IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo IGEBU kijejwe ibirere catanze ingene imvura izogwa mu mezi atatu ari (...)

Ikigo IGEBU kijejwe ibirere catanze ingene imvura izogwa mu mezi atatu ari imbere

samedi 2 Ntwarante 2013

Kuva mu kwezi kwa Ntwarante twatanguye gushika muri Rusama ikigo IGEBUkijejwe ibirere kimenyesha ko imvura izohindagurika mu kugwa mu ntara zo mu bararuko, hagati n’amaja epfo.

Ikigo IGEBU kijejwe kugenzura ingene imiyaga, imvura n’ibirere vyifashe cashize ahabona ingene imvura izogwa mu ntara zimwe zimwe kuva kuri uku kwezi kwa Ntwarante gushika muri Rusama.

Aloys Rurantije umuyobozi mukuru ajewe ibirere mu kigo IGEBU yamenyesheje ko mu ntara kama za Bugesera n’ukuvuga mu ntara zo mu buraruko harimwo Kirundo ngozi, Kayanza, Muyinga n’izindi ngo imvura izoba ari nkeye ugereranije n’iyari ikenewe kugwa muri aya mezi atatu ari imbere.

Mu ntara za Kirimiro gushika Imbo nazo akaba ari izo hagati mu gihugu harimwo Gitege, Muramvya, Mwaro n’izindi hamwe na Bubanza Cibitoke n’igice ca Bujumbura Rural naho ngo mu mezi atatu ari imbere imvura izogwa neza umuntu agereranije n’iyari yitezwe.

Nayo mu ntara zo mu bumanuko n’ukuvuga Bururi, Makamba, Rutana n’izindi ngo imvura izoba ari nyinshi muri ayo mezi nyene atatu ari nimbere gushika mu kwezi kwa gatanu.

Aloys Rurantije yamenyesheje kandi ko mu minsi iri imbere ico kigo IGEBU kiraba ibirere kizotangura gukorana n’amaradiyo n’ibinyamakuru kugira abanyagihugu bazoje baramenya ingene imiyaga n’imvura vyifashe ku munsi ku munsi.

Aho ni mugihe imvura nyinshi ivanze umuyaga w’igihugusi yahitanye imirima n’amazu ku munsi wa kane w’iyi ndwi mu ntara ya Cibitoke. Amazu arenga 41 hamwe n’amahegitare arenga 14 y’ibitoki vyarononekaye cane. Abajejwe intwaro bakaba basavye abagiraneza gufasha mu gutanga ibisakazo n’ibindi vya nkenerwa vyo gutabara.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.