IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igihugu ca Mali kiramutswa Reta nshasha

Igihugu ca Mali kiramutswa Reta nshasha

lundi 14 Ndamukiza 2014

Indwi imwe gusa inyuma yigenwa rya Moussa Mara mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere, abategetsi bo mu gihugu ca Mali bashize ahabona abagize Reta nshasha, gusubiza hamwe n’umutekano akaba arivyo ahanini bizoshirwa imbere muri iyo Reta ya nshasha.

Umushikiranganji wa mbere wa Mali yashinze Reta nshasha, abashikiranganji 31 akaba aribo bagize iyo Reta nshasha. Ico gitigiri c’abashikiranganji casubiriye kugaruka ukwo nyene, mu gihe abanyagihugu bo muri Mali bari biteze ko iyo Reta izoba ifise abashikiranganji bake kugira n’uburyo bube buke.

Muri iyo Reta nshasha, Zahabi Ould Sidy Mohamed, umwarabu asanzwe avuka i Tombouctou yahawe gutwara ubushikiranganji bwo gusubiza hamwe, akaba yasubiriye mu kibanza cahoramwo Cheick Oumar Diarrah. Abategetsi munani bashasha nibo binjiye muri iyo Reta ya Moussa Mara, ikaba irimwo abapfasoni umunani nyene.

Abahoramwo batasubirijwe akaba ari umushikiranganji w’ubutungane, umushikiranganji wo kwivuna abansi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’umutekano, hamwe n’umushikiranganji w’ubutunzi n’ikigega ca Reta Bouaré Fily Sissoko.

Abandi bashikiranganji bashimiwe mu nyuma barasubirizwa akaba ari umushikiranganji ajejwe gukingira ibidukikije, gutwara abantu n’ibintu, hamwe uwugutunganya ibisagara.
Mu bizoshirwa imbere muri iyo Reta nshasha nk’uko umushikiranganji wa mbere Moussa Mara abivuga, akaba ari ugukomeza umutekano hamwe n’ugusubiza hamwe, ari navyo bihambaye kuri ico gihugu kivuye mu ntambara.
Igihugu ca Mali kikaba cari kimaze amezi 18 kiri mu ntambara guhera mu mwaka w’2012.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.