IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Imirwi y’abanyororo izogirirwa ikigongwe yamenyekanye

Imirwi y’abanyororo izogirirwa ikigongwe yamenyekanye

mardi 8 Mukakaro 2014

Ikibanza kizubakwamwo sentare nkuru y’igihugu isubiramwo imanza mu ntara ya Bururi kija caramaze gutegekanywa, nk’uko bivugwa n’umuhanuzi wa buramatari muri iyo ntara.

Iyo sentare nkuru y’igihugu isubiramwo imanza ikaba izofasha intara zigera kuri zitatu, arizo Rutana Bururi na Makamba. Imanza bikavugwa ko zigiye kunyaruka nayo amadosiye atari make, akava mu nzira vuba, mu gihe sentare nkuru y’intara ya Bururi yabaye iya kabiri ku rwego rw’igihugu, mu guca imanza nyinshi, mu mezi atandatu ya mbere y’umwakaw’2014. Mukamenya ko muri iyo ntara abanyororo barindiriye ikigongwe catanzwe n’umukuru w’igihugu, aho bavuga ko bipfuza n’ukumenya ivyafatiweko mu kuronka ikigongwe.

Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye akavuga ko abazogirirwa ikigongwe ari abamaze gucibwa umunyororo w’imyaka iri munsi y’itanu, abakenyezi bonsa, abakenyezi bibungenze n’abana batarakwiza imyaka y’ugupfungwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.