Abantu bitwaje ibirwanisho bariko bafata inzira ija ku murwa mukuru wa komine Gihanga, intara ya Bubanza mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, bahuye n’abajejwe umutekano bariko barakizura baca bararasana nk’umwanya w’imonota cumi n’itanu. Nta muntu yaguye muri iyo mishamirano.
Abanyagihugu bo muri komine Gihanga basaba ko umutekano wabo wokwongerezwa mu kurwiza ibirindiro vy’abajejwe umutekano hamwe n’ugukomeza ibikorwa vy’ugukizura mw’ijoro.
Musitanteri wa komine Gihanga, Leopord NDAYISABA nawe asaba abanyagihugu kuguma bari maso, bagatanga inkuru hakiri kare mu gihe babonye bantu biketse.
ahavuye ubushomeri bozoca buhera? uko niko muhenda abashomereye ngo muzoca mubaha akazi? mbega mwese muzokwigwa kuba president? abo mabo bakangisha kurasa vyabananiye kuko uretse abatama nabana ntawutazi kurasa. nibarabe baze tubane nimba batamushaka nazojehamwe bamutsinde mumatora ya 2020.uwudafise abanywanyi nkanje yemere atwarwe kuko niko abarundi benshi tubayeho. mbega nkumuntu ari mububiligi yokura president gute?