IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Hasohotse umutahe mpuzamakungu uhagarika umuririmvyi Justin (...)

Hasohotse umutahe mpuzamakungu uhagarika umuririmvyi Justin Bieber

samedi 11 Ndamukiza 2015

Umucamanza wo mu gihugu ca Argentine yatanze urupapuro mpuzamakungu ku gipolisi ca Interpol ruhagarika umuririmvyi avuka mu gihugu ca Justin Bieber. Yagirizwa ivyaha vyinshi.

Ku myaka 21, Justin Bieber yagirizwa ivyaha vyinshi hamwe no kutitaba ubutungane igihe cose bwamurondera ariko hanini akurikiranwa ku caha co gukubita uwufotozi i Buenos Aires muri Argentine igihe yari mu biteramo muri ico gihugu mu mwaka w’i 2013.
Maria Soledad Nieto akorana n’umushingamanza Alberto Banos, avuga ati:" Turasavye ihagarikwa rya Justin Bieber na Interpol aho ari hose kw’isi. Nk’uko atigeze yitaba umutahe n’umwe w’umucamanza, turasavye ahagarikwe". Uwo kandi avuga ko umutahe wasohotse kuri uwo wa gatatu igenekerezo rya 08 Ndamukiza.

Ivyaha Justin Bieber akurikiranwa ko

Mu mwaka w’i 2014 mu kwezi kwa Munyonyo, umucamanza Facundo Cubas yasohoye umutahe urengutsa uwo muririmvyi, amuha maze iminsi 60 kugira azobe yamwitavye, umubwira ko atitavye hazoca hasohoha umutahe wo kumuhagarika.

Ivyo vyose vyavuye ku mu "photographe" wo muri Argentine yakubaguwe atako yamburwa igikoresho ciwe hamwe na gendanwa yiwe, bitumwe na Justin Bieber. Aho hari imbere y’inzu y’ubutambiro iri muri "quartier" yitwa Palermo ari i Buenos Aires.

Hejuru y’ivyo yagirizwa ku gatwe kiwe, umwe mu bamugendanira (gardes du corps) igihe c’ibiteramo yarimwo aho mu bumanuko bwa Amerika, nawe yarahamagawe n’umucamananza. Nawe yagirizwa kuba yarakubaguye uwo mu "photographe" abitumwe na Justin Bieber.

Justin afatwa nk’umwana ateye ubwoba "Baby Bad Boy", afise vyinshi akurikiranwa ko n’ubutungane: kuba yaramenaguye ibintu vyo mw’i "Hotel" y’i Rio de Janeiro muri Munyonyo 2013, guhohotera uwariko anyonga imodoka(Limousine) muri Kigarama 2013 i Toronto, gutwara imodoka mu muvuduko munini mu ntara ya Floride muri Nzero 2014, gutera akaguma inyuma y’isanganganya, muri Myandagaro 2014 igihe yari ku mwe mu rukundo n’umuririmvyikazi Serena Gomez.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.