IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Godeliève Nininahazwe yatanguye amabanga y’umushikiranganji wo gufatana mu (...)

Godeliève Nininahazwe yatanguye amabanga y’umushikiranganji wo gufatana mu nda

lundi 15 Kigarama 2014

Godelieve Nininahazwe, aherutse kugenwa mu kibanza c’umushikiranganji wo gufata mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, yarahiye icese imbere y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka kuri uwu wa mbere.

JPEG - 106 ko
Godeliève Nininahazwe, umushikiranganji wo gufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira

Mu gatondo ko kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 15 Kigarama 2014, umupfasoni Godelieve Nininahazwe yagenwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/288 ryo kw’igenekerezo rya 10 Kigarama 2014, mu mabanga y’umushikiranganji wo gufata mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere rudakumira, niho yarahira icese ko atanguye amabanga aheruka gushingwa. Afashe n’ukuboko kw’ibubamfu ibendera ry’Uburundi n’iryubumwe, umupfasoni Godelieve Nininahazwe, adugije ukuboko kw’iburyo, yarahiye imbere y’umukuru w’igihugu, aho yiyemeza kwubahiriza ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, gukorera igihugu mu gutsimbataza amahoro hamwe no guharanira agateka ka zina muntu.

Mukamenya ko uwo mushikiranganji Godelieve Nininahazwe, asubiriye mu kibanza cahoramwo umupfasoni Clotilde Niragira aherutse kugenwa nk’umunyamabanga w’umurwi wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe (CVR). Ivyo birori bikaba vyari vyitabwe n’abanyecubahiro batandukanye, aho tukavuga icegera ca mbere c’umukuru w’Igihugu, icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, umuhuza w’abarundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka.


Alida Sabiteka

Messages

  • Ndagukeje kand’Imana izokomeze kubananawe mwayomabanga mushikirizwe yigihugu cacu (canyu)

  • EGO URASANGWA UBUKURU..UTABIZI YOGIRA NI ITERAMBERE KU BAKENYEZI..WAPI AMA DD NABANDI BOOSE BABIGIRA KUGUTINYA ONU NA UE NTA KINDI KUKO NTA JAMBO,NTA GIHINDUKA MU MATEKA Y ABAKENYEZI KUKO ABO NI INGWIZAMURONGO NTA KINTU,,,CANKE BABA ARI BA SOMAMBIKE ,INCUTI N IBINDI MURI BINO BIHUGU VYACU....!!!!NTACO MVUZE

  • NI VYIZA ARIKO IKIBABAJE NUKO IYO MURONSE AMABANGA NKAYO MUTIBUKA AHO IMANA IBAKUYE MUKACA MUTANGURA KUGIRA INGESO MBI NKO GUSAMBANA .GUSUZUGURA UWO MWUBAKANYE.KUGAYA UWO MWUBAKANYE.UKIBAGIRA KO IGIHE MWAKUNDANA KO WAMUHISEMWO MU BANDI BENSHI.URIYUBARA MUGENZI URAZIKO UKUNDITSE VRAIMENT

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.