IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Imigambwe itavuga rumwa na Reta yemeye kwitaba amatora mu mwaka (...)

Imigambwe itavuga rumwa na Reta yemeye kwitaba amatora mu mwaka w’2015

dimanche 23 Kigarama 2012

Imigambwe itavuga rumwe na Reta ihurukiye mu runani ADC-Ikibiri yemeza ko izokwitaba amatora yo mu mwaka w’2015. Ni mugihe iyo migambwe yaheruka kuvuga ko itazoja muri ayo matora uwurongoye umugwi CENI utegura amatora cokimwe n’umuvugizi wawo badahindutse.

Si ukwihindukiza mw’ijambo ariko iyo migambwe itavuga rumwe na Reta imenyesha ko kutitaba amatora kwoba ari uguhemukira abanywanyi bayo hamwe no kugwa mu mutego wa Reta. Bari bavuze ko batazokwitaba amatora yo mu mwaka w’2010 kubera umugwi CENI utegura ayo matora ngo ushobora guhengama .

Leonce Ngendakumana arongoye urunani ADC-Ikibiri ruhuza iyo migambwe yari yavuze ko uwo mugwi CENI uzohengama kubera Pierre Claver Ndayicariye awurongoye na Prosper Ntahorwamiye umuvugizi wawo bagumye mu bibanza barimwo mu matora yo mu mwaka w’2010. Aho naho, imigambwe itavuga rumwa na Reta ikaba yaranse kubandanya amatora kubera ngo yibwe.

Iyo migambwe ivuga ko kutitaba ayo matora kwoba ari ukugwa mu mutego w’umigambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, ngo ushaka kuyajamwo wonyene. Leonce Ngendakumana asaba umugwi CENI kwikubita agashi ugakora wigenga , asaba kandi ko hoba ibiganiro n’amanama menshi hagati y’abegwa bose n’amatora kugira amategeko nk’ibwirizwa nshingiro n’irigenga amatora azohinyanyurwe habaye umwumvikano.

Ico inaco umugambwe uri ku butegetsi usaba ku neza y’imigambwe yose. Pascal Nyabenda asaba imigambwe yose gutangura kwitegurira amatora, umugwi CENI nawo gukora wigenga ataho wegamiye no gukosora utunenge twibonekeje mu matora yo mwaka w’2010.

Kw’ifoto
:Leonce Ngendakumana; arongoye urunani ADC-Ikibiri


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.