IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée Equatoriale : Amatora yatsinzwe n’uwumaze imyaka 36 ku (...)

Guinée Equatoriale : Amatora yatsinzwe n’uwumaze imyaka 36 ku butegetsi

vendredi 29 Ndamukiza 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa Guinée Equatoriale, Teodoro Obiang Nguema Mbasogo yatorewe kubandanya kuyobora ico gihugu.

Uwo yatsinze amatora amaze imyaka 36 ku butegetsi, akaba ariwe mukuru w’igihugu wa mbere wa Afrika amaze igihe kirekire ku butegetsi kurusha abandi bose.

Teodoro Obiang Nguema Mbasogo yatsinze amatora ku majwi 94 kw’ijana, akaba muri ayo matora yari ahanganye n’abo bahiganwa batandatu, ariko aho mukamenya ko imigambwe ikomeye muri ico gihugu itavuga rumwe n’ubutegetsi yanse kwitaba ayo matora.

PNG - 806.4 ko
Teodoro Obiang Nguema Mbasogo yatsinze amatora ku majwi 94 kw’ijana

Teodoro Obiang w’imyaka 73 yahiritse ubutegetsi bwa se wabo haheze imyaka 36, akaba agiye gusubira gutwara Guinée Equatoriale, kimwe mu bihugu vya Afrika bifise ubutunzi bwifashe neza kubera peterori iri muri ico gihugu, ariko abanyagihugu b’ico gihugu bakaba babayeho mu bukene ntangere.

Ivyegeranyo vyerekana ko muri ico gihugu uburenganzira bwa kiremwa muntu butubahirizwa neza, akaba kandi ari kimwe mu bihugu vyaseserejwe n’igiturire kw’isi.


IGIHE

Messages

  • Afirika,kugirubwicanyi,bugabanuke,nuko,abaperezida,bose,bojahamwe,kukobihaye,kugiribihugu,nkivyabase,nahandiho,umwewese,abikora,kukoyiyuviriye,zikivuga,ntakubihanganira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.