Accueil > Amakuru > u Burundi > HCR yipfuza ko impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zoshika mu nkino za (...)
HCR yipfuza ko impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zoshika mu nkino za Olympique
jeudi 9 Ruheshi 2016, par
Inzego zijejwe kwitaho ubuzima bw’impunzi mu Rwanda zimenyesha ko inkino n’imyidagaduro bikwiye kwitabwaho vuba mu makambi ari mu gihugu c’Urwanda kuko ari kimwe mu bifasha impunzi kuva mu bwigunge no kuva mu bibazo zihura navyo ku munsi ku munsi.
Hari benshi bumva ko uburenganzira bw’impunzi bugarukira ku guhabwa ubuhungiro no guhabwa imfungurwa, bakibagira akababaro n’agahinda umuntu yahunze yamana gushika ku munsi wa nyuma umuntu asubiye mu gihugu ciwe.

Inzego zitaho impunzi mu Rwanda zivuga ko mu burenganzira bwinshi impunzi zifise harimwo inkino n’imyidagaduro, vyose bikaba bifasha impunzi kuruhuka no kwibagira vyinshi mu bibazo vyo mu buhungiro.
Jacques Rogge, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igihe yashikiriza impunzi z’Abarundi ibikoresho bitandukanye vy’inkino kuri uwu wa 8 Ruheshi 2016, yamenyesheje ko bahisemwo gushira mu nkino amafaranga agera ku bihumbi 392 vy’amadorali ya Amerika, kugira bereke urwaruka ko inkino ari nkenerwa.

Dr Azam Saber, umuyobozi w’ishami rya ONU ryitaho impunzi (UNHCR) mu Rwanda, avuga ko imfashanyo ijanye n’inkino Abarundi bari mu buhungiro bahawe itegerezwa kuvamwo abakinyi bazokwitabira inkino Olympique zizobera i Tokyo, bavuye mu mpunzi ziri mu makambi yo mu Rwanda.
Dr Azam asigura ko inkino ari igice batigeze bateganyiriza mu bihe biheze, kandi gifise uruhara rukomeye mu mibereho myiza y’urwaruka rw’impunzi.
Abandanya avuga ko integuro y’uko bizoshikwako zigiye gutegurwa, zikazotangura gushirwa mu ngiro mu ntango z’umwaka w’2017, ari naho hazoba hariko hategurwa amarushanwa azovamo abokwitabira inkino za Olympique z’umwaka w’2020.

Ngendakuriyo Leonard, umumenyereza mu nkino ngororamubiri mw’ikambi ya Mahama, asaba ko imirwi yimenyerereza mu makambi yo mu Rwanda yokwemererwa kwitabira amarushanwa yo mu Rwanda, ndetse ubuyobozi bwa komite Olympique bukaba bwizeza ko bizoshoboka.




IGIHE
Messages
9 Ruheshi 2016, 12:26, par willynshimirimana
nivyo bashoboye izo mujeri nibazifafashe kuko ntasuka bazi gutora
9 Ruheshi 2016, 14:39, par K
Ntubona kwiteranbere ribasakaye?
Baragerageza kubanezereza kugira muterimbere gusumba kubamugihugu canyu camavukiro.
9 Ruheshi 2016, 18:03, par tari
Aba ba Rubebe ngo ni impunzi bahunze amahoro none birwa banitse amazuru!!!!!
9 Ruheshi 2016, 18:13, par MM BEBE
NDABON AR VYIZ
9 Ruheshi 2016, 19:46, par nkdn
nubundi barabanyarwanda nibagumiyo mbugabo mbona noneho mutanguye kubatoza izubariva kugira bazoze kumara abenegihugu turazi ko inyimenyerezo yose iberaho nyene haseres murahengamye muteza akaduruvayo kugira muronke ubuzi naho mushorera intete nico gituma muguma muboheye abobantu mumakambi aho mwobahimirije gutaha kubaka igihugu cabo mbega ko hariho abirukanwe nurwanda ko ntaco mubivugako twabahinyuye mukunda aharintamba mugakunda agapfa
9 Ruheshi 2016, 21:29, par Elvis
Nivyiza Kwel Nivyo
9 Ruheshi 2016, 23:28, par Turaje
Bageze iwabo . Kuko izo mpunzi ni imburamukoro zahunze u Rwanda muri revolution 1959. None batahutse iwabo. Nibabe bahekenya impungure abo bashenzi.
10 Ruheshi 2016, 01:53, par Morodikayi Jon
Nivyiza kubafasha mubijanye ninkino,bishobotse bazogende guserukira Uburundi mumakungu batahukane umudari witeka. Zambonerakure Zankurunziza niki porisi ciwe birirwa baragandagura abantu,bazotahukane wamudari wibimaramare.
10 Ruheshi 2016, 11:58, par turaje new people
nataraho bazohashika kweri mureke imbonerakure zimarane zonyene
10 Ruheshi 2016, 12:51, par Kaze
Nimutahe iwanyu bane ba Mama mwarahenzwe, ntaco muzokura muri ubwo buhengiro butagira izina?? Ntimuzi ko bayamaze ngo akimuhana kaza imvura ihise?? Taha iwanyu, kuko uwabahenze ngo muhunge we yibereye mu Bubirigi, abandi aho mu mahoteri meza I Kigali.
10 Ruheshi 2016, 13:17, par falcon
Bageze iwabo. Impungure bazazirya mpaka imyaka n’imyaniko. Nudufaranga bazanye twarashize nukwirwa baswerana nkisazi batwanduriza igihugu aba baginga.
12 Ruheshi 2016, 11:52, par niyomwungere joseph
iyonkuru ninziza
5 Nzero 2018, 21:17, par bizimana
turagize mwiriw nukuri turavye nibagaruke muburundi turashima nibaze tugumane kuko niheza muburundi