IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cafashe abagirizwa urupfu rwa HARUNA GAHINGA

Igiporisi cafashe abagirizwa urupfu rwa HARUNA GAHINGA

jeudi 29 Gitugutu 2015, par egide

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cafashe abagirizwa ko aribo bagandaguye Haruna Gahinga, yahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru mu Burundi, ubu akaba yari umurorerezi n’umukunzi rurangirwanwa w’umurwi Nserukiragihugu w’Uburundi (INTAMBA MU RUGAMBA).

Amakuru dufise amenyesha ko abantu babiri bagirizwa ko aribo bagandaguye Haruna Gahinga, bafatiwe muri zone ya Bwiza, mu gatondo ko kuri uwu wa kane, n’imodoka barimwo igihe bamugandagura bamurashe ikaba yafashwe.

Haruna Gahinga yagandaguwe n’abantu bari mu modoka, bakaba bamurasiye mu Buyenzi kw’ibarabara rya 3 nomero 50, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba.

Uwo yari asigaye ari mukunzi akomeye w’umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru w’Uburundi, abamuzi bamwibukira mu mirwi yakiniye mu myaka iheze nk’umurwi wa Vital’O, Inter Star, Kiyovu yo mu Rwanda hamwe n’iyindi yakiniye imbere y’imyaka y’1994.

Kuva aho abereye umukukuruke, Haruna Gahinga yakina mu murwi wa Alléluia FC usanzwe ukinamwo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Asize umugore n’abana babiri.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.