Accueil > Amakuru > u Burundi > Ihindagurika ry’abatwara inzego z’amakomine vyatumye ubungane mu moko (...)
Ihindagurika ry’abatwara inzego z’amakomine vyatumye ubungane mu moko budakurikizwa
lundi 11 Ntwarante 2013
Ihindurwa ry’abajejwe intwaro ku rwego rw’ama komine ryaribonekeje kandi iringanizwa ry’amoko nkuko bitegekanywa n’ibwirizwa nshingiro ntiryakwirikijwe.
Nk’akarorero amakomine ya nyarusange na Bukirasazi y’intara ya Gitega,hamwe n’amakomine ya makamba iryo ringanizwa ry’amoko ntiryakurikijwe .
Prosper Ntahorwamiye ajejwe igisata co kumenyesha amakuru mu murwi wigenga ujejwe gutunganya amatora aremeza ko hari ingorane zikomeye aho hantu.Amenyesha ko CENI iriko irategura inama ku barongoye imigambwe baronse intebe mu ma nama mpanuzwajambo ya komine kugira batorere umuti ukwo kutangana kubwoko
Floxella Karire