Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB ishirahamwe
Ikibazo c’Uburundi mu nama y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika i Johannesburg
Yanditswe taliki ya 12-06-2015 - isaha 11:03' na Van

Kuva kw’igenekerezo rya 11 Ruheshi,i Johannesburg muri Afrika y’Epfo harakoraniye inama ya 25 y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.Mu bizovugirwamwo harimwo ikibazo c’umutekano muke urangwa mu Burundi.

Mw’ijambo ryo kwugurura iyo nama,umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Nkosazana Dlamini-Zuma yarashimye kuba harashinzwe isoko rusangi hagati y’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko niyo uburengero,kuko vyerekana intango y’uko haba isoko rusangi ku mugabane wa Afrika wose.

Ku biriko bibera mu Burundi,umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ntaco yabivuzeko naho nyene kiri mu bibazo bizokwigirwa mu mwiherero muri iyo nama.
Muri iyo nam,Reta y’Uburundi yaserukiwe n’umushikiranganji w’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aime Nyamitwe.

Kubwa Jean Minani arongoye umugambwe Frodebu Nyakuri yitavye iyo nama,barindiriye ko iyo nama ifata ingingo iboneka ku biriko biraba mu Burundi.

Ariko hari ubwoba ko, kubera Uburundi ari igihugu kimwe mu bigize iyo nama,bishobora gutuma abakuru b’ibihugu badafata ingingo zikomeye ku Burundi.Ariko,amakuru ava mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya avuga ko iyo bimeze uko,uwuserukira ico gihugu ategerezwa guca ataramurwa.

Jean Minani yavuze ko igihugu gishobora gusubira mu ntambara mu gihe abantu babibona ibisanzwe.Aho ni mu gihe avuga ko igisirikare cigabuye,abasirikare bakuru bahunze kandi batwaye abasirikare,abatavuga rumwe na Reta batarashobora kwumvikana na Reta.

Iyo nama ikoranye, inyuma y’iyindi y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruka yabereye i Dar-Es-Salaam,kw’igenekerezo rya 31 Rusama.

Ivyiyumviro vyanyu

Ndabaramukije Mwese Je Nipfuza AMahoro Nyaba Akund Uburund NTasubir Gutwar Yiryagatatu Twese NDushaka Amahor

17.06.2015 à 00:23
Zggy Marley

ibijuju vyabahut birantwenz,komutimfpane kubatuts ivyi93 mwovyibagir kuko ivyamok ntakamr kubandaday baramwish bashats bakingirimiryangoyab rero murabonak nuyuyanka nimugenziwanyu.nimurekerer dusangiramagogwa murek kutumaramarirako mwambwamwe nambayabananiyegukurak mwamisegamwe

16.06.2015 à 10:37
gwasa

kubizera IMANA ya mwijuru barazi ko yigenga ifata ingingo nziza naho twe twobona ko bita duhumurije. izoducira urudukiza ntimwihebure, nagira nkebure, nkurunziza ati : amase yakera ntagihoma urutaro. nukuri amacakubiri ntakiri ikintu co kubakirako.

15.06.2015 à 23:14
emma

uburudi

15.06.2015 à 09:29
Agato Gwasa

NIBADUFASHE NTIHONGERE KUBAHO INTAMBARA

14.06.2015 à 21:40
JAPHET

reka twizere nabo ko bazogira ico bategets kuburundi ko vyas ko twebw abarundi twumvikana.

14.06.2015 à 21:22
dieudonné

Uruciraukaso rugatwara nyoko. Ivyabayeb1972. 1988. 1993 twarabibonye uko vyatanguye n’uluntu vyahitanye abahutu. Ntatandukaniro ririho kuvy’iyomyaka n’ibi turimwo. Ariko igiti ntikigukora mujisho kabiri. Uwutabona amayeri abobenewacu bakoresha yo "uwushaka umuhutu amutuma uwundi" narindire azovyemera aahikiriwe. Minani nawe NGO abasoda bariko barahunga ! HahaaaaAaaaaa ! Nibamutize RTLM abivugireko kuko in vyo amenyereye avuga NGO abantu bahagarare bwuma

14.06.2015 à 14:58
min an

Twizere ko bagira icobakoze kugihugu cacu

14.06.2015 à 12:36
eric

Mbega aho mugira ubwoba ico imana yateguriye uburundi murakizi ?komeza gusenga gusa.

