IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > ICOM PRO: Amafoto y’itegurwa y’amareresi azoja mw’ihiganwa rya FESTICAB (...)

ICOM PRO: Amafoto y’itegurwa y’amareresi azoja mw’ihiganwa rya FESTICAB 2015

vendredi 6 Ruhuhuma 2015

Abakinyi b’amareresi bariko bihutira gutegura no kurangiza gutegura amareresi azoja guhiganwa mw’isabukuru ry’amareresi "FESTICAB 2015. Ishirahamwe ry’abakinyi b’amareresi ICOM-PRO ririko riheraheza isanamu zibiri zizoca mw’ihiganwa.

Inyuma y’iminsi mike FESTICAB itanguje ku mugaragaro ibikorwa vy’igice c’aryo c’indwi(7eme edition), ishirahamwe ry’abakinyi ICOM PRO ririko riheraheza ibikorwa vy’amareresi abiri azoja mw’ihiganwa ry’uno mwaka. Isanamu ya mbere iriko ikorerwa mu bigo vya Kaminuza y’umuco(Universite Lumier de Bujumbura) ari nayo yatanze ibikoresho. Ireresi yanditswe igakinishwa na Landry KADIGIRI yitwa "Les Cles du Savoir". Inyuma y’iyo tubabwiye aho hejuru, hazokurikira iyindi yanditswe ikazokinishwa na Judi Caelle. Izo reresi zose ziri mu rukurikane rw’amareresi magufi bita "Court metrage".

Thierry NDIKURIYO batazira Sanifu avuga ko bareka gukina amareresi maremare "long metrage" kubera ingorane z’uburyo kuko ata muntu ariko afata mu mugongo ibikorwa vy’abo.

Tubibutseko iryo shirahamwe ryaronse ikibanza ca mbere c’umukinyi yakinye neza(Meilleure actrice de l’annee 2014), ico kibanza catwaye Rachelle Nisubire batazira Chechemw’isanamu "Amosozi"batazira Cheche hamwe n’agashimwe kahawe "image" ya mbere kahawe umuhinyanyuzi Fleury Ndayirukiye.

<


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.