriza ivyobontene bivugiye, uvuzekotwumvisenabi ncanirika kwongera gusoma ikinyamakuru comu Rwanda Igihe.com ndonkera njanahandiheshi nsanze ariwewe wumvisenabi, biranditse vyamaze kubikwa, abazungu nicogituma baharanira kwabirabure bahabwa umwidedevyo wokuvuga kuko baravuga bakavuga nibizobahitana kuko iyobabibagirije birabagira kwisugura.

  • VYARABANANIYE REKEKUMARAMARA MUSHANUMUPFUMU APFANYWENUMUNTU URYAMUSHAHARAMWAHEVYE MUHENDWANABAMENYEYEKURYA IVYOBATABIRIYICUYA MUJOWIPFUJA HINGEDUSINGE INTWARO MUJOGWAMUBUHUNGIRO MUHENDE IBIJUJU NAYO ABANYABWENGE TWARABAHINYUYE RETA HIMA IKIBANZACAYO CARAFUSWE

  • BARAZA IGIHUGU KIRIPANZE TUZOBAMESA ISABUNI IRAKWIYE

  • Iyo ni nkinamico, mbe ko Adolphe yamaze Abantu, murabona aja kwihaya ko yabishe, arabigira akanuma, uraraba ko atari nyamitwe ariko arahenda Abantu , uwo nta MA grenade yateye ni ugusamaza Abantu kugira babe baracanamwo haha twarabahinyuye

  • HAKENEWE ABAGABO BARINDA NKABO NAYO AHANDI HO ABANYAGIHUGU BARAGWA MU BANA NK’IMBEBA

  • jewe nasomye ivyomwagiye mwandika nasanze benshiatavyomuzi general atangiraamategeko muri kenya arabaho?iyonimpunzi ntamusoda ahunga ahubwonahore.izo grenad nazoburyaharaho wosangazihitanye nanyinacankebenewabo nonebosiga yabajanye murikenya?

  • uyo mujenerali honyene mu 2006 yari rogistique wa pnb mbegainda..nonentarahagahoyibiye? amanyangayamasoko mukurenganya aba pnb bato muvyobandikiwe arabana chef wigendereza mugipolice noneubuagiyeguteraama grenade twovugakoarinzara ahubwo prezident wa kenya ararabaneza azohavayigira kwari muburundi ageragezekutembagaza igihuguca kenya uwamenyeyekwiba nahoabona agapirakinabanaarajana we abazikoumwugaawushikanye

  • Mbega ko mbona benshi batashimye ivyo uyo mu general yavuze,aho si uko abatutsi bumva bari visés kubera bari muri coup d’etat hamwe n’aba manifestants bari kumwe n’aba putschiste ubu bakaba birigwa batera ama grenades bakumva bizobakorako?
    Ndiko mbwira wewe dolfo gmail..,abayatera ni abari kumwe nabo bashatse gukubita coup d’etat abo nabo harimwo ’aba manifestants, gusa bibagwa nabi kubera muri abo ba declara ingwano ku burundi harimwo abatutsi bakaba aribo birigwa bariha inkumbi,ivyanyu biriko birabatekurukana,kubera chaque fois muhenda amakungu ngo ni ikibazo ca politique ariko moindre geste muba mwamaze kuja mu moko.Ehe raba ubu ivyo uyo mu general avuze mubishize mu nkinamico ca dd kuko bifata abahutu,mwatuririye abahut mu ma pines none hari abatanguye kuvyegeka kubo kwa gwasa ngo ni bo bazanye violence mu migumuko,emwe mwa bahutu mwishize hamwe n’abatutsi ngo mukore ivyo mukore,mwigarure si non barabica,agakomye kose basubira mu moko.
    Ewe wa mu general uranteye ikigongwe,abatutsi barabahenze none mugiheze inyuma muyerera hari hageze aho muruhuka ,kandi namwe abahutu muhagabire muri cnddfdd ntituzosange abatutsi bariko bayitsimbataramwo abahutu bayigwaniye bariko bagiherera inyuma,aba bandit benshi barawinjiyemwo mubacungishe ijisho.

  • Nibanyaruke Babikure Mu Mvugo Babishire Mungiro Kuko Abanyagihugu Twarambiye Nubucanyi Bwabay Kananira Bahinga

  • LEONIDENSE WE!!! INKIR,NTIKIR2 GENDA,URATEY,IKIGONGWE!!YOO GARUKA,USABIMBABAZI!! GENEL AKICARIKWAMWIVU,NAGAPORAR?? NUKURIBIRABABAJ!!NIYOMBARE URAMUTEYITEK,NGWARIH??ABANYAGIHUGU,NTITUGIFATWA,AMABOKO NGOTWEREKW,UMUYAGA NURUNYO,RWAMURIY,GWARABOZE.MUFISE,INGUFU,ZOMUMAJAMBO,GUSA,NAYOGUSHIRAMUNGIRO,VYARABATAY,KUWAMAZI.

