IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > Icibutso cubakiwe umuririmvyi N John kirabomorwa

Icibutso cubakiwe umuririmvyi N John kirabomorwa

lundi 29 Kigarama 2014

Icibutso cubakiwe umuririmvyi N John kurasiturwa kw’ubw’itegeko rivuye mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. N John avuga ko atigeze aronka amahoro kuva ico cibutso cubakwa, yahamagawe agasakisaki mw’iperereza.

Inyuma y’amezi make mu ntara ya Karuzi hubatswe icibutso c’umuririmvyi N John yaheruka gutsindira ihiganwa rya « Isanganiro Awards 2014», hasohotse itegeko ryo kubomora ico cibutso. Ico cibutso cubatswe kwitegeko rya buramatari w’i ntara ya Karuzi aho yavuga ko bafise intumbero yo gutanga akarorero k’urundi rwaruka kugira rukure amaboko mu mpuzu rukore, hari kandi mu ntumbero yo guhamagara ba rukera rugendo baja mu ntara ya Karuzi.

N John avuga ko kuva ico cibutso cubatswe atigeze aronka amahoro kuko yarahamagawe agasakisaki n’uwutwara iperereza muri intara. Yasabwa kwandika amajambo ari mu ruririmbo « Ndasavye Ijambo »rwatsinze « Isanganiro Awards » hamwe no gutwara urwo ruririmbo kuri « CD » hamwe no gusigura igituma yambara impuzu ririmwo ibendera y’igihugu. Ivyo N John yarabikoze ariko yabandanije agigwako itera bwoba. Richard Nzokinzwanimana yaramuhamagaye(N John) amubwira ko icibutso kizositurwa kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014 ariko hasohotse itegeko ko gisiturwa kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2014. Ico cibutso cari canditse ko « N John urumuri rw’umuziki, Tube umwe »hari hacafyeko bimwe mu bibanza vyerekana ubwiza bw’Uburundi.

Buramatari w’intara ya Karuzi nawe avuga ko icibutso cubatswe bidaciye mu mategeko kuko bibanza guca mu nama nshingamateka.

Mwibuke ko cari kibaye icibutso ca mbere cubakiwe umuririmvyi w’umurundi kandi vyagumye bisabwa na benshi ko hokwubakirwa icibutso nk’ico, nk’uko bikorwa no mu bindi bihugu, akarorero n’umuririmvyi Stromae aherutse kwubakirwa icibutso.

Umviriza amajambo ari mu ruririmbo "Ndasavye Ijambo"rwa N John Melodica


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ndakeje cane Bulamatari wa Karusi, ari mubarundi bake bihenda bakavyemera kandi bakemera ko ukuri gutsinda atamunyinyurano; ahubwo nawe nyene yobera akarorero abandi, na canecane abategetsi. Iciyumviro co kwibuka ubuhizi bw’uwo muririmvyi cari ciza, mugabo bashitse kure mukumwubakira icibutso hambavu y’uwiguze ukwikukira kw’Uburundi.

  • Heureusement que le ridicule ne tue pas! Ico cibutso gisambuwe na jalousie z’abantu bamwe bamwe. Cubatswe iruhande y’icibutso co kwikukira iyo ni raison? None ukwo kwikukira kwoba ari ukuhe tugikandamijwe n’ico twita amategeko?
    Hariho itegeko ribuza kwubaka ikindi kimenyetso kuri iyo place d’indépendance? Ndakeneye kurimenya. Ndi umunye Cibitoke, vyerekana ko ivy’i Karusi bitandaba cane ariko ndagaye nivuye inyuma abantu basambuye ico cibutso c’uwo muririmvyi. Ndibaza neza ko bifashijwemwo n’ukutamenya. Si icibutso politique, sintahura ikintu cari cishe. Ese ukuntu cari gicapuye neza!
    Kubaza umuntu igituma yambara impuzu irimwo amabara y’ibendera ry’igihugu birafise insiguro? Erega aba DD basaze!

