IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambwe itemewe yahamagariwe kuja hamwe yitegurire amatora

Imigambwe itemewe yahamagariwe kuja hamwe yitegurire amatora

jeudi 18 Kigarama 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard NDUWIMANA, amenyesha abanyeporitike bazoshaka kuja mu nani, ko nibabimenyesha ubushikiranganji arongoye, mu kiringo kitarenga indwi zibiri, bazoca batangura gukora ku mugaragaro.

Mu nama yagiranye n’abanyeporitike barongoye amashami y’imigambwe itemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana arongoye ubwo bushikiranganji yahagamariye abo banyeporitike kuja mu nani, kugira bashobore kwitegurira amatora yimirije mu mwaka w’2015.

Muri iyo nama yabaye kuri uwu wa kabiri, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yarahumurije abamaze gutanguza urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’abandi bose bazobishaka, abemerera ko ubushikiranganji arongoye butazobabera intambamyi. Edouard Nduwimana yababwiye ko nibabimenyesha ubushikiranganji arongoye, inyuma y’ikiringo kitarenga indwi zibiri bazoba batanguye gukora ata ntambamyi.

Iyo nama yabaye mu gihe abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi babandanya gusaba ko igikorwa c’ukwandika abazotora cosubirwamwo, kuko cabonetsemwo amakosa menshi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, iyo migambwe yaragabishije ko izokora ibishoboka vyose kugira isabe ko ukwandika abazotora mu 2015 vyosubirwamwo. Umushingamateka Karori Nditije, umwe mubaremesheje ico kiganiro, yamenyesheje ko biteguriye n’ukuja mw’ibarabara mu gihe ivyo iyo migambwe isaba bitotorerwa inyishu. Iyo migambwe isaba ibiganiro bihuza abegwa bose n’ikibazo c’amatora, kugira basuzumire hamwe ivyavuye mu gikorwa co kwandika abazotora. Iyo migambwe igasaba kandi ko umurwi CENI wotanga imihoho kuko bimaze kuboneka ko ukora utigenga.


Egide Nduwimana

Messages

  • ahubwo bibakisubiremwo ico candiko bareke kuvyirengagiza

  • UKORA IKIBI UKAGISANGA IMBERE !!!ARI UMURYANGO ARI WEWE NTA VISA NTA BUHUNGIRO ..EWE ALICE UGOWE MUGABO NAWE UMEZE NKA MUGABO WAWE..UKORA IKIBI KIKAKWAMA INYUMA ..URABA WUMVA BIRENGE ..!!!!

  • Nitwakomeza kurwiza abantu bashaka Ko ibintu bigendaneza mugihugu nkuyumushikiranganji wintaro yohagati mugihugu dufise unomusi mu Burundi ntakibuza ingihugu kizokomeza guterimbere.

  • @igihe reka gerageze kusubira kwandika ?ariko jewe sinarinatukanye??uwomugabo bona aho kwifoto hejuru namenye icashizwe kuko siwe abwira abanyepolitique ocobakora ??siwe yize,amategeko wenyene??bonyene barazi aho baca??hari nabataguye politique ataravuka ,nihamwe atagira indero??kubona yarumunyeshure wa nditije ,bagayimpenda ubu akabAbwira ko ariwe azi ahoboca kugira bitoze!!!!! Aragerageza atagekaragamuntu kubanyagihugu kuko biramaramaje kubona atwara ubushikiragaji bwintwaro yohagati,mugihugu abanyagihugu tukasaga ntibafise karagamuntu!!!!!!!akacabanya avuga???ntamaramare ??ndiwe narikuca ntangimihoho

  • AHUBWO MUTAMA NA MSD ISIGA RABA INGENE WO YIHIMBURA MWOKABIRI NAYONYENE IPARANGA NKIYINDI

  • @Dudu,
    T’es pitoyable. Tu fais les yeux doux a l,opposition, mais c’est trop tard. Le mal est fait; il faut assumer.
    Prosper de la CENI commence deja a paniquer et a accuser nommement ton administration. Ecoute RFI.
    A la reunion de ce lundi, nous irons au fond de ta fraude averée. Les elections c,est une affaire des citoyens et non votre propriete privee. Nous poserons trois conditions non negociables:
    a) annulation de l’enrolement electoral
    b) Une CENI paritaire: Majorite-Opposition.
    c) demission du ministre de l,interieur
    Sinon, nous forcerons le changement.
    Bon week-end.

  • Nibareke Guta I gihugu mungorane landi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.