IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ikiza c’amacinya cateye I Bujumbura

Ikiza c’amacinya cateye I Bujumbura

dimanche 14 Ndamukiza 2013

Umuntu umwe yitavye Imana muri aka gatondo ko kuw’Imana igenekerezo rya 14 Ndamukiza, abandi 36 bari mu bitaro. Abo bafashwe baje bava mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura . Haheze imisi itatu haguma haza ku bitaro vyitiriwe umwami Karori.

Abaganga baremeza ko bariko bararengerwa n’igitigiri, kuko mu nyubakwa ya 19 wabona abarwayi bamwe baryamye hasi abandi ku bitanda, bati hamwe atacokorwa mu maguru ya vuba, n’imiti irashobora kuduherana. Umuganga umwe yariko arakorana n’abaforoma, ubona ko akazi kabagwiranye.

Amacinya ateye mu gihe isuku mu gisagara atako ryifashe kuko amazu y’uburiro ari muma karatiye nka Bwiza, Kamenge, Nyakabiga, Kinama, Buyenzi n’izindi atasuku riharangwa. Winjiye mu mazu amwe amwe y’uburiro wakirwa n’akamoto kabi ahandi ugasanga amameza n’ivyombo bitogeje. Mu bundi buriro hakikujwe n’amazu y’urwarwa(inzoga za rugombo) ,abahaze urukanywa bagaheza bakihagarika hafi y’ubwo buriro nyene.

Nkuko twavyiboneye, bene utwo tuzu ntibigeze bategekanya aho umuntu yokwitabarira mu gihe bimugoye, baca baheza bakitiza impome zayo mazu. Hari hageze ko inzego zibijejwe mu gisagara zifatira ingingo ba nyene utwo tuzu , bagakurikiza amategeko agenga isuku batabishoboye naho bagahanwa kuko amagara ari amazi aseseka ntibayore.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.