IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwatunganije inama y’iminsi (...)

Gitega : Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwatunganije inama y’iminsi ibiri

jeudi 15 Rusama 2014

Mu ntara ya Gitega hakoraniye inama yateguwe n’ubushikiranganji bw’ukumenyesha amakuru, yatanguye kuri uwu wa kane, ihuza abarongoye itangazamakuru mu Burundi. Muri iyo nama bariko barabira hamwe ingene ivyasabwe mu nama rukokoma y’itangazamakuru vyoshirwa mu ngiro.

Ubushikiranganji bw’ukumenyeshamakuru bwatunganije iyo nama inyuma y’iyindi yaheruka kubera i Gitega. Intumbero yayo akaba ari ugushira ahabona umugambi w’igihugu w’ukumenyesha amakuru (politique nationale de la communication) hamwe n’ukubandanya kwitegurira ukwinjira mu buhinga bwa none (politique nationale de l’audiovisuel).

Tharcisse Nkezabahizi, umushikiranganji ajejwe ugutumatumanako amakuru, ari nawe yuguruye ibikorwa vy’iyo nama yamenyesheje ko umugambi w’igihugu w’ukumenyesha amakuru uje hageze kuko uhuriranye n’iyinjira mu buhinga bwa none (passage de l’analogie au numerique).

Mu ntumbero y’ukurondera ingene iyo migambi ibiri (umugambi w’igihugu w’ukumenyesha amakuru : politique nationale de la communication, hamwe n’ukubandanya kwitegurira ukwinjira mu buhinga bwa none : politique nationale de l’audiovisuel) yoshirwa mu ngiro, abari muri iyo nama izomara iminsi ibiri basavye ubushikiranganji bw’ugutumatumanako amakuru ko itegeko rigenga umwuga wo kumenyasha amakuru ryotosorwa, ingingo zitubahiriza ibwirizwa shingiro zikurwemwo, nk’uko vyasabwe mu nama rukokoma y’itangazamakuru iheruka kubera i Gitega.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.