  • Icocibutso yomba carico kurwego rwintara ya Karuzi kukonamba arukugirivyibutso vyabaririmvyi uburundi twocatubwuzuzamwo ivyibutso! Rekatuvuge abaririvyi bamwemuribeshibakiriho, Kidumu, Yoya, nabandintavuze mberebatanze uwo N John guteri tambwe mukuririmba bagashimwa kurwego rw’igihugu kwatavyibutso bubakishije canke bubakiwe?

  • Ewe buramatari sha!!urantwegeje iyo ubaza ukubaka icibukiro nca nkurunziza ko ari umukinyi wumupira wamaguru wambere .warikuraba ko bAtakireka ?none nawe wagiyye kwubaka ivyumuririvyi ahubwo simbona ingene,batagukuye.

  • Ewe wasi we hahhaha nanje ndasavye icibutso ca papa wanje kuko yaguye kurugamba ari kurwanira igihugu......Aba DD NI MOTO

  • Mbega hari umuntu yubakirwa icibutso akiriho?ntasoni!ewe sanganiro abakozi bawe bamwe-bamwe,bazocuvya!bemureka gutera impigi basuzugura uburundi kubona ibendera ry’igihugu rishushanirizwa kumuntu nkurya,nibara ahubwo!ni baduhe amabendera tuyamanike mungo iwacu,none babonye ko atagaciro igifise!Démocratie ni nziza pe!ahubwo ni bamwambure zirya mpuzu bace babanza bamukosore,hamwe nabamufashije gusuzugura igihugu ntibasubire kwitiranya ivy’indirimbo n’icibutso cukwikukira kw’igihugu,mbega ko Rwagasore n’abandi batigeze bambara ibendera nka kurya?Ni bamufate bamubaze neza kuko arateye amakenga kubona zirya nyenyeri azitumbereza imbere,sha"tuts"turaciyeubwenge pe!Mbega wa munya Gitega "Hut"yakora indege ko batamwubakiye icibutso nkengo yambare ibendera ry’igihugu ,nkeswe uwo ata gishasha yari azanye iburundi!Barondera imbarutso mugukora ibitemewe,babakomye ngo,baratotejwe.

  • @Mixa-le Nsanze Uburundi bukirwaye, jewe ndi umu "Hut" nk’uko uriko urabihayagiza ariko nk’ico kintu mugutanga iciyumviro canje ntaco nigeze ndanafatirako, natanze iciyumviro nk’umurundi! Portugal aho bita Madere, Cristiano Ronaldo baramwubakiye icibutso akiriho, hari n’uwatanze akarorero ka Strome..... ubwo ni bumwe muri bwinshi buhari. Uko biri kwose ni akarorero keza bari batanze, kandi kwambara ibendera ry’igihugu si kumenja ahubwo ni kwerekana urukundo ufitiye igihugu! Na jewe ubu nyene nshatse nogenda nkagirisha impression nkashira ibendera ku mupira wanje nkawambara kubera nkunda igihugu.
    Ngo yakoze iki? => Yararirimvye ateza iteka intara yabo, izo zindi ntara ni kuki zitavyubatse? Abarundi tuzopfa tudateye imbere, mu myaka nka 10 iri imbere mworavye ukuntu ico cibutso cobaye mu bintu ndatwa mu ntara iraho!
    Hamwe ndagira isoni kuba ndi******** bivanye n’akajagari gaterwa n’abatogateye!

  • Icibutso cari gikenewe kuruwo muririmvyi ariko nuko cubatswe hadakurikije amategeko nukuvuga inzego zibijejwe zitagishijwe inama ikindi novuga nuko ikibanza citiriwe ukwikukira kwuburundi kitokubakwamwo icibutso cuwundi muntu asanzwe nkumuririmvyi. bogishirahandi kuko Rwagasore kuva tumubuze ntamurundi anamwababa mugukunda igihugu ciwe turapfa dusubiye kuronka nuwo kwubaha cane rero ntageranywa nabo baririmvyi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.