IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye urwaruka rwahora mu bahungabanya umutekano (...)

Igiporisi cerekanye urwaruka rwahora mu bahungabanya umutekano rwishikanye

mercredi 17 Ruhuhuma 2016, par egide

Urwaruka rugizwe n’abahungu batanu nirwo igiporisi c’Uburundi cerekanye ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, ko rwishikanye ku nzego z’umutekano, ruvavanura n’ibikorwa rwahoramwo vy’uguhungabanya umutekano muri komine ya Musaga.

Abo bavuga ko bishikanye ku nzego z’umutekano bamenyesha ko bitavye akamo k’umushikiranganji w’umutekano, aheruka kumenyesha ko ingingo zikomeye zafashwe ku bahungabanya umutekano mu Burundi. Abo nabo akaba ari Eddy Uwimana, Joli Munezero, Fabrice Nsabiyumva, Eloge Sibomana na Olivier Ndihokubwayo. Bose bamenyesheje ko barushe, kandi barambiwe n’ukubona bariko bararonderwa n’igiporisi, bakavuga ko batari bakigira aho binyegeza, amategeko y’ibikorwa bakora nayo bakavuga bayahabwa ku terefone batazi n’uwuyabaha.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko babifashijwemwo n’abo bishikanye, haciye hafatwa ibirwanisho bahora bakoresha, bigizwe n’inkoho imwe yo mu bwoko bwa Mi-Kalachnikov, inkoho itera ibisasu vyo mu bwoko bwa roquette, inkoho 7 zo mu bwoko bwa kalachnikov n’ibikono vyazo 28 vy’amasasu, amagerenade atatu, hamwe n’imyambaro ya gisirikare.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo bishikanye bashobora kutazohanwa, kuko aribo nyene bishikanye ku nzego z’umutekano, bavavanura n’ibikorwa bahoramwo.


IGIHE

Messages

  • NUKURI BIRASHIMISHIJE CAANE KUBA HARI ABARIKO BAVAVANURA NUBUGIZI BWANABI NIMBA BATOBA BAGOMBA GUHINDURA UMUKENYURO .NABANDI NIBAZE KUGIRA NABI NTAWE VYEREYE.

  • FERSITATION MURAKAZA NEZA MURUHONGORE GWABANDI BAJENE NKATWE DUHARANIR AMAHORO KARIBU SANA KAZE MURISANZE NAKARE MWASHAKA KWARUZ INKONA KANDI ITIGERA YARUZWA

  • Mwarahinyutse izo mbonerakure iryo rementanya ryanyu twararihaze Ayo magerenade nivyo birwanisho simwe mubibaha ukokwose nugusamaza abarundi n’amakungu mwigira bakamenyi ntaco mukora kitazomenyekana mbe uwogiyome nukugira yerekane kwakunda amahoro kandi tuziko ariwe yirirwa aratanga amategeko yoguca abantu amazosi ahubwo aba dd ntimumaramara

  • Abarundi Turarushe Guhendwa Ninzego Ziyita Izumutekano Ariko Imisi Yigisuma Ni 4o Na Baratuza Mbona Yaratujijwe Na Pierre Azohora Kubesha.Izombonerakure Mwahamagaye Ngo Bishikanye Turi Maso Abarundi,bahe Ayo Mwabemereye Batahe,kwica Bene Burundi.

  • Nivyiza Ahubwo Nibavuge Ababatumye Nabovyakorana. Uburundi Harwiriy Abasenga Nibanabahe Abokubacungera Ntibaze Babice Ndaziko Abovyakorana Bagiye Gutangura Kubahiga, Bagizumutekano Mwiza Nabandi Bokwishikana. Abasengaturwire Dusengere Igihugu Nisi Kukubu Isi Irwijije Abikunda Badakunda Nababo. Kubona Harabagambanirigihugu Biteyagahinda!

  • HARIHABANYEPORITIKE BAHORA BATUBARIRA NGWIMBONERAKURE ZIFISIBIGWANISHO NONE EDIY NABO BARIKUMWE BOBA BARIGEZE BABIMBONERAKURE?PACIPHICE MBONIMPA NABANDI ERUPEYA NAYANDI MARADIO BAMA BARIKO BARIRIMBA KIRIBA ONDESI KUMBE BARIKO BARADUSAMAZA BARIKO BIGISHA UGWARUKA GWOMURI CENARED KUZOMARABANTU ARIKO KOBIGARUYE NTANGORANE NIBABARIGWE HARONDEGWE ABABATUMYE UBUTUNGANE BUKORE

  • Iyo nkru trashimiye ariko basindumuja bamaze kuvuga ko hishikanye imbonerakure duhe umuco!

