Ibirwanisho vyafashwe mu Ruyaga ahiciwe umuntu

Yanditswe na IGIHE
Kuya 16 Ruhuhuma 2016 saa 02:08
Yasomwe : 54927
0 0

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko ibirwanisho bitari bike vyafashwe ku Musaga hamwe no mu Ruyaga muri zone Kanyosha, aharaye hishwe umuntu arashwe.
Mu birwanisho vyafashwe mw’isakwa ryabaye ku Musaga hamwe no mu Ruyaga, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga inkoho imwe yo mu bwoko bwa RPD, inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnikov, ibikono bitandatu vy’amasasu vyuzuye, gerenade zibiri, hamwe n’amasasu 237 y’inkoho yo mu bwoko bwa Mi-kalash.
Ivyo birwanisho vyafashwe mu (...)

JPEG - 43.8 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ivyo birwanisho vyafashwe mu Ruyaga ahishwe umuntu mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho bamusanze ku muhana iwe, bakaba bamwishe bamurashe.

Kumenyekanisha

1
Manirakiza Esiloni 17-02-2016 à 22:27

Barundi Hinduke!
Erega Ntawiremye,baho Wibaza Iherezo Ryawe

2
Manirakiza Esiloni 17-02-2016 à 22:27

Barundi Hinduke!
Erega Ntawiremye,baho Wibaza Iherezo Ryawe

3
nitegeka burundi 17-02-2016 à 21:36

abarundi tutisubiyeko turagowe kabisa ahubwo icoba cizagusumba nuko bokunvikana ahandiho nimba urwanko arimbuto mubivye rwishi kimwe nimwimbura muranyima

4
nitegeka burundi 17-02-2016 à 21:34

abarundi tutisubiyeko turagowe kabisa ahubwo icoba cizagusumba nuko bokunvikana ahandiho nimba urwanko arimbuto mubivye rwishi kimwe nimwimbura muranyima

5
TABU CLAVER 17-02-2016 à 20:08

AHO!

6
Burundi Jean 16-02-2016 à 18:26

Abarundi turabazi Komwica Bantu, Mutanga Ibigwanisho Aba Porisi Babifashe Mugaca Muja Kurubuga Mukavuga Ayamuha Mwitwaza Ngo Namamanda Mwosigura gute.Tubabajije Mugutembagaza Presidean Ntibantunganya Na Ndadaye Mukamwica Bari Bafise Manda Zingahe ? Turabumviriza Turaba Tukabona Ko Mudutamba Kumuvyimba Mushaka Mwohagarika Kwica Abantu Guko Ntimubarya Ngomuvuge Ko mwarimushonze . Ingorane Nuko Namwe Iyo Mufashwe Mutangura Gusaba Ikigogwe Kandi Mwishe muzi Ko Aricaha Gihanwa Hagarika Vuba Ubwicanyi A Babatuma Mubankire Guko Ntabuzima Bwanyu Bakunda. Ndabatwenze Murintwenza

7
Burundi Jean 16-02-2016 à 18:24

8
JD 16-02-2016 à 17:42

Niba iyo photo ar’iyo bafashe mu gihe ca interview, biraboneka ko abesha. Nari sure yivyo avuga kubera ari ibinyoma. Ikintu cose gifise intago kikanagira iherezo umva ww Observateur de Police num 1 Pierre Uri umu observateur wujuje ivyangombwa. Baguhaye ipeti igukwiriye. Canke uri lyncheur des hommes de premier rang.

9
ernest 16-02-2016 à 16:29

Ntavyo izonzego z’umutekano zikivuga ngwabanyagihugu twemere mugihe arizo zitwara idarapo mukugandagura abanyagihugu mugihe zagaragaje ko zikorera umuntu ahagukorera abanyagihugu kandi arivyo zishinzwe twaramaze kubona ko nkurunziza nakarwi Ari abanyabinyoma dukeneyeko inteko vamakungu arizo zokwishikira gukora icogikorwa Hama uwonkurikiye nashebuja wiwe tukabarungika muri mpimba kumarorerwa bakoze ntakanwa kabicanyi kuzuye amaraso kazopfa kavuze ivyiza ndabarahiye izonkoho turiziko arizanyu mugenda mukarunda ahantu kugira mutikize abomwipfuza gutikiza mbere ahobigere mukwiye kuva mubanyagihugu mukaja kuguma mumakambi yanyu mukabareka bakicungera kuko ntaco mubamariye Atari ukubasogota aho ariko muzoba murindiriye ko tubata mumvuto mwese mwabahemumwe muhemukira igihugu canyu kubwindandende ntamajambo yanyu tugikeneye

10
Ntwari yves 16-02-2016 à 16:03

finalement ntukomeye ibi birwanisho isinzi mumaze gufatamwa nivyimbonerahure?Mwarahinyutse basha,Abateye amakambi zari imbonerakure ivyanyu vyaramenyekanye muranakumbure mwemere mubane kandi mukunde babatware kuko nabonyene igihe mwari kubutegetsi barabayoboka.Atarivyo mumenye yuko ivyari imagera vyarageruye.Abahutu bubu sibamwe ba 1972 mwashorera nkimpene.

11
chom 16-02-2016 à 15:32

ibyanyu ntibyoroshe kbsa mugiye kumera nka somalie kweli uwomugesera Nkurunziza mwamumeshe koko akavamunzira.

12
Jonathan 16-02-2016 à 14:55

Mbega Nkurikiye amajambo uvuga burigihe canke ushikiriza kumboneshakure biva kumakuru watohoje neza canke in rwarunda rwa Nyamitwe bagutegeka ivyo uribuvuge umego nawe urikurutonde ubazafatirwa ibihano kuko amakuru mushikiriza abenegihungu na makungu yose nukubesha inkoho nizanyu muha imbonerakuru hama mukabesha ngo mwafasha ibirwanisho abenegihungu na makungu tumaze kubatahura ikinyoma ca gatsiko kizirikiye kuri mandat kivye.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha