IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Icegera c’uwurongoye ikambi y’igisirikare ya Mutwenzi yahatswe (...)

Icegera c’uwurongoye ikambi y’igisirikare ya Mutwenzi yahatswe kugandagurwa

jeudi 31 Ntwarante 2016, par egide

Icegera c’uwurongoye ikambi y’igisirikare ya Mutwenzi mu ntara ya Kirundo yahatswe kwicwa n’abantu bitwaje ibirwanisho Imana irakinga, bakaba bamutegereye ageze muri karitiye ya Bushaza, iri mu gisagara ca Kirundo. Umwe mubamucungerera ubuzima akaba ariwe yaguye muri ico gitero.

Major Venuste NKURIKIYE, icegera c’uwurongoye ikambi y’igisirikare ya Mutwenzi yaguye mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ageze mu gisagara ca Kirundo. Amasasu menshi yarumvikanye mu gihe abo bitwaje ibirwanisho barasana n’abacungera ubuzima bwa Major Venuste NKURIKIYE.

Umwe mu bacungera ubuzima bw’iyo ntwazangabo niwe yasize ubuzima muri ayo masasu. Abo bitwaje ibirwanisho bararashe kandi umuporisi umwe arakomereka, bongera batera gerenade, mu gihe bariko barasubira inyuma.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.