IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu 3 bikomeye abakobwa bakunda guhisha abakunzi babo

Ibintu 3 bikomeye abakobwa bakunda guhisha abakunzi babo

vendredi 16 Nzero 2015

Amwe mu mabanga 3 akomeye abakobwa bakunda kunyegeza abakunzi babo, rimwe rimwe bikavamwo no guhebana

Abantu benshi barakunda kuvuga ko abagabo ari bo bakunda kunyegeza amabanga yabo kurusha abagore mugabo na bakobwa bafise amabanga akomeye bakunda kunyegeza abakunzi babo.Iyo umugabo aguma amubaza umukobwa bakundana ayo mabanga, kenshi abakobwa baremera bakabesha.

Ivyo bintu n’ibi:

1.Imyaka yabo

Abakobwa benshi ntibakunda kuvuga imyaka yabo kubera bayivuze rimwe na rimwe batakaza abakunzi babo canke mbere ntibaronke abagabo nk’uko vyavuzwe n’abanyamahanga.Bongera bavuga ko mu bisanzwe imyaka y’abakobwa yiruka cane kurusha iy’abagabo kandi ko abakobwa bakunda kunyegeza imyaka yabo, ari abafise imyaka 30.

2.Abasore bamaze gukundana

Iri banga abakobwa bararisangiye n’abahungu kubera abahungu ntibakunda kuvuga abakobwa bamaze kugendana na cane cane mu gihe ari benshi.Igituma rero abakobwa bibagora kuvuga igitigiri c’abahungu bagendanye, kenshi biterwa n’ukuntu aba akunda umukunzi wiwe adashaka ko yohava amuheba.

3.Ukuntu yiyumvamwo mu rukundo

Mu gihe umukobwa ari mu rukundo, kenshi biramugora guserura ukuntu yiyumvamwo mu rukundo, ugasanga ahisemwo kubigira ibanga.Ubushakashatsi bwakozwe bwerekanye ko abagore nka bose bakunda kwihagararako mu bijanye no guserura ivyiyumviro vyabo ku buryo umusore bakundana bitamworohera kumenya ivyiyumviro uwo mugore amufiseko mu gihe baba bari kumwe.Bongera bavuga ko nkiyo umusore asavye umukobwa gukora amabanga mpuzabitsina atavyemera ku munwa ahubwo abihakana mugabo ku mutima atariko bimeze.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.