IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ihimbazwa ry’umunsi wahariwe isi kuri jardin public

Ihimbazwa ry’umunsi wahariwe isi kuri jardin public

mardi 23 Ndamukiza 2013

Mw’ihimbazwa ry’umunsi wahariwe isi kuri jardin public kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2013, hakaba hari abanyeshure bavuye muri za kaminuza zitandukanye nabadi bakora mu vyerekeye kubungabunga ibidukikije.

Ivyo birori vyatewe iteka n’uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi na ambassadeur Albert Mbonerane n’abamenyeshamakuru barikumwe na Rerac Burundi ikaba ari ishirahamwe ry’abamenyesha makuru bigisha gukingira ibidukikije.

JPEG - 39.4 ko
uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi na ambassadeur Albert Mbonerane n’abamenyeshamakuru

Haheze imyaka 33 abanyamerika bangana imiriyoni 20 baja mu mabarabara,mu ma karatiye,eka no mu bigo vy’amashure makuru basaba guhagarika kwonona iy’isi twahawe basaba ko hofatwa ingingo zotuma bafata neza isi kubera gusuko ibitoro kw’isi ,amahinguriro yonona ingomero z’imiyagankuba ,amazi mabi,ivyuka bibi ,kwica ibikoko n’ibidukikije.

kuva ico gihe , inguvu zafashe isi yose, bahaguruka kurwanya ivyo vyose kuko batahuye ko atari igihugu kimwe canke intara,ari twese dusabwa guhaguruka,abatunze n’abakenenabo nyene badasigaye inyuma. Ubu rero kuva ico gihe ama leta yavuye hasi, atangura gufata ingingo,no gutora amategeko yofasha gukingira isi.

JPEG - 38.2 ko

Nko muri Leta zunze ubumwe za Amerika,perezida Obama yaragabanije ivyuka vyonona ikirere muri iyi myaka iheze,imigambi myinshi yarateguwe kugira ibihe ntibibandanye vyononekara, vyabaye intumbero ikomeye ku gihugu, ubu hariko harafatwa n’ izindi ngingo nkuko bimenyeshwa n’uwuserukira Amerika mu Burundi.

Amashirahamwe nka ACVE, ariko irigisha yongera ihimiriza abanyagihugu nabandi bajejwe intwaro ko bose bafise uruhara.Mmwomenya ko impinga ikiri ndende hano mu Burundi mu gihe ibidukikije bigeramiwe, nk’amashamba,aha twovuga ishamba rya Rukoko ryahora rifise uburinganire bw’imetero kwadarato ibihumbi 10, ubu hasigaye hafi imetero kwadarato ibihumbi bitanu birenga gato ,kuko yahawe amashirahamwe nka tanganyika business rihingura isukari nayandi mashamba nka rusizi aho ibiti vyaheze bivuye ku banyagihugu basigaye baza kuba aho ishamba ryahora

JPEG - 39.9 ko
Albert Mbonerane

Gildas Ndihokubwayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.