Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi ya Vital’O na Athletico yiteguriye abashitsi : Uko amatike (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi ya Vital’O na Athletico yiteguriye abashitsi : Uko amatike (...)

Imirwi ya Vital’O na Athletico yiteguriye abashitsi : Uko amatike azogurwa

vendredi 26 Ruhuhuma 2016, par egide

Kuri uwu wa gatandatu no kuw’Imana, imirwi ya Athletico Olympic na Vital’O FC izokwakira i Bujumbura imirwi ya Fomboni wo Comores hamwe na Lioli FC yo muri Lesotho. Umurwi wa Vital’O ufise amahirwe y’amanota atatu watahukanye mu rukino rwa mbere.

Urukino rw’aho bukera kuwa gatandatu, Athletico Olympic izokwakira Fomboni FC, i Bujumbura kw’isaha icenda, ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kikazoba cuguruwe kuva isaha zitandatu z’umurango. Mu rukino rwa mbere, Athletico Olympic yatsinzwe na Fomboni FC igitsindo kimwe ku busa.

Amatike y’ukwinjira azogurishirizwa ku kigo citiriwe imico n’akaranga (Palais des Arts et de la Culture), akazogurishwa uku gukurikira :

Ku nkengera z’ikibuga (Pourtour) : 2000 Frs

Ubwugamo A na D : 15000 Frs

Ubwugamo B na C : 20000 Frs

Ubwugamo bw’iteka (Tribune d’Honneur) : 40000 Frs

Ku munsi w’Imana naho, umurwi wa Vital’O uzoba wakira umurwi wa Lioli FC wo muri Lesotho. Mu rukino rwa mbere, Vital’O yatsinze bibiri kuri kimwe ca Lioli FC.
Amatike akazogurishwa uku gukurikira :

Ku nkengera z’ikibuga (Pourtour) : 2000 Frs, ku bayaguze kuva kuri uwu wa kane gushika kuwa gatandatu. Abazoyagura ku munsi w’Imana, umunsi w’urukino, bazoyagura ibihumbi bitatu, akaba ari mu ntumbero y’uguterera (gufata mu mugongo) uwo murwi wa Vital’O.

Ubwugamo A na D : 20000 frs (ku munsi w’urukino azoba ari 25000 frs

Ubwugamo B na C (V.I.P) : 40000 frs (ku munsi w’urukino azoba ari 50000 frs)

Ubwugamo bw’iteka (Hazokwinjira abahawe ubutumire bwaho gusa)


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.