Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibirori vy’ukwibuka imyaka 53 Rwagasore agandaguwe vyabaye mu gihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibirori vy’ukwibuka imyaka 53 Rwagasore agandaguwe vyabaye mu gihugu (...)

Ibirori vy’ukwibuka imyaka 53 Rwagasore agandaguwe vyabaye mu gihugu cose

lundi 13 Gitugutu 2014

Ibirori vyo kwigina imyaka 53 irangiye incungu y’ukwikukira kw’Uburundi agandaguwe. Ivyo birori, bikaba vyabereye mu gihugu cose. Ku murwa mu kuru w’Uburundi bikaba vyari vihagarikiwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Muri ivyo birori vyatangujwe n’inkuka y’imisa, musenyeri Varisito Ngoyagoye akaba yasavye abarundi gusengera igihugu cane na rirya amatora yo mu mwaka w’2015 yegereje. Inyumay’iyo misa, abategetsi batandukanye bakaba baciye baja i Kiriri ahari intatemwa ya Rwagasore. Aho ku cibutso c’umuganwa Rudoviko Rwagasore, hakaba humvirijwe ijambo ryiwe, ijambo yavuze umugambnwe UPRONA umaze gutsinda amatora. Iryo jambo, abatari bake mu bari ngaho, bakavuga ko ari ijambo rifise akanovera kadasanzwe.

Mukamenya ko ahari intatemwa ya Rwagasore hashizweko amashurwe uhereye ku mukuru w’igihugu, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, incuti za Rwagasore, abaserukira imigambwe n’abandi. Muri ivyo birori kandi abatari bake bari bavyitavye, aho hari abasanzwe barigeze kurongora Uburundi Sylvestre Ntibantunganya, Domisiyano Ndayizeye n’umutambukanyi wiwe, umupfasoni wa Petero Buyoya, n’umupfasoni wa Melchior Ndadaye.

Ariko Abadasigana ba UPRONA bashigikiye umushingamateka Karori Nditije bakaba batahahonyoje ikirenge kireste umushingamateka Gasutwa Bonaventure n’umukenguzamateka Methode Nkengurutse. Abandi bakaba bariko baragira imisa yabo kw’isengero Saint Michel, aho bivugwa ko mu nyuma baca baja mu birori nabo, vyo kwigina uwo munsi.


Aristide Nizigire

Messages

  • mbe nditije yibaza yuko umugambwe uprona ari uwabanyabururi gusa???? Ubukunzi bwinda, regionalisme, nagasuzuguro nivyo vyisheuprona kandi vyoose vyatewe na Buyoya ntawundi! Uprona izosubiza hamwe rwgasore niyazuka murampinyuza!

  • ewe mudasigana nawe kuri iyo regionalisme mu kanwa kawe wewe ntubona umugambwe wa rwagasore ko, uriko urafutwa burundu nibaza ko wova ibuzimu ukaja ibuntu. ndaguhaye inyuma yumwaka porona izoba yafuditse.

  • @mudasiga mugorane uretse iza uprona ubona arabanyabururi baziteye?inzara nabanyabururi!!wewe wenyene izo ufise nabanyabururi ???hoza uwukunda igihugu akagiteza imbere ava ibururi zoba ari ingorane ?##hewe ivyamazuru ivyintara twarabireganye !ushaka wovyigumanamwo wenyene?###nayo uwibaza ko uprona ifutwa arabesha ahubwo DD turayifuta bwegu rindira gatiya nakare iryozina nivryo bivye CNDD ni Nyagoma yayitaguje hanyuma muze murondere izina ryanyu cokimwe Naminani et Jacque

  • MWESE IMANA IBAGARUKIRE MBEMWEBWE NTAKINDI KIBRANGA MUKUVUGA ATARUKURYA IYOMUBA MWARIMUZIKO UWERA NU MWIRABUR TUVAKURUMWE MWOSENGEYE UBURUNDI BUKABA AKARORERO KIBINDI BIHUGU KW’ISI NONE AMACAKUBIRI NIYO YABICAYEMWO NKA SIDA MURWARUKA NDABABWIRE NIVYANJE YAPFANYI NZARA ATAKIMUHEMBURA DUSENGE MANA TURAGUSAVYE UKIZE IMITIMA YABIGIZE AB’ISI BIBUKEKO INYUMA YIBIVYOSE HARURUBANZA TUBISAVYEMWIZINA RY’UMWAMIWACU YESU KRISTU AMENI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.