IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Umurwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha wishikiye ahazuwe (...)

Gitega : Umurwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha wishikiye ahazuwe abantu

lundi 9 Ruhuhuma 2015

Inyuma yaho bivugiwe ko hari ibiziga biriko birazurwa ahariko hategurwa quartier nshasha mu ntara ya Gitega i Zege, bamwe mu bagize umurwi w’ukumenya ukuri no kunywanisha abarundi barahishikiye.

Muri urwo rugendo rwagizwe na batatu mu bagize uwo murwi, bakaba basavye ko hoba amatohoza kuri abo bantu bazuwe kuri uyo musozi wa Zege, ahariko hategurwa iyo quartier nshasha yo mu gisagara ca Gitega. Patiri Desire Yamuremye ari mubari bagiye i Gitega, akavuga ko uwo musozi wa Zege, wari usanzwe wahambwemwo abantu bagiye bahitanwa n’indwara, ariko akavuga ko hatabuze n’umwe canke abandi boba barahahambwe bahitanywe n’ivyago vyagiye bishikira Uburundi, ari naco gituma yasavye abajejwe intwaro kugira amatohoza kugira ukuri kuri abo bantu kuze kumenyekane, hanyuma baze bahambanwe iteka.

Uwusanzwe arongoye igisata co gutanganya ibisagara mu ntara zo Hagati no mu Buseruko, akavuga ko abantu bose bazuwe muri ivyo bikorwa, bagiye kuzohambanwa iteka. Mukamenya ko amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yari yiyamirije ukwo kuzura abari barafubwe aho i Zege, aho bivugwa ko amagufa y’abo bantu wayasanga yanikiye ku gahinga. Eka n’abasuma, bakaba boba bikika mu kiza, bakiba amabati yari apfutse ivyo biziga, cake ibindi bintu vy’agaciro vyoba bitari bwononekare muvyahambanwe abo bantu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.