IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Igiteramo ca Kidumu kuri Saint Valantin

Igiteramo ca Kidumu kuri Saint Valantin

mercredi 13 Ruhuhuma 2013

Nk’uko twamwiboneye mu gitondo co kuri uyu wa gatatu imbere y’umutaga, umuririnvyi rurangiranwa Kidumu asa n’uwiteguye kugirango azo nezereze abakundana ejo kuri Ego Hotel aho twamusanze. Ivyo biremezwa kandi n’umurongozi w’iyo hoteri Ali Tuna.

PNG - 189.1 ko

Kidumu azoba arikumwe n’abandi baririmvyi ba hano mu Burundi tutarashobora kumenya,tukabatwibaza ko abaririmvyi bazoba barikumwe ari agaseke azopfundururira abakunzi biwe muri ico giteramo. Igiteramo ciwe rero ngo catunganijwe na Ego Hotel mu ntumbero yo kunezereza abakundana ku munsi mukuru udasanzwe( Saint Valantin).

Ali Tuna arongoye iyo hoteri izoberamwo ico giteramo yatumenyesheje ko batunganije ico giteramo kugirango bereke abantu ko iyo hoteri ishoboye gutunganya ibiteramo bitandukanye. Ati:« Ni igiteramo gisanzwe twatunganije kugirango tunezereze abakundana, hazoba harimwo udukino twa tombora n’ibindi bitandukanye,ariko kandi twabikoze mu ntumbero y’ubudandaji».

Ibiciro vyokwinjira bikaba vyari bitegekanijwe ko ari 30.000 vy’amafaranga y’amarundi ariko ngo kubera isanganya ry’umuriro ryahitanye isoko nkuru ya Bujumbura n’ibirimwo vyose,baciye bagabanya ibiciro. Kwinjira akaba ari amafaranga 15.000 y’amarundi ku muntu umwe.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.