Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Imico kama
Igitabo kivuga ivyo kunywanisha abarundi kigiye kuja ahabona
Yanditswe taliki ya 8-07-2013 - isaha 08:34'

Ico gitabo kiri mu rurimi rw’igifaransa kikaba citwa dimensions d’une justice transitionnelle a base des therapies burundaises’’Ico gitabo kikaba canditswe n’umupatiri wo kuri paroisse mutima w’ubwitonzi ku mutanga Adrien Ntabona ,akongera akaba umwe mu ncabwenge dufise hano mu burundi ,aho izina ryiwe rirenga n’imbibe zo mu burundi .

Uwo mupatiri akavuga yicishije bugufi ko ivyo asaba muri ico gitabo ciwe coba nkikiza gusahiriza kuvyashitsweho n’imirwi itandukanye y’igihugu mu vyerekeye ivyo kunywanisha abarundi.

Yongera akavuga ko hari hakenewe kwirinda amajambo acana umucanwa hamwe n’ibirori bimwe bimwe vyibutsa kahise kuko ibikomere bikiri mu mitima ya bamwe bamwe vyashitse ibgina ku buryo hakenewe umuti wahagenewe.

Nk’uko asozera abivuga ,ico gitabo n’inki ngendo yategerezwa gutangurwa n’umuntu umwe wese ku giti ciwe akumva nawe bimuraba ,ni ukuvuga ko umwe wese ategerezwa kumenya amakosa gwiwe mu vyabaye mu burundi .Abantu benshi bama barondera kuguma bagiriza abandi kugira biregure bakagumaberekana ko uwundi ari mubi.

Uko abibona ngo abarundi bari bategerejwe kuvuga bati ntabwo ndi mwiza,nanje ndi mubi .Kandi uwo mutavuga rumwe haba kuko mudasangiye ubwoko canke mudasangiye umugambwe ntabwo nawe ari mubi nk’uko uvyiyumvira hari n’igihe wosanga ugiye kubiraba ari umwana mwiza.mbere kiretse ko ntegerezwa kumwubaha ahubwo ntegerezwa no kumuteza imbere.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.