Accueil > Amakuru > u Burundi > Habura imiriyoni 400 kugira isoko ya COTEBU yuzure
Habura imiriyoni 400 kugira isoko ya COTEBU yuzure
jeudi 17 Ndamukiza 2014
Amafranga agera ku miriyoni amajana ane niyo abura kugira ibikorwa vyo kwubaka isoko mfatakibanza ya COTEBU birangire, nk ‘uko bishikirizwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma saidi.

Mu rugendo umukuru w’igisagara ca Bujumbura yagize kw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, Juma Saidi arashima aho ibikorwa bigeze kuko ibihambaye bisa n’ivyarangiye, ariko rero avuga ko hakiri ibisigaye gukorwa. Saidi Juma avuga ko iyo soko yubatswe ku mafranga angana umuriyaridi n’inusu w’amafaranga y’amarundi. Muri kino gihe hakaba habura imiriyoni amaja ane kugira ibikorwa vyose birangire neza na neza.
Iyo soko rero mfatakibanza ya COTEBU ikaba ifise ibibanza 2500 mu gihe abadandaza bose bari mw’isoko nkuru ya Bujumbura barenga kure niyo ico gitigiri, kuko mw’isoko nkuru hari ibibanza bishika 5700. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi avuga ko atari ngombwa ko abahora bakorera muri ico kibanza aribo nyene boshobora kuronka kandi ibibanza. Mbere bivugwa ko hashobora kuronka ibibanza baravye intonde za kera, isoko nkuru ikicugurwa kuko abagiye barongerako ntibazorabwa.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko bishobotse nko mu kiringo c’ukwezi, ibikorwa vyose bishobora kuba vyarangiye mu gihe ayo mafranga yoboneka. Mukamenya ko iyo soko yubatswe n’uburyo ahanini bwatanzwe n’ibanki BAD hamwe n’uburyo bwa Reta y’Uburundi.
Tubibutse ko abadandaza baburiye ibintu vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura bafise amakenga atari make ku vyerekeye itangwa ry’ibibanza, kuko hashobora kubamwo amanyanga menshi nk’uko kabura Pascal umwe mu baserukira abadandaza aheruka kubishikiriza.

Floxella Karire
Messages
18 Ndamukiza 2014, 17:59, par Kabizi@yahoo.fr
UMUSUMA!