IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > Ibanki BCB yagiraniye amasezerano y’imyaka 3 n’isabukuru "FESTICAB”

Ibanki BCB yagiraniye amasezerano y’imyaka 3 n’isabukuru "FESTICAB”

mercredi 21 Rusama 2014

Ibanki BCB yashize igikumu ku masezerano yo gufashanya n’isabukuru mpuzamakungu y’amareresi FESTICAB. Ayo masezerano akaba azomara imyaka 3. Amafaranga imiriyoni 15 akaba ariyo BCB izotanga mu bikorwa vyo muri iyo sabukuru « FESTICAB ».

Isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi ryo mu Burundi, FESTICAB, ryagiraniye amasezerano yo gufashanya n’Ibanki BCB kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 21 Rusama 2014. Ayo masezerano akaba agiye kumara imyaka 3 iri imbere. Ibanki BCB ikaba yiyemeje guha FESTICAB imiriyoni 15 z’amafaranga y’amarundi mu kiringo kingana n’imyaka 3. Aho ni mu gihe, ibanki BCB yari isanzwe ishigikira iryo sabukuru rya FESTICAB kuva mu mwaka w’2010.

JPEG - 69.3 ko
Robert NKERAMIHIGO, icegera c’umuyobozi w’ibirangurwa muri BCB

Uwaserukiye ibanki BCB, icegera c’umuyobozi w’ibirangurwa muri BCB, Robert NKERAMIHIGO, amenyesha ko bashigikiye FESTICAB kubera ari nk’urugi rwuguruye rutanga ishusho ryiza ry’igihugu mu makungu. Robert NKERAMIHIGO arongera akavuga ko Ibanki BCB, hampande y’ibikorwa vyerekeye ubutunzi, ishigikira ibikorwa vy’ibisata vy’imibano n’akaranga vy’igihugu. Ibanki BCB ikamenyesha ko yipfuriza iryo sabukuru ry’amareresi kubandanya ritera imbere rishike kure.

RUTUMO Tharcisse (ADG w'ibanke BCB i bubamfu), Léonce NGABO (umukuru w'isabukuru FESTICAB, i buryo)
Léonce NGABO, umukuru w’isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi FESTICAB

Ku ruhande rwa FESTICAB, umukuru w’iryo sabukuru ry’amareresi, Léonce NGABO avuga ko ari akanyamuneza ntangere kubona ibanki BCB isubiye kwizera iryo sabukuru. Uko kwizera BCB ifitiye FESTICAB kukaba kugaragariye muri ayo masezerano ashizweko igikumu. Léonce Ngabo avuga ko ari akanyamuneza kandi kubona iyo banki ishigikira imico n’akaranga k’Uburundi icishije mu gushigikira isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi ryo mu Burundi, FESTICAB.

RUTUMO Tharcisse (Umuyobozi mukuru nshingwantwaro w'ibanke BCB i bubamfu), Léonce NGABO (umukuru w'isabukuru FESTICAB, i buryo)

Tubibutse ko iryo sabukuru mpuzamakungu ry’amareresi FESTICAB rigiye gutangura ubugira umwaka wa 6 riba uko umwaka utashe. Uwu mwaka rizoba ku magenekerezo ya 13 gushika 20 Ruhenshi 2014. Icivugo c’uwu mwaka kikaba ari « Isinema n’intwaro rusangi ».

RUTUMO Tharcisse (Umuyobozi mukuru nshingwantwaro w'ibanke BCB i bubamfu), Léonce NGABO (umukuru w'isabukuru FESTICAB, i buryo)

INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.