  • Ubwenge bwabicanyi ntibuhezagiye!! ukubesha ni bibi nta muntu yirega, urabona dolfo avuga ko yishe abantu kandi adasiba kubikora, kinira hiyo izo nkinamico zanyu, ubwenge ntibukwiye, namwe murazi abazitera abo aribo.

  • mukama tabara igihugu c’uburundi.

  • mbibinyoma vyose bavuga presida w’urwanda?nibapfe bipfane.bagwane na nkurunziza.nivyobinwamaraso vyiwe.ariko ninde wundi mu president yokorankivyo kagame yakoreyu rwanda?nibamudutize ahubwo iburundi.aduhi terambere.

  • ivyomugira vyoshe imana irababona mukibaza ko itababona bamwe mukingira ngo muri aba paster abandi ngo nabavugishwa kadi mwirikwa mwagishoferi imana ituma kubaburira bakaca babafunga

  • Mugabo ntazotumara harigih imana izomukurako amaboko agahura nabamusumvya ubuhinga bakamudukiza

  • Mugabo ntazotumara harigih imana izomukurako amaboko agahura nabamusumvya ubuhinga bakamudukiza

  • Uvuka ibururi cank uri igikoresho cabo ntantambw muzoduterana

  • uyo muntu arimwo amahinyu nimba ari mu bantu batera amagrenade aravyifasha ntasubire kuvuga ngo arikumwe n’abamanifesta

  • komereza aho muharanire agateka k’abarundi.intwaro yagahotoro ntayodushaka.turinyuma yanyu.

  • Komeramutama,turinyumayawe,mudutabare,nacanecane,imbonerakure,zituraza twicaye kukomurabazi,jewe mundeekere pita,nzomwivuturira.

  • Nimuveko mutama we n’umugbo we yatwakiriy!ariko, umukama arabbona kuko ashobra kbaboha amabko inkoho zanyu nazo zikaziba.Imana irabona uburundi.

  • Nimuveko mutama we n’umugbo we yatwakiriy!ariko, umukama arabbona kuko ashobra kbaboha amabko inkoho zanyu nazo zikaziba.Imana irabona uburundi.

  • General leo nagomba ndabibutse murubirizi yo muri Congo abomwarungitse kurwanya abo mwita abakomagu (1995-1997)hoba hasigaye bangahe mû basarumfune turarushe grenade uyiteye nabi nawe ntigusiga murabaga mwifasha

  • Ndaramukije .Iciyumviro Canje Nikibazo .Mbega Wotega Umutego Utunyoni Twakubonye ? Urabonako Utariko Ukorera Ubusa .Ko Bene Wanyu Bariko Brpfa Bazir Ubusa Ubwo Isi Ntiyaheze Muzotwara Abapfuye Cank Muzorema Abandi ? Ubwo Weh Ntznanirw Nka Niyombr Gd ?Nuko Murwanira Aho Ihinyegeje Kandi Ikibnza Murwanira Mukizi ?End Ni Muduhe Amahr Twe Tuzory Ifi Twirobeye Utazi Kuyirba Ntiwomenya No Kuyirya Arik Utaremy Aric Ngah Ndagye .Data Wo Mwijuru Azo Babazi Ati :<< Ntawodomeka Itara Hanyuma Aryubikeko Igsimbo Hanyuma Riheze Rimurikire Abinjira Bose .>>

  • Dusenge na Yo Ubund Imana Igye Guhana ,mbese Mwe Ni Muze Tuje Mu Mator Ni Mwiyamamaze Muvuge Imigamb Mishash Yubk Ighug Murb Ko Btabator Mutarinze Gusesa Amaraso Ere Umunyagihugu Wese Siwe Ptro Nkurunziza .Kand Siwe Mbnera Kure .

  • Leonard ntaco lmanayamwimye cotuma ayihemukira eka nigihugu ntaco kitamuhaye ahubwo lmana igiye nayo kumuvuma agogwe ayo atari bwabone we numuryango wiwe kubera amaraso yabarundi ariko aseswa nayo ma grenade yiyemerera

  • murihenda.nkurunziza yatoranijwe nimana.nahomwobamarabose,muzomusiga arimuzima.ahokwicaramukaganira nukwicagusa. ababantu imana izobababaza.none komubamazemubica,mukabamuhayemurondera ubutegetsi muzoca mutwara bandee???muzotwara imva?nimwikebuke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.