  • KUGEZA UBU SINDABONA ITANDUKANIRO HAGATI YA LETA YA BUYOYA NA PETERO NK BOSE NTIBEMERA KO HARIHO INTAMBARA. NTIBEMERA IBIGANIRO.BERKANA ABANTU BABO BATEGUYE NGO NIBO BANSI KURI BUYOYA YAZANA MUGABARABONA PETERO NAWE AZANA JEACQUE B NABANDI Bantu biwe. MBE cndd FDD ntasoni vyobatera kubona mwagiye mwishamba kurwanira Democratic yabarundi mukaba ari mwebwe ubu mutayerrkwa. Ntimubona ko India zanyu amaherezo zizozanira abarundi isinzi akarambaraye.ko ibihugu vyabasha ubu muri abansi mbe muzptabagwa na bande . ENDA NI MWIGIRE ICIGWA KUVYABAYE KURI HAVYARIMANA . MBE GUSANGIRA UBUTEGETSI MUVYANKIRA IKI? AHO NTI MWIHENDA NGO TANZANIA. NA CONGO AND S AFRICA BATURI INYUMA? UWUTEMA URWE BAMUTIZA UMUHORO . ....RUHENDA AMAVYI BITAJANA . CUBWENGE RABAKURE ABARUNDI MUTUREKE TWISANASANE

  • BIZINDAVYI Emmanuel

  • Ariko abarundi mumeze gute.bavugwa kobarobderwa nabapolici. Mwahora muvuga ngo imbonerakure zikorana nigipolisi. None igipolisi gifata imbonerakure gute? Kandi nyozoba arizo sibigwanisho bisubijwe! Ahubwo amazina yavuze baza abavyeyi babo canke abarongoye ama karitie. Ico uburundi bukeneye namahiro suwuzanye ibirwanisho. Izontwari zabarundi bizanye abo nabagabo. Ahubwo reta ibakingire no bicwe nabansi bigihudu bahora babatuma. Turasavye reta ko yoshimira abobana aho kubaha nokubatoza umutimawogukunda igihuguneza.

  • iyo ni Theatre! barabahenda!! raba uwo wa a droite... ariko araraba inkoho umengo nubwambere ayibonye! raba uwo wa a gauche... ariko aratwenga umengo bahejeje kumusororera!! basha... ni kuki abantu babesha kweli!!

  • hahhahhahhh;ahubwo bari batevye wumva bariko bakora iki kandi batazi nuwuriko abaha amategeko. HAHAHAHAH.Bisigurako batari bazi ico bariko barakora nuko nyene rero vyategerezwa ku genda.

  • turashimy nakare nukuvavanura nimbwa zabasazi ba j10 badakomey tweturi abagumyabanga twanka ivyiyumviro vya gikoroni.

  • Arretez ce cinema affreux! ndabira ingene bariko baritwengera... barafise ama ecouteurs ... ibi ntaco vyomarira abanyagihugu kubandanya kubabesha

  • Jewe Kuruhand Rwanj Ndabihakany Ivyo Sivyo.Izo Nimbonerakur Berekany Kugrang Bahume Amas Amakung

  • NIBAZE TWIYUBAKIRE UBUNDI BWACU NIBAVENIZO MBURA KIMAZI IMBERE NIHEZA,

  • IYO NIMIKINO YA NKURUMBI UBONA KO AFISE AKAGWI MUBIRO IWE KARONGOWE NA NYAMITWE KAMA GATEGURA AMAREMENTANYA ,NONE TWIZERE KO UMUTEKANO GUHERA UWO MUSI BISHIKANA ARI WOSE,IYO MITWE IZOBAPFANA NKA BUYOYA YAMA NGO BISHIKANYE MUGABO INTAMBARA IKAGUMAMWO, MBEGA DATA MUNYUMVIRA NIBAMWE BAGIRIRA IMYIMENYEREZO MU RWANDA,IVYO NIGITAMBAMBUGA COHINYURA KO ARI IKINYOMA,EWE NKURUMBI WIBESHA NGO UKUNDA IMANA EKA imana YAWE NIMWE BIBILIYA IVUGA KO ARI SE W’IBINYOMA

  • NIBAZE TWIYUBAKIRE UBUNDI BWACU NIBAVENIZO MBURA KIMAZI IMBERE NIHEZA,

  • Abo ni bene wanyu baba DD mwafotoye mubashyira aho ngo mubeshye abantu nta bwenge mugira ayo ni amayeri yanyu turabazi

  • Nivyiza ,ahubwo Bose Iyo Haba Bokwîsîkanyo Abarundi Tukaba Mumahoro

  • Imana Irakoze Kobabanjije Kwishikana Ahubwo Iyoboba Bokomeje Kwishikana Abarundi Tukabona Amahoro

