Kuri uwu w’Imana igenekerezo rya munani Munyonyo 2015 niho haheze ikiringo c’iminsi itanu yatanzwe n’umukuru w’igihugu kugira abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha babisubize kandi bishikane ku nzego z’umutekano. Abanyagihugu bo muma karitiye yiyamirije ikiringo ca gatatu nabo bakaba babandanya guhunga.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo ry’umunani uku kwezi kwa Munyonyo 2015, inzego zijejwe umutekano zizoba zifise uburenganzira bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara ca Bujumbura.
Mw’ijambo yashikirije abarundi kuri uwu wa mbere, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko ikiringo c’iminsi itanu arico gihawe abakora ububisha kugira babe bishikanye ku nzego z’umutekano.
Muri iryo jambo, Petero NKURUNZIZA yagabishije ko abatazokwitaba akamo yabateye gushika itariki indwi z’uku kwezi kwa Munyonyo 2015 bazoca bafatwa nk’inkozi z’ibibi, bahanwe n’amategeko agwanya iterabwoba, kandi bagwanywe nk’abansi b’igihugu. Abafashwe nabo yavuze ko bazoca bacirirwa imanza ikibiriraho.
« Ni akamo kanyuma tubateye, mubihebe bicitwa vuba ku neza yanyu. Atari uko muzosigara mwicuza ico mwabigiriyemwo. Mumenye neza ko umuhanuzi mubi angana umurozi, kandi ko uwutema urwiwe bamutiza umuhoro. »
Mu nzego zijejwe umutekno w’Uburundi ntibaravuga namba hoba hari abishikanye, canke boba basubije ibirwanisho bari batunze, aho mukibuka ko umukuru w’igihugu yari yemeye ko abazokwitaba akamo yabatewe bazoca bahabwa inyigisho z’ugukunda igihugu.
« Reta umuvyeyi wa bose ibahaye iminsi itanu, kuva uyu munsi itariki 2 gushika itariki 7 z’uku kwezi kwa Munyonyo, yo guheba no kuva muri ubwo bubisha, muzokwakirwa n’abajejwe intwaro n’umutekano, mwigishwe gukunda igihugu indwi zibiri, muce musubizwa mu banyu. »
Mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, abaporisi bazindutse ari benshi kw’ibarabara rigabura Murakura na Cibitoke, ahatowe ibiziga bigera kuri bine kuri uwu wa gatandatu. Abanyagihugu batekewe n’ubwoba, bamwe babandanya guhunga, abandi nabo bakaba baguma mu mazu, mu kurindira ico inzego z’umutekano ziza gukora, mukibuka ko Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibikino vyarangiye, hageze ko ibikorwa bitangura amajambo agahagarikwa.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibikoresho bikomakomeye bishobora gukoresha kugira umutekano ugaruke, harimwo n’indege za gisirikare.
Mbe Mana Abarundi Iherezo Nirihe ? Umukuru W,igihugu Cu Burundi Ara Kwiye Guhumuriza Aba Rundi Agakoresha Amajambo Ahumuriza Abamtu Bakareka Guhunga Nayo Abamaze Guhunga U N H C R Ibafashe Neza Ntangorane !!!