14.06.2015 à 07:19
arthemon

Mana karaciyingani tubure uwodukiza ayamagogwa turimwo ?nizereko bigiye kurangira

13.06.2015 à 20:35
Niyongabo chretien

EWE MUHUZA URI IKIGURUBE CO MMW’ISHAMBA GUSUMBA UWO WATUTSE.AHO UBONA UFISE UBWENGE ?

13.06.2015 à 09:15
kapat

Ariko yemwe Imana ize idufa Alain nyamitwe ntaze adekone. Ngo bahave bakuraho ikiringo ca gatatu burya siho twoca turonka amahoro

13.06.2015 à 08:35
Jean

Ariko yemwe Imana ize idufa Alain nyamitwe ntaze adekone. Ngo bahave bakuraho ikiringo ca gatatu burya siho twoca turonka amahoro

13.06.2015 à 08:33
Jean

Jewe Ndumuhutu Akwije Kandi Ndari Ndashimye Umututsi Mugabo Bakazana Amafyeta Ntambi Ncampeba Tubajemwo Ahubwo Nibaze Dusenyere Kumugozi Umwe.

13.06.2015 à 05:42
Ndahanura

nibabwire uyo minani ategeke abobagumutsi kugira batahe bubake igihugu ciwe canke natwe tubarwanye

13.06.2015 à 00:35
hatungimana thelesphore

uri sur KO watererey iciyunviro cawe ga ziggy ubnje gusoma inkuru wahawe nivyaba arivyo Minani arko avurwamwo numututsi ?numunyabururi ?naho abatutsi bohera mugihugu amahera yaguze umwana w’Imana muzosigara murayapfa ubwoko sibwo bwagutumye ubaho neza canke nabi uurabaza abagukuriye.

12.06.2015 à 23:27
jewe

ABASENZI NIBASENGERE IGIHUGU KUKO NTAYINDI FASHANYO KUBURUNDI IMANA YONYEN NIYO YIMIKA IMANA NIYO TWAYUMVIRA IZODUTABARA NABAHAMBAY BICISHEBUGUFI IMBERE Y’IMANA

12.06.2015 à 21:43
UMUKIRISITU

Wewe wiyita ziggy ziggy.reka gusamaza abarundi ntabwoko buzocanamwo.wewe ntasoni ugira ?barya birirwa baricwa bahirwa buhongo bari mubwoko buki ?RWASA numuki ?komumuhiga bamuvuga mwiyumviriye.wewe nturi umu DD kuko ntawuvuga ivyuvuga !reka kutugora wandika kururu rubuga ntidushaka amacakubiri yawe !

12.06.2015 à 21:03
Nkwavu venant

Uwo binaniniy avugango abatutsi abahutu mbe hapfuy ndanday gusa rwagasor ntiyapfuy yishw nand nahayo wa cndd fdd yishwa nand gahutu w yishw na band reka gusubiza ivyamoko kuko abarundi turazi igituma hataba amahoro. Rero turabisavy kweli igiharag ntikiduzwa na bish ndanday cank amahera yigihugu niband bayatesha agacira cank essenc abish ndanday nibo bakiduza ntituvug OBR murek rero abarundi tubany neza nta muhutu ntamutsi uyo ziggy naj hiyo

12.06.2015 à 20:47
nyishu

Muvyukuri abarundi hari hari hagezeko twubaka igihugu none ivyo vyubwoko mubona haraho bizoshikana Abarundi ko twariko tugerageza kwikuramwo ivyakahise !
Ahubwo uwowese yoba yipfuza kugaruko urwimo rufatiye ku moko na teshwe ate kuko ntahoyoshika ivyamoko twarabihaze turumwe mu Burundi no ngaha mu Burundi nta muhutu nta mututsi twese turivyaremwe n’’IMANA !
 :<< MUKATA PEMA PABAYA PABAYA PANAMUITA>>
Mungu saidia inchi yetu !

12.06.2015 à 20:41
Eric Franck
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.