  • Ahamubona abajejwe umutekano tubafitiye, ndababwire barundi numutima ubudufisevyishi inkuru tumaze guhabwa nabotumaze gufata nubwonaha atarivyiza kondabibamenyesha kohariho ivyotwabwinabotumaze gufa aharero ntakindinshobora kurenzako kiretse igihe muzoza murabona ivyotwahejeje gushira mungiro, nubwo nivyotwaritumaze kubwirwa nabotumaze gufata ariko nobabwirako ababasore bitandukanije nizomburakimazi zifuza gutwara igihugu zidaciye mumatora batubwiye ibintu vyishi ngirakamaro ndabemereye mumisi muzobona umusaruro wavyo. Umuntu umwe mubajejwe iperereza bamaze gutangura kuganiriza ababahungu duhagaze twegereye ababasore niweyavuzengo ababasore biyumviriyeneza ngokandi ubantabihano mbonabakwiye guhabwa ngokuko ntakuntu twokumva ukuntu basanabaribarahawe ibihano nabasi buburundi ngomaze bamaze kubigobotora ngobashikire mubindibihano. Aba polisi nabandibaringaho baramubwira ngo uvuze ikintu cumvikana, atariko rekadukomeze tubavugishe. Mazebarahidukira bongera kuvugisha ababasore nabobabasore kubera bamaze kwiyumvirako bose abobishikanyeko bababonye ntintwari, mukuvuga bakurakuranwa umweyavuga uyundi ukuva arunganiye mugenziwe uyundi gurtyogurtyo. Sinshobora kumenamabanga ariko urwanda rwagarutsemwo incuronyishi mumvugo zabibasore. Numurindire rero duhashe abiyemeje guhenda abana bu Burundi kugezanaho bizokwandikwa mubitabo. Ariko sinorangiza ntababwiye umusore umweyavuzengo: baratubwiriye kwiterephone ngo ntimugire ikibazo ngohariho abarekereje ngaha Rwanda na Congo ngomugiye hogira uwubafata ngibocabaza kubarekuza ngokandi ngwibivyose twababwiye baribaratubujije ngonubwo twofatwa ngontihazogire uwushobora kuvuga ivyobatubwira ngwahubwo mushatse ngonworeba ngonkabarya barimubutegetsi akabariho mubisunurirako ngonkabitwa Gasito Sindimwo, ba Agathon Rwasa, ba Jaque Bigirimana ba Eduard Nduwimana nabandi. Mazerero bakatwizezako nibashikana u Burundi ahobashaka ngumuntuwese barikobarakorana azokwihitiramwo akazi ashaka gukora mu Burundi!!!!!!!

  • Muriko murayovya abantu izo ninterahamwe nimbonerakure mwahaye amahera ngo muhende abarundi

  • Ivyo jewe ntavyonemeye ahubwo usanga ari Zambonerakure barungika mumakambi arimwo impunzi kugira zize zirAbanigagura hama babakurayo bagaca baza ngo bahende abanyagihugu ko bari mubagwanyi, Reka ndababaze nigute ivyo bokora vyose bobikorera kuri4ne batazi nuwabayobora? Reaka kuduhenda twarabamenye kera aho hari mwumwe nzi yari imbonerakure hama muze muradahwa ndo nabarwanyi!!!!!!

  • Ahubwo nibashimirwe kandi bongere bakingirwe

  • Jewe Aba Dd Murantangaza Abo Mwateguye Ngo Ni Abishikanye Reka Kuduhenda.

  • imishikirano, IBIGANIRO HAGATI Y Urwanda N Uburundi ......
    kubiriko biraba , Soudan patanisha nchi 2 zinazogombana. bndi vs Rnda.

  • Erega na buyoya yahenda uburundi n’amakungu ngo abarober bishikanye.none mwari kubica ari abakozi banyu mwatumye!barazimiye kubera ari imbonerakur zo mu misozi.

  • none,bahungabanya,umutano,babicishije,munzi,iyihe,nabaza

  • muribijuju mwibazak tutabaz!

  • mbe izo nzoya z’impinja nizo basirikare? abo ndaba? hahahaha genda ubeshe abitize icoco kiranyagisha mamama, mbega weeeeeeee ikinyoma weeee, kubesha weee, munoho Peter abapolisi barakubesha, ehe iyo mbunda muri abo bana uwuzi kuyirashisha ninde? mbe mubona zisa nizivuye mu ishamba zisize amavuta? mubeshe abagiyeyo shaaa.

  • Je me demande combien ils seront payés ces pauvres garçons ? Ils n’ont même pas fait une année et demie dans la rebellion et se disent fatiguer ? Ils avaient pas et n’ont pas d’objectifs, ils s’en auront pas d’ailleurs. Kuko iyo ugiye ku rugamba avec objectif, tu ne peux pas déposer de cette manière. Irementanya nkuko tubimenyereye. Abo ba paysans barateye ikigongwe.

  • Iconovuga.Kubwanjehamwenaboturikumwetuvyumvisevyaratunezeregose.Nosabayun’abandibokwiyumvirabakaza.Tukubak’igihu_bakarekakucisamburirako kdi arirwabo.Nsabarero.Abajejw’utekanokobokomeza,ibikorwa kdi n’amatohozamenshicane.

  • Nzinduka mumwiyerekano niyamirize abategetsi kabo barementanya. Uhenera abana ukuze , ukabigisha kunya kunzira, bwaca akakunukira.

  • NTABUHUNGIRO BUGIHARI NIBAZE TWUBAKE IGIHUGU CACU CUBURUND

  • Niyumvirako Umurwanyi Yishikanye Atacobomugira Babafate Neza Kuko Uwumanitse Amaboko Womuharira

  • ess abaganyi ukobasa basa nabirigwa binweramata go nabagwanyi umugwanyi nikwasa??

  • Barabesha Ntabisikana Ni Poritike Y’uburundi Twarabamenye

  • Yooooo!!!none nimubaze iyo bari nivyobakora?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.